Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yosuwa 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana‐ishikiriza Yosuwa igikorwa

1 Mose umusavyi w’Uhoraho amaze gupfa, Uhoraho abarira Yosuwa mwene Nuni umufasha wa Mose,

2 ati Mose umusavyi wanje yāpfuye; none rero va hasi, ujabukane aba bantu bose urwo ruzi Yorodani, muje mu gihugu mbahaye, mwebge Abisirayeli.

3 Ahantu hose muzokandagiza ibirenge ndahabahaye, nk’uko nabariye Mose.

4 Uhereye mu bugaragwa no kur’ uriya musozi Lebanoni, ugashitsa ku ruzi runini, ari rwo Efurate, ugahitana igihugu cose c’Abaheti, ukageza ku kiyaga kinini gihera i burengerazuba, ni rwo ruzoba urugabano rwanyu.

5 Nta muntu n’umwe azoshobora kuguhagarara imbere imisi yose uzomara ukiriho: nk’uko nabanye na Mose ni ko nzobana nawe; sinzoguhemukira, sinzoguta.

6 Shikama, ushire amanga, kukw ari wewe uzoshikiriza abo bantu igihugu narahiye ba sekuruza ko nzokibaha.

7 Mugabo shikama, ushire amanga cane, kugira ngo witondere ivy’ ivyagezwe vyose bivuga, ubishitse, ivyo Mose umusavyi wanje yakugeze; ntuz’ utambamire i buryo cank’ i bumoso, kugira ng’ ugire ukuboko kwiza ah’ uja hose.

8 Ibiri mur’ ico gitabo c’ivyagezwe ntuz’ ubikūre mu kanwa kawe; arik’ uze wame ubirīmbūra ku murango no mw ijoro, kugira ng’ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose; ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe.

9 None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.


Yosuwa ategūza abantu ngo bajabuke Yorodani

10 Maze Yosuwa abarira abagaba abantu,

11 ati Ni mugende munyuranganye aho mushagaje, mubarire abantu, muti Ni murondere impamba, kuko mu misi itatu muzojabuka rurya ruzi Yorodani, kugira ngo mwinjire ico gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye ngo mucegukire.

12 Kandi Yosuwa abarira Abareyubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase,

13 ati Ni mwibuke rya jambo Mose umusavyi w’Uhoraho yababariye, at’ Uhoraho Imana yanyu arabaruhuye, abahaye iki gihugu.

14 Nukw abagore banyu n’abana banyu n’amasho yanyu bize bisigare mur’ iki gihugu Mose yabahaye co hakuno ya’Yorodani; ariko mwebge mwese abahizi, muze mujabuke imbere ya bagenzi banyu, mwitwaje ibirwanishwa, kugira ngo mubatabare,

15 gushitsa ah’ Uhoraho azoruhurira bagenzi banyu nk’uko namwe yabaruhuye, na bo bakegukira igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye; hanyuma mubone kugaruka mur’ iki gihugu mwegukiye, mukigerēre, ico Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye gihera i burasirazuba, hakuno ya Yorodani.

16 Na bo bishura Yosuwa, bat’ Ivy’ utubariye vyose tuzobikora, kand’ ah’ uzodutuma hose tuzojayo.

17 Nk’uko twahora twumvira Mose muri vyose, ni ko nawe tuzokwumvira; mugabo rero, Uhoraho Imana yawe az’ abane nawe nk’uko yabana na Mose.

18 Umuntu wese azogarariza, akanka icagezwe cawe, ntiyumvire ic’ umubariye cose, azokwicwa. Mugabo, shikama, ushire amanga.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan