Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 102 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Gusenga kw’umunyamubabaro, iy’ umutima wiwe udendebukiwe, akajojera amaganya yiwe imbere y’Uhoraho.

1 Zirikana wumve ugusenga kwanje Uhoraho we, Ugutakamba kwanje kugushikeko.

2 Ntumpishe mu nyonga hawe ku musi w’umubabaro wanje, N’umbangire ugutwi; Ku musi ntakambako, unyishure vuba.

3 Kukw imisi yanje ishira nk’ umwotsi, Amagufa yanje yaka nk’umuriro.

4 Umutima wanje ukubiswe nk’ ubgatsi, urakabiranye: Kuko nibagira kurya igisa canje.

5 Ijwi ry’umuniho wanje ritumye Amagufa yanje amatana n’ inyama zanje.

6 Mmeze nk’inyanana yo mu bugaragwa, Mpindutse nk’igihuna co mu misaka.

7 Mba maso, mpindutse Nk’akanyoni kari konyene ku gatwe k’inzu.

8 Abansi banje barantuka umusi ukīra, Abandandamukiye bahinduye izina ryanje agatukisha.

9 Kuko ndya umunyota nk’ivyo kurya, Nsukiranya ivyo nnywa n’ amosozi,

10 Kubg’ ugushangashirwa kwawe n’uburake bgawe Kuko wanteruye, ukanta.

11 Imisi yanje imeze nk’igitūtu kirehutse: Kandi nkabiranye nk’ubgatsi.

12 Ariko wewe, Uhoraho, uzohangama ibihe bidashira, Icibutso cawe kizohorah’ ibihe vyose.

13 Uzohaguruka, ugirire imbabazi i Siyoni: Kukw igihe co kuhagirira ikigongwe gishitse, mber’ igihe cashizweho kirashitse.

14 Kukw abasavyi bawe bahimbarwa n’amabuye yaho, Umukungugu waho ubateye akagongwe.

15 Bizotuma amahanga yubaha izina ryawe, Uhoraho, N’abami bose bo mw isi bakubaha icubahiro cawe:

16 Kuk’ Uhoraho azoba asubiye kwubaka i Siyoni, Kand’ azoba abonekanye icubahiro c’ubgiza bgiwe:

17 Ashize umutima ku gusenga kw’abatagira shinge na rugero, Ntiyakēngereye ugusenga kwabo.

18 Ivyo bizokwandikirwa ab’ igihe kizoza; Ubgoko buzoremwa buzoshima Uhoraho.

19 Kukw azoba arungurutse hasi, ari hejuru, ahēra hiwe; Uhoraho arungurutse isi ari mw ijuru:

20 Kugira ngo yumve ukuniha kw’imbohe, Abohore abāgerewe gupfa;

21 Ngw abantu bamenyekanishe izina ry’Uhoraho i Siyoni, N’ishimwe ryiwe i Yerusalemu,

22 Amahanga n’ibihugu vy’abami Aho bazoshengerera gusaba Uhoraho.

23 Yaciriye intege zanje mu nzira; Yagabanije imisi yanje.

24 Ndavuga, nti Mana yanje, ntunkūreho ngicagatije imisi yanje; Imyaka yawe yamah’ ibihe vyose.

25 Mbere na mbere washizeh’ itanguriro ry’isi, Kand’ amajuru n’igikorwa c’ intoke zawe.

26 Ivyo bizoshira, ariko weho uzohoraho, Mber’ ivyo vyose bizosāza nk’impuzu, Uzobikūranya nk’impuzu, bikūranwe n’ibindi;

27 Ariko weho ur’ uko wamye, Imyaka y’ukubaho kwawe ntizogira iherezo.

28 Abana b’abasavyi bawe bazohora batsindaje, Uruvyaro rwabo ruzocimbatarizwa imbere yawe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan