Zaburi 100 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Zaburi y’ishimwe. 1 Yemwe abari mw isi yose, muvugirize Uhoraho impundu. 2 Musabe Uhoraho munezerewe: Muze mu nyonga ziwe muririmba. 3 Mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana: Ni we yaturemye, natwe tur’ abiwe, Tur’ abantu biwe, tur’ intama zo mu canya ciwe. 4 Mushike mu birimba vyiwe mushima, No mu nyubakwa ziwe muhimbaza; Mumukengurukire, mushemagize izina ryiwe. 5 Kuk’ Uhoraho ari mwiza, imbabazi ziwe zihorah’ ibihe bidashira, Kand’ ahora ar’ umwizigirwa no gushitsa ibihe vyose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi