Yosuwa 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Batora amabuye muri Yorodani ngw abe icibutso 1 Iryo hanga ryose rimaze kujabuka Yorodani, Uhoraho abarira Yosuwa, 2 ati Musobanure ba bagabo cumi na babiri mu bantu, umwe‐umwe mu miryango yose, 3 mubabarire, muti Ni mutore amabuye cumi n’abiri ngaha nyene muri Yorodani, ah’ abaherezi bahagaze, muyajabukane muyarambike aho muja kurāra iri joro. 4 Nuko Yosuwa ahamagaza ba bagabo ukw ar’ icumi na babiri yarobanuye mu Bisirayeli, umwe‐umwe mu miryango yose; 5 arababarira, ati Ni muje imbere y’ isandugu y’Uhoraho Imana yanyu muri Yorodani, umuntu wese yāndūre ibuye, muyashire ku rutugu, nk’ukw igitigiri c’imiryango y’ Abisirayeli kingana; 6 kugira ngw az’ abe ikimenyamenya muri mwebge. Hanyuma mu bihe bizoza, abana banyu ni babaza, bat’ Aya mabuye yerekana iki? 7 muze mubishure, muti N’ukw amazi ya Yorodani yīmiriwe, akitandukaniriza imbere y’isandugu y’isezerano ry’ Uhoraho; mut’ Igihe yarikw irajabuka Yorodani, amazi yarwo yarīmiriwe; muti Kand’ aya mabuye yabereyeho kuba icibutso c’Abisirayeli gushitsa ibihe vyose. 8 Nukw abo bagabo b’Abisirayeli bakora nk’uko Yosuwa yababariye, bāndūra amabuye cumi n’abiri muri Yorodani, nk’uk’ Uhoraho yabariye Yosuwa, angana n’igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli; barayajabukana, bayashikana aho bagiye kurāra, bayaturaho. 9 Yosuwa na we ashinga amabuye cumi n’abiri nyene muri Yorodani, ah’ abaherezi bareruye isandugu y’ isezerano bahagaze: kandi ni ho akiri na bugingo n’ubu. 10 Kukw abo baherezi bareruye iyo sandugu bari bahagaze muri Yorodani, gushitsa ah’ ivyo Uhoraho yabariye Yosuwa kubgira abantu vyarangiriye vyose, bihwanye n’ivyo Mose yari yarabariye Yosuwa vyose: nuko ni kw abantu bihuse, barajabuka. 11 Maz’ abantu bose bamaze kujabuka, isandugu y’ Uhoraho irajabuka, ireruwe n’ abaherezi, abantu barorēra. 12 Kand’ Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango wa Manase ni bo bagiye imbere y’ abandi Bisirayeli mu kujabuka, bītwaje ibirwanishwa, nk’uko Mose yari yarababariye. 13 Ingabo zabo zari nk’ibihumbi mirongwine, zītwaje ibirwanishwa, ziteguye kurwana, zica imbere y’Uhoraho mu kiyaya c’i Yeriko. 14 Kur’ uwo musi Uhoraho akuza Yosuwa imbere y’Abisirayeli bose, baramwubaha imisi yose yamaze akiriho, nk’uko bubaha Mose. Amazi ya Yorodani asubira gutemba 15 Uhoraho abarira Yosuwa, 16 ati Barira abaherezi bareruye isandugu y’Ibishinga intahe bave muri Yorodani. 17 Nuko Yosuwa abarira abaherezi, ati Ni mudūge, muve muri Yorodani. 18 Maz’ abaherezi bareruye iyo sandugu y’ isezerano ry’Uhoraho bavuye muri Yorodani, bashitse i musozi, amazi ya Yorodani asubira gutemba aho yahora, arenga inkombe, nk’uko yar’ asanzwe. 19 Abantu bādūze bava muri Yorodani ku musi w’icumi w’ ukwezi kwa mbere, basagaza i Gilugali ku ruhande rw’i burasirazuba rw’i Yeriko. 20 Ya mabuye cumi n’abiri bakūye muri Yorodani Yosuwa ayashinga i Gilugali. 21 Maz’ abarira Abisirayeli, ati Mu bana banyu, ni hagira abazobaza ba se mu bihe bizoza, bat’ Aya mabuye n’ay’ iki? 22 muze mubabarire, muti N’ukw Abisirayeli bājabutse uru Yorodani nk’abaca ku musozi. 23 Ati Kuk’ Uhoraho Imana yanyu yakamije amazi yarwo imbere yanyu, kugeza muhejeje kujabuka, nk’uko yagize Ikiyaga Gitukura, igihe yagikamiriza imbere yacu kugeza duhejeje kujabuka; 24 kugira ngw amahanga yose yo mw isi amenye yuk’ ukuboko kw’Uhoraho gukomeye, batinye Uhoraho Imana yanyu ibihe vyose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi