Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yona 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yona abūrira ab’i Ninewe; baca barihana

1 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rija kuri Yona ubugira kabiri, riramubarira,

2 riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire imbūri nzokubgira.

3 Nuko Yona ava hasi aja i Ninewe, nk’ ukw ijambo ry’ Uhoraho rivuze. Kandi Ninewe car’ igisagara kinini c’agahebuza, kugikikuza rwar’ urugendo rw’ imisi itatu.

4 Yona atangura kuja mu gisagara agenda urugendo rw’umusi umwe; arasemerera, ati Hasigaye imisi mirongwine, Ninewe hagakomvomvorwa.

5 Maz’ abantu b’i Ninewe bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira, uhereye k’ūhambaye ugashitsa kuri nyarucari hanyuma y’abandi.

6 Inkuru zishika ku mwami w’i Ninewe, ahaguruka ku ntebe yiwe yiyambura imyambaro yiwe, yambara igunira, yicara mu munyota.

7 Agera ko bamamaza i Ninewe icagezwe ciwe n’ic’ abaganwa biwe, ngo Ntihagire umuntu agira ico atamira, n’ibitunzwe n’uko, vy’amasho n’imikuku, ntihagire ico birya cank’ amazi binywa;

8 arikw abantu ni bambare amagunira, n’ibitunzwe babiyapfuke, baheze bambaze Imana bakobeje, kandi bahindukire, umuntu wese areke inzira yiwe mbi, bareke n’umuryano uri muri bo.

9 Nta wubizi: kumbure Imana yohindukira, ikīgarura, ikareka uburake bgayo bg’inkazi, ntiduhone.

10 Maz’ Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi; nukw Imana irīgarura ngo ntibatēze ivyago yari yabagereye, ntiyabibatēza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan