Yona 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yona aratswa n’ukw Imana ihariye ab’ i Ninewe 1 Arikw ivyo bishavuza Yona cane, araraka. 2 Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi. 3 None rero, Uhoraho, ndakwinginze, pfuma unyica, kuko gupfa kundutiye kubaho. 4 Uhoraho aramubaza, ati Mbega k’uratse urtyo, ugize neza? 5 Nuko Yona ava mur’ ico gisagara, yicara ku ruhande rwaco rw’i burasirazuba; aba ari ho aca agasago, yicara muri ko mu gatūtu, yiteze kurāba amaherezo yaco. 6 Maz’ Uhoraho Imana ameza ikibonobono, gitagarara hejuru y’ aho Yona ari, kugira ngo kimubere igitūtu ku mutwe, kimworohereze amagorwa yarimwo. Maze Yona agira umunezero mwinshi kubg’ ico kibonobono. 7 Arikw Imana igera igikogoshi ngo kirye ico kibonobono; buca cākabiranye. 8 Maz’ izuba rirashe, Imana igera umuyaga w’indugumba, ng’ uve i burasirazuba; izuba rinaga Yona mu mutwe, bituma ahinduka urusogosogo, yisabira gupfa, ati Gupfa vyondutira kubaho. 9 Maz’ Imana ibaza Yona, iti Mbega k’urakijwe urtyo n’ ico kibonobono, ugize neza? Arayishura, ati Ngize neza kugira uburake, mbere bgonyica. 10 Uhoraho aramubaza, ati K’ ugiriye ikibabarwe ico kibonobono, utākoreye kand’ utāmejeje, cameze ijoro rimwe, ku rindi kikūma, 11 none jewe sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimw’ abantu ibihumbi ijana na mirongwibiri basāga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso; hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi? |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi