Zaburi 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)IGITABO CA MBERE 1 Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, Adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, Aticarana n’abacokoranyi. 2 Arikw ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, Kand’ ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirak’ umutima ku murango no mw ijoro. 3 Azoba nk’igiti gitewe hafi y’ imigezi y’amazi, Cama igihe caco, Ibibabi vyaco ntivyuma: Ic’ azokora cose kizomubera ko. 4 Ababi ntibamera bartyo: Ariko baba nk’umuguruka utwarwa n’umuyaga. 5 Ni co gituma ababi batazoshobora guhagarara ku musi w’amateka, Cank’ abanyavyaha mw ikoraniro ry’abagororotsi. 6 Kuk’ Uhoraho azi inzira y’ abagororotsi, Arikw inzira y’abanyavyaha ijana mu mahonero. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi