Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 104 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mutima wanje, himbaza Uhoraho. Uhoraho, Mana yanje, ur’ ūhambaye cane; Wisakaye igitinyiro n’icubahiro.

2 Wifubika umuco nk’umwambaro; Ugaranzura ijuru nk’ihema.

3 Ushinga inkingi z’insenge zawe mu mazi; Uhindura ibicu umukogote ugenderamwo; Ugendera ku mababa y’umuyaga.

4 Uhindura abamarayika bawe imiyaga, Abasavyi bawe ubahindura umuriro waka.

5 Washizeh’ amatanguriro y’isi, Ngo yoye kuzonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira.

6 Wayoroshe ikiyaga nk’impuzu, Amazi areremba hejuru y’ imisozi miremire.

7 Ahungishwa no gukankamira kwawe, Yirukishwa no guhinda kw’ inkuba yawe,

8 Aca ku misozi, amanukana imyonga, Ashika mu kibanza wayagereye.

9 Wayakubitiye ibango ngo yoye kurirēngāna, Kugira ngo ntagaruke, akarengera isi.

10 Urungika amariba mu myonga, Imigezi itemba hagati y’ imisozi;

11 Ishokwa n’ibikōko vyose vyo mw ishamba, Indogoba z’inyeshamba zishira inyota.

12 Inyoni n’ibisīga vyo mu kirēre biba kur’ iyo migezi, Bijwiragirira mu mashami.

13 Imisozi uyirekurirakw imvura ivuye ku nsenge zawe, Isi ihāzwa n’ibivuye mu bikorwa vyawe.

14 Umereza inka ubgatsi, Umeza imboga zo kugaburira abantu, Kugira ng’ ubakūrire umutsima mw ivu,

15 Na vino inezereza imitima y’abantu, N’amavuta yo kuyagayagisha mu maso habo, Kandi ng’ umutsima uhe imitima y’abantu amagara.

16 Ibiti vy’Uhoraho birahāga, Ibiti vy’amasederi vy’i Lebanoni yateye;

17 Ivyo inyoni n’ibisīga vyārikakw ivyāri: Agasoza gafise inzu yako ku biti vy’akajwari.

18 Imisozi miremire n’iy’ impene z’inyeshamba, Ibitandara n’ubuhungiro bg’ inkezi.

19 Washireyeh’ ukwezi kumenyekanisha ibihe: Izuba rirazi iyo rirengera.

20 Uzana umwiza, hakaba ijoro: Ni ho ibikōko vyose vyo mu kibira bisokoroka bisōbōka.

21 Imigunza y’intambge iroherana igomba ico yofata; Ku Mana ni ho ironderera ivyo kurya vyayo.

22 Izuba ryarasa, zikīgīra, Zikaryama mu masenga yazo.

23 Abantu bagasohoka, bakaja ku bikorwa vyabo, No mu butame bgabo, bakageza ku mugoroba.

24 Uhoraho we, ereg’ ibikorwa vyawe n’ivy’ uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: Isi yuzuye ubutunzi bgawe.

25 Ehe kiriya kiyaga kinini cāgutse, Kirimw’ ibikwega inda hasi bitoharūrika, Ibikōko bito‐bito na binini‐binini.

26 Ni ho amāto agendera: Ni ho ingona iba, wayiremye ngo yikinemwo.

27 Ivyo vyose biguhanga amaso, Kugira ng’ ubigaburire ivyo kurya vyavyo igihe kigeze.

28 Bitororokanya ivyo ubihaye: Upfumbaturura igipfunsi cawe, bigahāga ivyiza.

29 Uhisha mu nyonga hawe, bigahinda agashitsi: Ubikūramw’ impwemu, bigaca bipfa, Bikīsubirira mu mukungugu wavyo.

30 Urungika impwemu yawe, bikaremwa; Uhindura isi, igasubira itōto.

31 Icubahiro c’Uhoraho ni cameh’ ibihe bidashira; Uhoraho n’anezererwe ibikorwa vyiwe:

32 Arāba isi, igahinda agashitsi; Akora ku misozi, igafumba umwotsi.

33 Nzokwama ndirimbira Uhoraho nkiriho, Nzokwama ndirimbira Imana yanje ishimwe ngihumeka.

34 Ivyo niyumvira biyiryohere: Nanje nzokwama nnezererwa Uhoraho.

35 Abanyavyaha ni bahone bashire mw isi: Ababi boye kubah’ ukundi. Mutima wanje, himbaza Uhoraho. Haleluya.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan