Yosuwa 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Icaha ca Akani 1 Arikw Abisirayeli bacumura mu vyagizwe inyegu y’Uhoraho; Akani mwene Karami, Karami wa Zabudi, Zabudi wa Zerahi, wo mu muryango wa Yuda, ni we yasotōye ku vyagizwe inyegu; maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli. 2 Yosuwa atuma abantu bava i Yeriko ngo baje i Hayi; hari hafi y’i Betaveni, ku ruhande rw’i Beteli rw’i burasirazuba; arababarira, ati Ni mudūge, muje gutata ico gihugu. Nukw abo bantu baradūga, baja gutata Hayi. 3 Bagaruka aho Yosuwa ari, baramubgira, bat’ Abantu bose ntibarinde kudūgayo; ni hagende nk’ibihumbi bibiri canke bitatu, babe ari bo bahatera. Ntiwirirwe ugorera abantu bose ubusa ngo badūgeyo, kukw abaho ari bake. 4 Nuko mu bantu havamwo nk’ibihumbi bitatu, badūgayo: arikw abantu b’i Hayi barabirukana. 5 Ab’i Hayi babīcamw’ abantu nka mirongwitatu na batandatu, barabakinagiza, babahanuye kw irembo ry’igisagara babashitsa i Shebarimu, bagenda barabīcira ku mumanuko. Maz’ imitima y’abantu ishongera mu nda zabo, icika nk’amazi; 6 Yosuwa na we yitantamurirakw impuzu ziwe, yitembagaza imbere y’isandugu y’Uhoraho ashitsa ku mugoroba, bo n’abakuru b’Abisirayeli, bīsūrirakw imikungugu ku mitwe. 7 Yosuwa aravuga, ati Yoo! Ewe Mwami Uhoraho! N’ iki catumye ujabutsa aba bantu Yorodani, kugira ng’ utugabure mu maboko y’Abamori ngo batugeseze? Ereg’ iyo tuba twapfumye tuguma hakurya ya Yorodani! 8 None ga Mwami, ndacavuga iki, kw Abisirayeli babinjitse ibitugu imbere y’abansi babo? 9 Kukw Abanyakanani n’abari mu gihugu bose bazovyumva, bāze batuzingazinge, bazimirize izina ryacu mw isi: non’ izina ryawe rikomeye uzorirwanira ngw iki? 10 Maz’ Uhoraho abarira Yosuwa, ati Va hasi: n’iki gitumye witembagaza hasi? 11 Ereg’ Abisirayeli bacumuye, kuko baciye mw isezerano ryanje nari nabageze kwitondera, bagasotōra ku vyagizwe inyegu yanje, bakavyiba, bagatako bakabirenzako, mbere bakabisukiranya n’ibintu vyabo. 12 Ico ni co gitumye Abisirayeli badashobora guhagarara imbere y’abansi babo, bakabinjika ibitugu imbere yabo, kuko bahindutse ibivume. Mbere sinzokwongera kubana namwe shiti mukūye ivyagizwe inyegu yanje muri mwebge. 13 Va hasi, ubgire abantu biyeze, ut’ Umusi w’ejo uz’ ushike mwiyejeje, uti Ni we nyene abivuze, Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ngo Yemwe Bisirayeli, muri mwebge harih’ ivyagizwe inyegu yiwe; uti Ntimugishobora guhagarara imbere y’abansi banyu gushitsa mubikūye muri mwebge. 14 Nuko mu gitondo muze mukorane, umuryango umwe‐umwe ukwawo, maz’ umuryango nzokwerekana, jewe Uhoraho, uz’ ukorane, inzu imwe‐imwe ukwayo; maz’ inzu nzokwerekana, jewe Uhoraho, iz’ ikorane, nyen’ irembo umwe‐umwe ukwiwe; maz’ urugo nzokwerekana, jewe Uhoraho, baze bakorane, umugabo umwe‐umwe ukwiwe. 15 Maz’ ūzofatanwa ivyagizwe inyegu yanje azoturiranwa n’ivyiwe vyose, kuko yishe isezerano ryanje, jewe Uhoraho, agakora ikizira mu Bisirayeli. Akani afashwe, bamwicisha amabuye 16 Nuko Yosuwa azinduka kare mu gatondo, ahamagaza Abisirayeli, umuryango umwe‐umwe ukwawo; umuryango wa Yuda urafatwa. 17 Ahamagaza amazu ya ba Yuda, inzu ya ba Zerahi irafatwa; ahamagaza ab’ inzu ya Zerahi, ben’ amarembo umwe‐umwe, Zabudi arafatwa. 18 Ahamagaza abo mu rugo rwiwe, umugabo umwe‐umwe; hafatwa Akani mwene Karami, umwuzukuru wa Zabudi, Zabudi mwene Zerahi, wo mu muryango wa Yuda. 19 Maze Yosuwa abarira Akani, ati Mwana wanje, enda ni wubahe Uhoraho Imana y’Abisirayeli, uyishire hejuru; mbarira ico wakoze, ntumpishe. 20 Akani yishura Yosuwa, ati N’ivy’ ukuri nacumuye k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli; kand’ uko vyagenze n’uku: 21 nabonye mw isahu umwambaro mwiza uvuye i Shinari, na shekeli z’ifeza amajana abiri, n’ikigabane c’izahabu kirivye shekeli mirongwitanu; ndaheza ndavyifuza, ndabitwara; kandi bizītse mu kuzimu mw ihema ryanje, n’ifeza ziri musi yavyo. 22 Maze Yosuwa atuma abantu, bagenda biruka, bitera mw ihema; basanga binyegejwe mw ihema ryiwe, n’ifeza ziri musi yavyo. 23 Babikūrayo, babizanira Yosuwa n’Abisirayeli bose, babirambika ngaho imbere y’Uhoraho. 24 Nuko Yosuwa n’Abisirayeli bose bafata Akani wo mu ba Zerahi, bamujanana na za feza na wa mwambaro na ca kigabane c’izahabu, bo n’abahungu biwe n’abakobga biwe n’inka ziwe n’indogoba ziwe n’intama ziwe n’ihema ryiwe n’ ivyo yar’ afise vyose, babidūgana mu kiyaya c’i Akori. 25 Maze Yosuwa aravuga, ati N’iki catumye udutēza amagorwa? Nawe uyu musi Uhoraho aragutera amagorwa. Maz’ Abisirayeli bose bamutera amabuye; babicisha amabuye, barabaturira. 26 Baraheza bamurundakw ikirundo kinini c’ amabuye: kiracariho na bugingo n’ubu. Maz’ Uhoraho arigarura, uburake bgiwe bg’inkazi burahwama. Ni co catumye izina ry’ aho hantu hitwa Ikiyaya Akori na bugingo n’ubu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi