Yoweli 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yoweli arizwa n’ikīza c’inzige 1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yoweli mwene Petuweli. 2 Ati Ni mwumve ibi, yemwe batāma, kandi mutege amatwi, namwe ababa mu gihugu mwese! Mbega har’ ibimeze nk’ibi vyigeze kubaho mu bihe vyanyu, canke mu bihe vya ba sogokuruza? 3 Mubidondere abana banyu, na bo baze babidondere abana babo, abana babo na bo baze babidondere abuzukuruza. 4 Imiranga y’inzige zikegeta yariwe n’izāraraye; imiranga y’izāraraye yariwe n’izitaragurika; imiranga y’izitaragurika yariwe n’iziyigiza. 5 Ni mwikangure, yemwe mborerwa, murire; namwe abakāmīra vino, muboroge, muririre vino ziryoshe, kuko zikūwe mu kanwa kanyu. 6 Kukw ihanga rikomeye kandi ry’isinzi riteye igihugu canje; amenyo yabo ni nk’imikāka y’intambge, kandi bafise amajigo nk’ay’ intambge y’ingore. 7 Bononye umuzabibu wanje, kand’ umusukoni wanje barawuvunnye, barawushishuye rwose, bawutsinda hasi; amashami yawo asigaye ar’ igihororo c’imitonore. 8 Boroga nk’inkumi ikenyeye amagunira iririra uwar’ ayikoye. 9 Amafu y’amashikanwa n’ibiturire vyabuze mu ngoro y’Uhoraho; abaherezi, ari bo basuku b’Uhoraho, basigaye baganya. 10 Imirima irononekaye, n’igihugu kiraganya; kukw amasaka yononekaye, na vino z’umubira zikamye akagīrīre, kand’ amavuta ya elayo na yo aherengeteye. 11 Ni mujorerwe, yemwe barimyi, namwe abarimyi b’uruzabibu, ni muboroge, muririre ingano na sayiri; kukw ivyimburwa vyo mu ndimiro bibuze. 12 Umuzabibu urakabiranye, umusukoni urahondobereye; umukomamanga bo n’ikigazi n’umucungwa, mbere n’ibiti vyose vyo mu ndimiro birakabiranye: kuk’ umunezero uherengeteye mu bantu. Yoweli agīra abaherezi inama y’ukwihana 13 Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu. 14 Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho. 15 Ewe wa musi mubi! Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose. 16 Mbeg’ ivyo kurya ntivyavumbuwe twirorērera? Mbere n’umunezero n’ibihimbaro ntivyakūwe mu ngoro y’Imana yacu? 17 Imbuto zumiye mu masīze; ibigega birasivye, n’ivya nyamugari birasambuwe; kukw amasaka arumbiranye. 18 Ewe kuntu amatungo yābagirana! Amasho y’inka aragangaraye, kukw ahebuye ubgatsi; mbere n’imikuku y’intama iragowe. 19 Ewe Uhoraho, ni wewe ntakambiye: kuk’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange, kand’ ibirimi vyawo vyaturiye ibiti vyose vyo ku misozi. 20 Mbere n’ibikōko vyo mw ishamba bihuzagirika ari wewe bitumbereye: kukw imigezi yakamye, kand’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi