Yosuwa 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ingene banesheje Yeriko 1 Kand’ i Yeriko bari biyugaranye bahadadiye kubgo gutinya Abisirayeli; nta warenga irembo, kandi nta washika imbere. 2 Uhoraho abarira Yosuwa, ati Rāba, ngabuye i Yeriko mu maboko yawe, bo n’umwami waho n’abahizi baho b’ibishirīra. 3 Muze muzenguke ico gisagara, mwese ab’ ingabo, mukizenguke rimwe‐rimwe ku musi kumara imisi itandatu. 4 Kand’ abaherezi ndwi baze bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu; maze ku musi ugira indwi muze muzenguke ico gisagara ibihetangabo ndwi; kand’ abo baherezi baze bagende baravuza izo nzamba. 5 Maz’ ayo mahembe y’impfizi z’intama ni bayavuza ijwi rirandiriye, mukumva ijwi ryayo, abantu bose bace bīha akāmo icarimwe: maz’ uruzitiro rw’amabuye rw’ico gisagara ruzoca ruhomvokera hasi, abantu bose bace barengagira, umuntu wese aho yar’ atumbereye. 6 Nuko Yosuwa mwene Nuni ahamagaza abaherezi, arababarira, ati Ni murerure isandugu y’isezerano, maz’ abandi baherezi ndwi bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu y’Uhoraho. 7 Maz’ abarira abantu, ati Ni mushireko, mugende, muzenguke ico gisagara; abafise ibirwanishwa abe ari bo baja imbere y’isandugu y’Uhoraho. 8 Nuko Yosuwa amaze kubarira abantu, ba baherezi ndwi bashirako baragenda, batwaye za nzamba ndwi, bar’ imbere y’Uhoraho, bagenda barazivuza; isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ibaja inyuma. 9 Abītwaje ibirwanishwa baja imbere ya ba baherezi bagenda baravuza inzamba, inyuma haza abīmirije ya sandugu, za nzamba bakiriko barazivuza. 10 Ariko Yosuwa abarira abantu, ati Ntimuze muvuze akāmo, canke ngw ijwi ryanyu ryumvikane, canke ngo hagire ijambo na rimwe riva mu kanwa kanyu, gushitsa ku musi nzobabaririra kwitera hejuru: ni ho muzoca mwiha akāmo. 11 Nukw atuma iyo sandugu y’Uhoraho izenguka ico gisagara, ikakizenguka rimwe; bagaheza bagasubira aho bashagaje, bakarāra ngaho. 12 Bukeye Yosuwa azinduka mu gatondo kare, abaherezi barerura isandugu y’Uhoraho. 13 Maze ba baherezi ndwi batwaye za nzamba ndwi, baja imbere y’isandugu y’Uhoraho, bakomeza kugenda barazivuza; abītwaje ibirwanishwa baja imbere yabo, inyuma haza abīmirije ya sandugu y’Uhoraho, za nzamba bakiriko barazivuza. 14 Kur’ uwo musi ugira kabiri bazenguka ico gisagara rimwe nyene, basubira aho bashagaje. Uko ni ko bāgenjeje kumara imisi itandatu. 15 Maze ku musi ugira indwi, bazinduka mu gaturuturu, bazenguka ico gisagara nk’uko bahora, bashitsa ibihetangabo ndwi: kur’ uwo musi gusa ni ho bākizengutse gushikana indwi. 16 Maze ku muzenguko ugira indwi, ba baherezi bakiriko baravuza za nzamba, Yosuwa abarira abantu, ati Ni mwihe akāmo, kuk’ Uhoraho abahaye iki gisagara. 17 Ati Kand’ igisagara n’ibiri muri co vyose bicitse inyegu y’Uhoraho; mugabo Rahabu, umwe maraya, abe ari we arokoka, bo n’abari mu nzu yiwe bose, kuko yanyegeje za ntumwa twatuma. 18 Ariko mwebge muzire akaziri ntimugire ico mukorako mu vyabaye inyegu y’ Uhoraho; kuko ni mwavyifuza, mukabikorako, muzoba muzaniye umuvumo n’ivyago Abisirayeli aho mushagaje. 19 Arikw amafeza yose n’amazahabu n’ibintu vyose vyo mu miringa n’ivyo mu vyuma bibaye ivyera vy’Uhoraho: bizoja mu bushinguro bgiwe. 20 Nuko za nzamba zivuze, abantu biha akāmo: mbere bacumva ijwi ryazo, baciye biha akāmo icarimwe, inzitiro zica zihomvokera hasi, abantu baca bararengagira, bītera mu gisagara, umuntu wese aho yar’ atumbereye, barakinesha. 21 Bageseza ivyari mur’ ico gisagara vyose, bicisha inkota abagabo n’abagore, abato n’abashaje, n’inka n’intama n’indogoba. 22 Maze Yosuwa abarira ba bantu babiri bāja gutata igihugu, ati Ni mwinjire mu nzu ya wa mugore maraya, mumusohorane n’ab’ afise bose, nk’uko mwamurahiye. 23 Nukw iyo misore yagiye gutata igihugu irinjira, isohokana Rahabu na se na nyina na basaza be n’abo bafise bose; bajana umuryango wiwe wose, babashikana inyuma y’ah’ Abisirayeli bashagaje. 24 Igisagara bagitōngōza umuriro, n’ivyari muri co vyose; arikw amafeza n’amazahabu n’ibintu vyo mu miringa n’ivyo mu vyuma, ni vyo bashize mu bushinguro bgo mu ngoro y’Uhoraho. 25 Nuko Yosuwa arokora Rahabu umwe maraya, n’inzu ya se, n’abo yar’ afise bose; aba mu Bisirayeli gushitsa na bugingo n’ubu, kuko yanyegeje za ntumwa Yosuwa yatumye i Yeriko kuhatata. 26 Ico gihe Yosuwa aca amahani abantu, aravuga, ati Ni hagira umuntu ahaguruka, akazokwubaka iki gisagara c’i Yeriko, aravumwe imbere y’Uhoraho. Igihe azokwubaka itanguriro ryaho azobura umwana wiwe w’imfura, kand’ igihe azotera ibikingi vy’amarembo yaho azobura umwana wiwe w’ umuhererezi. 27 Nuk’ Uhoraho yabana na Yosuwa; aba rurangiranwa mur’ ico gihugu cose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi