Yoweli 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yoweli abūrira abantu igitero 1 Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje, ushitse hafi; 2 n’umusi w’umwiza n’umuzimagiza, n’umusi w’ibicu n’ibipfungu; nk’uk’ umutwenzi utambikira ku misozi, ni kw ihanga rihambaye kandi rikomeye ritumbutse. Ntihigeze kuboneka irimeze nka ryo, kandi no hanyuma nta rizobaho nk’iryo, uhereye none, ukageza kw iherezo ry’ibihe. 3 Umuriro ugenda urayigiza imbere yabo, kand’ inyuma yabo hasigara harāka ibirimi vyawo: imbere yabo igihugu kimeze nka rya tongo ryo muri Edeni, na ho inyuma yabo hasigara ar’ ubugaragwa bg’ibitongozi; eka nta wuzobakira. 4 Ishusho yabo isa n’iy’ amafarasi; kandi biruka nk’ abagendera ku mafarasi. 5 Kwiginagura kwabo, wumva umengo n’uguhinda kw’imikogote y’intambara ikwegwa n’amafarasi ku mpinga z’imisozi, kand’ umengo n’uguhinda kw’imbeya z’umuriro zitōngōra ibirararara; bameze nk’ ingabo z’inkomezi zitonze urugamba mu ntambara. 6 Kuza kwabo guca amahanga ivutu, yose arajonjogora mu maso. 7 Bīrasa nk’abahizi; būrira inzitiro z’amabuye nk’abagabo b’abarwanyi; umuntu wese aramiriza imbere yiwe, nta wizanguza. 8 Nta wuca ku wundi, umuntu wese aramiriza ah’atumbereye; bīroha mu macumu, nta kibahagarika. 9 Batera igisagara, bakarengera inzitiro z’ amabuye biruka, bakūrira amazu bakayītera imbere, bagaca mu madirisha nk’ibisuma. 10 Imbere yabo isi iratigita, n’ijuru rigahinda agashitsi; izuba rigacura umwiza bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zigaca zireka kwaka. 11 Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira? Yoweli ahanūra abantu ngo bihane 12 Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga; 13 imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw ar’ inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi. 14 Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu. 15 Ni muvugirize inzamba i Siyoni, mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose, habe ikoraniro ry’agahebuza, 16 mukoranye abantu, mweze ikoraniro, mwegeranye abatāma, mukoranye abana n’abakiri kw ibere; umukwe n’asohoke mu nzu yiwe, n’umugeni n’ave mu nkinga. 17 Abaherezi, ari bo basuku b’ Uhoraho, ni baririre hagati y’ikirimba c’inyubakwa n’igicaniro, bavuge, bati Hangaza abantu bawe, ewe Uhoraho, ntutange ishamvu yawe ngw ibe agatukisha, cank’ amahanga ngw ayiganze; n’iki kibavugisha mu mahanga, ngw Imana yabo iri hehe? Uhoraho agarukira abantu biwe 18 Maz’ Uhoraho agirira ishaka igihugu ciwe, agirira ikigongwe abantu biwe. 19 Uhoraho yishura abantu biwe, at’ Ehe ngira mbarungikire amasaka na vino n’amavuta ya elayo, maze muzota akabi: kandi sinzosubira kubahindura agatukisha mu mahanga. 20 Ariko ba bansi b’i burārūko nzobabashira kure, ndabahindire mu gihugu c’ikigatwa c’akāhebge, ab’ imbere mbasuke mu kiyaga c’i burasirazuba, ab’ inyuma mu c’i burengerazuba; kand’ umunuko wabo uzoduhuka, bo n’agacūku k’ibore ryabo na ko n’uko, kuko bākoze ibihambaye. 21 Ewe gihugu, nta co utinya, nezerwa, uhimbarwe, kuk’ Uhoraho yakoze ibihambaye. 22 Namwe bikōko vyo mw ishamba, nta co mutinya; kuk’ ubgatsi bgo mu bgeranyange bgongeye kumera, n’ibiti bisubiye kwama, n’imisukoni bo n’imizabibu bitengengeye. 23 Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’ agatāsi n’iy’ urushana nk’ubga mbere. 24 Imbuga zizokwuzurakw ingano, n’amāto azobōgabōga vino n’amavuta ya elayo. 25 Kandi nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zāraraye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta, ni zo za ngabo zanje nabagomoreye ngo zibatere. 26 Kandi muzorya, mute akabi, muhimbaze izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakoreye ibitangaza: kand’ abantu banje ntibazokwongera kumāramāra. 27 Nuko muzomenya yuko ndi hagati mu Bisirayeli, kandi ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ata yindi iriho; n’ukuri abantu banje ntibazokwongera kumāramāra. Yoweli avugishwa ivy’ ukuzoza kwa Mpwemu Yera 28 Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe. 29 Kandi n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’ iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje. 30 Nzoshira utwumiza mw ijuru no mw isi: amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi. 31 Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho. 32 Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa: kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba agakiza, nk’uk’ Uhoraho yavuze, kandi mu masigarira hazobamw’ abo Uhoraho azoba ahamagaye. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi