Yosuwa 24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yosuwa yibutsa Abisirayeli ivyo Uhoraho yabakoreye 1 Maze Yosuwa akoraniriza imiryango yose y’Abisirayeli i Shekemu, ahamagaza abashingantahe b’Abisirayeli n’abakuru babo n’abacamanza babo n’abagabisha b’ingabo, bararenguka bahagarara imbere y’Imana. 2 Yosuwa abarira abantu bose, at’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ati Kera ba sogokuruza banyu bāba hakurya ya Efurate, nka Tera se wa Aburahamu na Nahori, bāsaba izindi mana. 3 Bukeye njana sogokuruza wanyu Aburahamu, ndamukūra hakurya y’urwo ruzi, mmugēndūza igihugu cose c’i Kanani, mmuha kurondoka; mmuha Isaka, 4 Isaka na we mmuha Yakobo na Esau; Esau mmuha umusozi Seyiri ngw awegukire, Yakobo na we amanukana n’uruvyaro rwiwe muri Egiputa. 5 Bukeye ntuma Mose na Aroni, nkubitisha Abanyegiputa ivyago narekuriye hagati muri bo. Hanyuma mbakūrayo, 6 nkūra ba sogokuruza banyu muri Egiputa, mbashikana ku kiyaga; maz’ Abanyegiputa baza babakurikiye, bari mu mikogote no ku mafarasi, babasanga ku Kiyaga Gitukura. 7 Maze bantakambiye jewe Uhoraho, nshira umwiza hagati yabo n’Abanyegiputa, ndaheza mbateranirizakw ikiyaga, kirabarengera. Kand’ amaso yanyu yiboneye ivyo nakoze muri Egiputa; maze mumara igihe kirekire mu bugaragwa. 8 Hanyuma mbashikana mu gihugu c’Abamori bo hakurya ya Yorodani, barwana namwe; maze mbagabura mu maboko yanyu, mwegukira igihugu cabo; ndaheza ndabarandura, baherengetera imbere yanyu. 9 Bukeye Balaki mwene Sipori umwami w’i Mowabu arahaguruka, arabatera mwebge Abisirayeli, atuma guhamagaza Balamu mwene Beyori ngw aze kubavuma. 10 Ariko nanka kwumvira Balamu, ni co catumye akomeza kubasabira umugisha; uko ni ko nabakūye mu maboko ya Balaki. 11 Hanyuma mujabuka Yorodani, mushika i Yeriko, abāho barabarwanya, mbere n’Abamori n’Abaferizi n’Abanyakanani n’Abaheti n’Abagirugashi n’Abahiwi n’Abayebusi; maze bose mbagabura mu maboko yanyu. 12 Kandi nagomoye amavubi abītangira imbere, yirukana abami bompi b’Abamori imbere yanyu; ntibirukanywe n’inkota zanyu cank’ imiheto yanyu. 13 Maze mbaha igihugu mutigeze kurimamwo, n’ibisagara mutubatse, mubibamwo, n’imirima y’imizabibu n’imyelayo mutāteye, ari vyo muriko murarya ubu. Yosuwa ahitishamw’ abantu Imana bazosaba 14 None rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba. 15 Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho. 16 Abantu baramwishura, bati Guheba Uhoraho ngo dusabe izindi mana biragahera! 17 Kuk’ Uhoraho Imana yacu ari we yadukūye mu gihugu ca Egiputa, twe na ba sogokuruza, akadukūra mu nzu y’ubuja, kand’ agakorera vya bimenyetso bihambaye mu maso yacu, akatuzigama mu nzira yose twazananye, no mu mahanga yose twaciyemwo. 18 Ikindi, Uhoraho yirukanye ya mahanga yose imbere yacu, bo n’Abamori bāba mur’ iki gihugu; ni co gituma natwe tuzogendanira Uhoraho, kukw ari yo Mana yacu. 19 Ariko Yosuwa abarira abantu, ati Ntimuzobishobora kugendanira Uhoraho, kukw ar’ Imana yera kand’ ar’ Imana ifūha; ntizoharira ibicumuro vyanyu cank’ ivyaha vyanyu. 20 Kuko ni mwaheba Uhoraho, mugasaba imana z’inyamahanga, azohindukira abagirire nabi, abarandure, naho yari yarabagiriye neza. 21 Abantu babarira Yosuwa, bat’ Ekaye, Uhoraho ni we tuzogendanira. 22 Yosuwa abarira abantu, ati Ni mwebge mwibereye ivyagirizi yuko muhisemwo Uhoraho, kuba ari we musaba. Na bo bati Tubaye ivyagirizi koko. 23 Yosuwa ati None rero ni mukūreh’ imana z’inyamahanga ziri muri mwebge, muhindurire imitima yanyu k’Uhoraho Imana y’ Abisirayeli. 24 Abantu bishura Yosuwa, bat’ Uhoraho Imana yacu ni we dusavye, kandi tuzomwumvira. 25 Nuk’ uwo musi Yosuwa asezeranira abantu isezerano, abashingira ivyagezwe n’amabgirizwa aho nyene i Shekemu. 26 Nuko Yosuwa yandika ayo majambo mu gitabo c’ivyagezwe vy’Imana; yābīra ikibuye kinini, agishinga musi y’igiti c’umweloni kibangikanye n’Ahēra h’Uhoraho. 27 Yosuwa abarira abantu bose, at’ Ehe rāba, iri buye ritubereye icagirizi, kuko ryumvise amajambo yose Uhoraho atubariye; ni co gituma ribabereye icagirizi, kugira ngo ntimuze mwihakane Imana yanyu. 28 Nuko Yosuwa asezera abantu, umuntu wese asubira mw ishamvu yiwe. Urupfu rwa Yosuwa 29 Ivyo vyose bibaye, Yosuwa mwene Nuni umusavyi w’Uhoraho arahwera; yar’ amaze imyaka ijana n’icumi. 30 Bamuhamba mw ishamvu yiwe bgite i Timunati‐sera mu mugamba w’Abefurayimu, ku ruhande rw’i burārūko rw’umusozi Gashi. 31 Yosuwa akiriho, Abisirayeli bāgumye k’ Uhoraho, no mu gihe cose c’abakuru bāsigaye Yosuwa amaze gupfa, abāri bazi ibikorwa vyose Uhoraho yakoreye Abisirayeli. 32 Kand’ amagufa ya Yosefu, Abisirayeli bāri bāradūganye bayakūye muri Egiputa, bāyahamvye i Shekemu, ku gasozi Yakobo yari yaraguze na bene Hamori se wa Shekemu amahera ijana y’ifeza yitwa kesita; gaca kaba ishamvu y’aba Yosefu. 33 Na Eleyazari mwene Aroni arahwera; bamuhamba mu gisagara ca Finehasi umwana wiwe i Gibeya, aho yari yarahawe mu mugamba w’Abefurayimu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi