Yosuwa 22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yosuwa asezera abāhāwe amashamvu hakurya ya Yorodani 1 Maze Yosuwa ahamagaza Abareyubeni n’Abagadi n’ ab’igihimba c’umuryango wa Manase; 2 arababarira, at’ Ivyo Mose umusavyi w’Uhoraho yabageze vyose, mwarabishikije; kandi nanje mwaranyumviye mu vyo nabageze vyose. 3 Ikindi, kumara ico gihe cose nta ho mwahemukiye bagenzi banyu, no kugeza n’ubu, ariko mwitondeye icagezwe c’Uhoraho Imana yanyu. 4 Non’ Uhoraho Imana yanyu amaze guha impore bagenzi banyu, nk’uko yabasezeraniye; nuko rero ni mwisubirire i wanyu mu gihugu mwahawe kw ishamvu, ico Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye hakurya ya Yorodani. 5 Mugabo, muze mugire umwete cane wo kwitondera ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo Mose umusavyi w’Uhoraho yabageze, ati Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira zayo zose, mwitondere ivyagezwe vyayo, mwifatanye na yo akaramata, muyisabe muyiherejekw imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose. 6 Nuko Yosuwa arabahezagira, arabasezera, barītāhira. 7 Arikw igihimba kimwe c’umuryango wa Manase Mose yari yarabahaye ishamvu yabo i Bashani; ikindi gihimba Yosuwa ni we yabahaye mu b’i wabo hakuno ya Yorodani i burengerazuba. Kandi Yosuwa akirikw arabasezera ngo basubire i wabo, arabahezagira, 8 arababgira, ati Ni mwisubirire i wanyu, mugigimvye itunga ryinshi n’inka nyinshi, mujane n’amafeza n’amazahabu n’imiringa n’ivyuma n’impuzu nyinshi cane: mugabangane na bagenzi banyu iminyago y’abansi banyu. Ivy’ igicaniro bubatse kuri Yorodani 9 Nukw Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase barahindukira, bava mu bandi Bisirayeli i Shilo mu gihugu c’i Kanani, ngo baje mu gihugu c’i Gileyadi, igihugu bāhawe kw ishamvu, bakacegukira, nk’uk’ Uhoraho yabigeze atumye Mose. 10 Bashitse mu ntāra yo mu gihugu c’i Kanani iherereye kuri Yorodani, bubaka igicaniro aho nyene kuri Yorodani, kinini cībonekeza. 11 Bukeye Abisirayeli bandi bumva kw Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’ Abamanase bubatse igicaniro ku rubibe rw’igihugu c’i Kanani, mu ntāra iherereye kuri Yorodani, hakuno mu bg’Abisirayeli. 12 Abisirayeli babimenye, ishengero ryabo ryose rikoranira i Shilo, kugira ngo baje kubatera. 13 Abisirayeli baraheza batuma Finehasi mwene Eleyazari umuherezi, kur’ abo Bareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’ Abamanase mu gihugu c’i Gileyadi; 14 bamutumana n’abakuru cumi, umuryango wose umukuru umwe‐umwe wo mu nzu ya sekuruza; bose uko bavuye mur’ iyo miryango y’Abisirayeli bari basanzwe ar’ abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza. 15 Nuko bashikiriye Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase, mu gihugu c’i Gileyadi, barababgira, 16 bat’ Ikoraniro ryose ry’Uhoraho ryadutumye, ng’ Uku kuntu mwahemukiye Imana y’Abisirayeli mwagutewe n’iki, ko mwaciye mureka gukurikira Uhoraho, mukiyubakira igicaniro, mukamugarariza aka kanya? 17 Mbeg’ igicumuro c’i Peyori catubereye icoroshe, kandi gushitsa uyu musi tutararonka ingene tucera, nah’ ikīza cāciye gitera ikoraniro ry’ Uhoraho? 18 Icātumye uyu musi mureka gukurikira Uhoraho n’iki? Kandi ko mugararije Uhoraho uyu musi, ejo azohava arakira ishengero ryose ry’Abisirayeli. 19 Mugabo, namb’ igihugu canyu mubona gihumanye, enda ni mujabuke muze mu gihugu c’Uhoraho, ah’ ihema ry’Uhoraho riri, mugabure natwe; ariko mwoye kugarariza Uhoraho, natwe ngo mudushirek’ ubugarariji, mukiyubakira ikindi gicaniro kitar’ ic’ Uhoraho Imana yacu. 20 Mbega Akani, umwe mwene Zerahi, ntiyacumuye, agasotōra ku vyagizwe inyegu, ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rikagībgako n’uburake? Kand’ uwo muntu ntiyipfanye mu gucumura kwiwe! 21 Nukw Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’ Abamanase, bishura abo bakuru b’imiryango y’Abisirayeli, 22 bat’ Uhoraho Imana nyamana, Uhoraho Imana nyamana irabizi, kand’ Abisirayeli na bo bazobimenya! Namba twabikoreshejwe n’ubugarariji canke n’uguhemukira Uhoraho, uyu musi ntimusige mutatwishe! 23 Asangwa twiyubakiye igicaniro ngo tureke gukurikira Uhoraho, canke kugira ngo tucoserezekw ibimazi, canke tugitangirekw amashikanwa y’amafu, cank’ ibimazi vy’ishimwe, Uhoraho n’ abiduhōre ubgiwe! 24 Arikw icabiduteye kwar’ ugutinya yuko mu gihe kizoza abana banyu bohava babarira abacu, bati Muhūriye hehe n’Uhoraho Imana y’Abisirayeli? 25 Bakavuga, bat’ Uhoraho ko yagize Yorodani urubibe hagati yacu namwe, mwebge Abareyubeni n’Abagadi, nta mugabane mufise k’Uhoraho! Uko ni kw abana banyu bohava bazotesha abacu kwubaha Uhoraho. 26 Ico ni co catumye twīgīra inama, tuti Hinge twiyubakire igicaniro, kitar’ ico kwoserezako canke gutangirakw ibimazi, 27 ariko ngo kize kibe icabona hagati yacu namwe, no hagati y’urunganwe rwacu uko ruzogenda rukurikirana, yuko natwe duhora dukūkira Uhoraho, kugira ngo tumwosereze ibimazi, tubimushikanire, tumushikanire n’ ivy’ ishimwe; abana banyu boye kuzohava babarira abacu mu gihe kizoza, bati Nta mugabane mufise k’Uhoraho. 28 Ni co catumye twiyumvira, tuti Ni batubarira bartyo, canke bakabibarira uruvyaro rwacu ruzokwaruka hanyuma, baze babishure, bat’ Ehe rāba icitegererezo c’igicaniro c’Uhoraho ba sogokuruza bubatse, kitar’ ico kwoserezako canke gutangirakw ibimazi, ariko ngo kibe icabona hagati yacu namwe. 29 Barongera baravuga, bati Biragahera ko twogarariza Uhoraho, ngo tureke uyu musi kumukurikira, ngo twiyubakire igicaniro co kwoserezakw ibimazi, canke co gutangirakw amashikanwa y’amafu n’ibindi bimazi, kitari ca gicaniro c’Uhoraho Imana yacu kir’ imbere y’ihema ryiwe. 30 Maze Finehasi umuherezi, bo n’abakuru b’ikoraniro, ari bo bakuru bo mu mazu y’Abisirayeli bari kumwe na we, bumvise ukw Abareyubeni n’Abagadi n’Abamanase babishuye, barashirwa. 31 Nuko Finehasi mwene Eleyazari umuherezi abarira Abareyubeni n’Abagadi n’Abamanase, ati Noneh’ uyu musi dutāhūye yuk’ Uhoraho ari hagati muri twebge, kuko mutāhemukiye Uhoraho nk’ uko twari twumvise; none mukijije Abisirayeli gukorokera mu maboko y’Uhoraho. 32 Maze Finehasi mwene Eleyazari umuherezi na ba bakuru barahindukira, bava mu Bareyubeni n’Abagadi mu gihugu c’i Gileyadi, basubira i wabo i Kanani mu Bisirayeli bandi, babadōndera uko vyagenze. 33 Abo bavyumvise, baca barashirwa; bashima Imana, ntibāba baciyumvira kuja kubatera, ngo barandure igihugu c’Abareyubeni n’Abagadi. 34 Nukw Abareyubeni n’Abagadi bita ico gicaniro Icabona, bat’ Ico n’icabona hagati yacu yuk’ Uhoraho ari we Mana. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi