Yosuwa 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ukw abantu bākebge i Gilugali 1 Maz’ abami bose b’Abamori bāba hakuno ya Yorodani mu ruhande rw’i burengerazuba, n’ abami bose b’Abanyakanani bāba ku kiyaga, bumvise ingen’ Uhoraho yakamirije amazi ya Yorodani imbere y’Abisirayeli kugeza bahejeje kujabuka, imitima yabo ibavamwo, ntihāba hakigira ūfise umutima mu nda kubg’ Abisirayeli. 2 Ico gihe Uhoraho abarira Yosuwa, ati Wisaturire amabuye akarishe bga mbugita, usubizeh’ ugukebga mu Bisirayeli ubga kabiri. 3 Yosuwa asatuza amabuye akarishe bga mbugita, akebeshereza Abisirayeli ku musozi Araloti. 4 Inyanduruko Yosuwa abakebesha n’iyi: n’ukw abagabo bose b’abahizi bari bavuye muri Egiputa bari baraguye mu nzira, mu bugaragwa, bamaze kuva muri Egiputa; 5 kukw abantu bose bavuyeyo bari barakebge, arikw abāvukiye mu nzira bose mu bugaragwa, bamaze kuva muri Egiputa, bo ntibaribgakebge; 6 kukw Abisirayeli bari bamaze imyaka mirongwine bagendagenda mu bugaragwa, kugeza ah’ abahizi bose b’iryo hanga bavuye muri Egiputa bāherengetereye, kuko batumviye Uhoraho. Kand’ Uhoraho yari yarabarahiye kw atazokunda ko babona igihugu yarahiye ba sekuruza babo kw azokibaha, ni co gihugu gitemba amata n’ubūki. 7 Abana babo, abo yashubije mu kirenge cabo, ni bo Yosuwa yakebesheje, kuko bataribgakebge; inyanduruko n’uko batākebewe mu nzira. 8 Nukw abantu bose bamaze kubakeba baguma ngaho nyene aho bari bashagaje, kugeza bakize. 9 Uhoraho abarira Yosuwa, at’ Uyu musi mbakūyekw agakēngērwe Abanyegiputa bābakēngereye, ndagatembagaje. Ni co catumye aho hantu hitwa Gilugali na bugingo n’ubu. 10 Nukw Abisirayeli bagishagaje i Gilugali barya ivya Pasika ku musi ugira icumi na kane w’ukwo kwezi, ku mugoroba, bari mu kiyaya c’i Yeriko. 11 Bukeye, umusi wa Pasika ushize, barya ivyeze mur’ ico gihugu, bacumba udutsima tutambiwe, barya n’ impeke zikaranze. 12 Maz’ uwo musi nyene bariye ku vyeze mur’ ico gihugu, manu ntiyongera kuboneka; Abisirayeli ntibongera kubona manu ukundi, arik’ uwo mwaka bakomeje kurya ivyeze mur’ ico gihugu c’i Kanani. Umugabisha w’ingabo z’Uhoraho 13 Maze Yosuwa ari hafi y’i Yeriko, agize ngw arunamura amaso, abona umuntu imbere yiwe, yāsokōye inkota, ayifashe mu ntoke. Yosuwa aramwēgēra, aramubaza, ati Mbeg’ ur’ ūje ku ruhande rwacu, canke ku rw’abansi bacu? 14 Aramwishura, at’ Ekāye: arikw ikinzanye ubu n’uko nd’ umugabisha w’ingabo z’Uhoraho. Maze Yosuwa arapfukama, arūnama, amuha icubahiro, aramubaza, ati Mugenzi, jewe umusavyi wawe non’ ico ugomba kumbarira n’iki? 15 Nuk’ uwo mugabisha w’ingabo z’Uhoraho yishura Yosuwa, ati Kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ ahēra. Nuko Yosuwa abigenza artyo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi