Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uwavutse ar’impumyi

1 Arikw arahita, abona umuntu yavutse ar’ impumyi.

2 Abigishwa biwe baramubaza, bati Mwigisha, ni nde yakoze icaha, n’uyo, canke n’abavyeyi biwe, ko yavutse ar’ impumyi?

3 Yesu arabishura, at’ Uyu ntiyakoze icaha, kandi s’abavyeyi biwe, ariko n’ukugira ngw ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we.

4 Twebge dukwiye gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona; buhava bgira, ata wugishobora gukora.

5 Nkiri mw isi, nd’ umuco w’isi.

6 Avuze ivyo, acira amate hasi, avurungisha amate utwondo, araheza amusīga utwo twondo ku maso;

7 aramubarira, ati Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nukw aragenda ariyuhagira, agaruka abona.

8 Nukw ababanyi biwe, n’abāhora bamubona kw ar’ umusēzi, barabazanya, bati Mbeg’ uyu si we yahora yicaye asēgerereza?

9 Abandi bati Ni we; abandi bat’ Oya, n’uwo basa. Na we arababgira, ati Ni jewe.

10 Nuko baramubaza, bati Mbega non’ amaso yawe yahumūtse ate?

11 Na we arabishura, ati Wa muntu yitwa Yesu yavurunze utwondo, atunsīga ku maso, arambgira, ati Ja kuri Silowamu wiyuhagire; nuko ndagenda, ndiyuhagira, ndahumūka.

12 Baramubaza, bat’ Ari hehe? Ati Sindahazi.

13 Umwe yahora ar’impumyi bamujana ku Bafarisayo.

14 Kand’ uwo musi war’ isabato, Yesu yavurunzek’ utwondo, agahumūra amaso yiwe.

15 Abafarisayo basubira kumubaza ingene yahumūtse, na we arababgira, ati Yansīze utwondo ku maso, ndiyuhagira, ndahumūka.

16 Bamwe mu Bafarisayo baravuga, bat’ Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato. Abandi bati Mbeg’ umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo? Baramupfa.

17 Basubira kubaza umwe yahora ar’ impumyi, bati Weho uvuga kw ar’ iki, kuko yaguhumūye amaso? Na we ati N’ūvugishwa n’Imana.

18 Maz’ Abayuda ntibemera ivy’ uwo, yuko yamye ar’impumyi, agaheza agahumūka, kugeza aho bāhamagariye abavyeyi b’uwahumūtse,

19 barababaza, bati Mbeg’ uyu n’umwana wanyu, mwebge muvuga ko yavutse ar’ impumyi? None yahumūtse ate?

20 Abavyeyi biwe barabishura, bat’ Uyu turazi kw ar’ umwana wacu, kandi ko yavutse ar’ impumyi;

21 arikw icatumye abona ubu, ntitukizi, kandi n’uwamuhumūye, tweho ntitumuzi. Mumwibarize, n’umugabo, arivugira.

22 Abavyeyi biwe bāvugiye ivyo, kuko bātinya Abayuda, kukw Abayuda bāri bamaze kuja ingingo, ng’umuntu wese azokwatura Yesu kw ari Kristo acibge mw isinagogi.

23 Ni co catumye abavyeyi biwe bavuga, bati N’umugabo, ni mumwibarize.

24 Maze bahamagara ubugira kabiri wa muntu yahora ar’ impumyi, baramubgira, bati Ni wubahe Imana, twebge tuzi yuk’ uwo muntu ar’ umunyavyaha.

25 Na we arabishura, ati Namb’ ar’ umunyavyaha sindabizi: ico nzi ni kimwe, n’uko nar’ impumyi, none nkaba mbona.

26 Baramubaza, bati Yakugiriye ate? Yahumūye amaso yawe ate?

27 Arabishura, ati Namaze kubibabgira, ko mutavyumvise? Mugombera iki gusubira kuvyumva? Mbega namwe mugomba kuba abigishwa biwe?

28 Baramutuka, bati Ni wewe mwigishwa wiwe, natwe tweho tur’ abigishwa ba Mose.

29 Twebge tuzi yukw Imana yavuganye na Mose, arik’ uwo ntituzi ah’ aturuka.

30 Wa muntu arabishura, at’ Erega n’igitangaza ko mutazi ah’ aturuka, kand’ ari we yahumūye amaso yanje.

31 Turazi kw Imana itumviriza abanyavyaha, arik’ ūyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza.

32 Uhereye kera hose ntihumvikanye ko har’ umuntu yahumūye amaso y’uwavutse ar’ impumyi.

33 Iyaba uyo atāvuye ku Mana, nta co yoshoboye gukora.

34 Baramwishura, bati Wewe wavukiye mu vyaha gusa gusa, ni wewe utwigisha? Bamuhindira hanze.

35 Yesu yumvise ko bamuhindiye hanze, aja kumurāba, aramubaza, ati Mbega wizeye Umwana w’Imana?

36 Na we aramwishura, ati Ni nde ga Mugenzi, nkamwizera?

37 Yesu aramubgira, ati Wamubonye, kandi ni we muriko muravugana.

38 Na we ati Ndizeye, Mwami. Araheza aramupfukamira.

39 Yesu aravuga, ati Naje mur’ iyi si kuba agahinyuza, ngw abatabona babone, n’ababona babe impumyi.

40 Bamwe mu Bafarisayo bāri kumwe na we bumvise ivyo, bati Mbega natwe tur’ impumyi?

41 Yesu arababgira, at’ Iyo muba mwar’ impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti Turabona: icaha canyu camaho.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan