Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yosuwa 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uko banesheje Hayi

1 Uhoraho abarira Yosuwa, ati Ntutinye, kandi nturanduke umutima; jana ingabo zose, uhaguruke, utere i Hayi: rāba, ngabuye umwami waho mu maboko yawe, bo n’abantu biwe n’igisagara ciwe n’igihugu ciwe.

2 Kand’ uz’ ugire Hayi n’umwami waho nk’uko wagiriye Yeriko n’umwami waho; mugabo ivyo muzosahura vyose n’inka zaho, muze muvyitwarire bibe iminyago yanyu. Kandi muze muce igico hirya y’ ico gisagara.

3 Nuko Yosuwa arahaguruka, bo n’ingabo zose, ngo baje gutera i Hayi: maz’ atoranya abantu ibihumbi mirongwitatu b’abahizi, abarungika mw ijoro.

4 Arababarira, ati Murumva: muje kubunda hirya y’ico gisagara; ntimukije kure cane, kandi mwese mube mwiteguye.

5 Nanje n’ abantu turi kumwe bose tuzokwēgereza igisagara: maze ni badushwabadukira nk’ubga mbere, tuzoca twīgira nk’ababahunze;

6 na bo bazoca badukurikira, tubahende, tubavane hafi y’igisagara, bagire ngo turabahunze nk’ubga mbere. Uko ni ko tuzogenda dusa n’ababahunga.

7 Maze namwe muze muheze muvyuke aho mubunze mu gico, mutere ico gisagara, kuk’ Uhoraho Imana yanyu azoba akigabuye mu maboko yanyu.

8 Maze ni mwamara kukivyagira, muze mugiturire, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze. N’ivyo, ivyo mbageze.

9 Nuko Yosuwa arabarungika; baja aho baja kubunda, baguma hagati ya Beteli na Hayi, ahahera i burengerazuba bga Hayi; ariko Yosuwa we, iryo joro arāra mu ngabo.

10 Yosuwa ahenga kare mu gatondo akoranya ingabo, adūgana n’abakuru b’Abisirayeli, azigiye imbere, baja i Hayi.

11 Izo ngabo zose zari kumwe na we ziradūga, zishika hafi y’ico gisagara aharābana na co, zisagaza ku ruhande rwaco rw’i burārūko; kandi hār’ umwonga hagati yabo n’i Hayi.

12 Maz’ atoranya abantu nk’ibihumbi bitanu, abarungika kuja kubunda hagati y’i Beteli n’i Hayi, i burengerazuba bg’ico gisagara.

13 Uko ni ko bāciye abantu intēko: itsitsi ry’ingabo risigara i burārūko bg’ico gisagara, abagiye kubunda bakaja i burengerazuba bgaco; ariko Yosuwa we, iryo joro arāra mur’ uwo mwonga.

14 Maz’ umwami w’i Hayi abibonye, akorokana kare n’abo mur’ ico gisagara, bihutira gushwabadukira Abisirayeli, umwami n’ abantu biwe bose, ngo babasange ku kamanuko kaja mu kiyaya, babasōbōre; ariko ntiyar’ azi ko har’ abābunze hirya y’ico gisagara.

15 Yosuwa n’Abisirayeli bose bīgira nk’abaneshejwe imbere yabo, bahunga bajanye inzira ija mu bugaragwa.

16 Uko ni kw abo mur’ ico gisagara bose bāciye bīvuta ngo babakōndōrere inyuma; kandi bakiriko barakōndōrera inyuma ya Yosuwa, arabahenda, abavana hafi y’ico gisagara.

17 Ntihasigara umugabo n’umwe i Hayi cank’ i Beteli, ataje kwirukana Abisirayeli; basiga igisagara cuguruwe, babakōndōrera inyuma.

18 Maz’ Uhoraho abarira Yosuwa, ati Tunga i Hayi iryo cumu witwaje, kuko ngira ndahagabure mu maboko yawe. Nuko Yosuwa atunga icumu yitwaje kur’ ico gisagara.

19 Agitunga ukuboko, abāri babunze baca bavyuka ako kanya aho bāri baryamye, bītera mu gisagara, barakivyagira, bihūtira kugiha impumbi.

20 Ab’ i Hayi bagize ngo barasubiza amaso inyuma, babona imyotsi y’ico gisagara idūze intumbgejuru, bituma bananirwa guhunga, babura epfo na ruguru; maze ba bandi bāri bīgize nk’abahungira mu bugaragwa barabahindukirana.

21 Nuko Yosuwa n’Abisirayeli bose babonye kw abāri bīcīye igico bavyagiye ico gisagara, kandi kw imyotsi yaco ipfūndūka, bahindukirana ab’ i Hayi, bagenda barabica.

22 Ba bandi na bo bava mu gisagara, babata hagati, babaturuka hirya no hino; ntihagira n’umwe abajana, canke ngw acike kw icumu.

23 Umwami w’i Hayi bamufata mpiri, bamuzanira Yosuwa.

24 Maz’ Abisirayeli bahejeje kwicira ab’ i Hayi mu gahinga no mu bugaragwa aho bāri babirukaniye, basize ar’ imihindigiti bishwe n’ inkota iyo bava bakagera, bose basubira i Hayi, bahatōngōza inkota.

25 Nukw abantu b’i Hayi iyo bava bakagera, abishwe uwo musi nyene, abagabo n’abagore, bar’ ibihumbi cumi na bibiri.

26 Kandi Yosuwa ntiyagarura ukuboko yari yatungishije icumu, gushitsa aherengeteje kugeseza ab’i Hayi bose.

27 Mugabo, inka n’ivyo basahuye vyo mur’ ico gisagara, ni vyo Abisirayeli bitwariye ngo bibe iminyago yabo, nk’uk’ Uhoraho yari yarageze Yosuwa.

28 Uko ni ko Yosuwa yaturiye Hayi, ahahindura ikigūngūzi c’amasakamburira gushitsa ibihe vyose; hasigara ar’ amatongo kugeza na bugingo n’ubu.

29 Na we umwami w’i Hayi amumanika ku giti gushitsa ku mugoroba; maze ku kirengazuba Yosuwa abarira abamanura umuvyimba wiwe ku giti, bawuterera imbere y’irembo ry’igisagara, bawurundakw ikirundo kinini c’amabuye; kiracariho na bugingo n’ubu.


Yosuwa yandika ivyagezwe ku mabuye, abisomera abantu

30 Maze Yosuwa yubakira Uhoraho Imana y’Abisirayeli igicaniro ku musozi Ebalu,

31 nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yabariye Abisirayeli, nk’uko vyanditswe mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose, igicaniro c’amabuye atabājwe, atigeze gukozwakw icuma; bagitangirakw ibimazi boshereje Uhoraho, batanga n’ibimazi vy’ ishimwe.

32 Maze yandikira imbere y’Abisirayeli ivyagezwe vya Mose ku mabuye, nk’uko Mose yari yaravyanditse.

33 Abisirayeli bose n’abakuru babo n’abashingantahe n’abacamanza bahagarara imbere y’Abalewi barerura isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bamwe ku ruhande rumwe rw’iyo sandugu, abandi ku rundi: s’ab’ imvukira gusa, ariko n’abanyamahanga na bo; igihimba kimwe cari gihagaze ku ruhande rw’umusozi Gerizimu, ikindi ku ruhande rw’ umusozi Ebalu, nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yababariye ubga mbere, uko bizogenzwa mu guhezagira Abisirayeli.

34 Hanyuma asoma amajambo yose y’ivyagezwe, imihezagiro n’imivumo, nk’ uko vyari vyaranditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe.

35 Nta jambo na rimwe mu yo Mose yageze yose, Yosuwa atāsomeye imbere y’ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, hamwe n’abagore n’abana n’abanyamahanga bāgendana na bo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan