Yohana 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesu adūga i Yerusalemu mu misi mikuru 1 Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica. 2 Imisi mikuru y’Abayuda yitwa iy’ Insago yarikw irashika. 3 Nuko bene nyina baramubgira, bati N’uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barābe ibikorwa ukora; 4 kukw ata wogira ico akora mu mpisho, na we ngw arondere kumenyekana. K’ukora ivyo, ni wiserure mu b’isi. 5 Kuko na bene nyina na bo batāmwizera. 6 Maze Yesu arabishura, at’ Igihe canje ntikiragera, arikw igihe canyu co, cama kiriho. 7 Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi. 8 Mwebge ni mudūge kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidūgako, kukw igihe canje kitaragera. 9 Ababgiye ivyo, aguma i Galilaya. 10 Bene nyina bamaze kudūga i Yerusalemu kumara iyo misi mikuru, na we aradūga, ntiyibonekeza, arikw agenda nk’uwomba. 11 Maz’ Abayuda bamurondera mur’ iyo misi mikuru, bati Mbega wa wundi ari hehe? 12 Haba ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga: bamwe bati N’umuntu mwiza, abandi bat’ Oya, arazimiza abantu. 13 Ariko nta n’umwe yamuvuze atobora, kuko batinya Abayuda. Inyigisho za Yesu aho ziva 14 Ya misi mikuru igeze hagati, Yesu adūga mu rusengero, arigisha. 15 Abayuda baratangara, bati Mbeg’ uyu yakūye ubgenge hehe, atigishijwe? 16 Maze Yesu arabishura, at’ Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’ uwantumye. 17 Ni hāba har’ ūgomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko mbivuga mvyigeneye. 18 Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we. 19 Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe? Ariko muri mwebge nta n’umwe yitondera ivyo vyagezwe. Muronderera iki kunyica? 20 Ishengero riramwishura, rit’ Urimwo dayimoni! Ni nde ashaka kukwica? 21 Yesu arabishura, ati Nakoze igikorwa kimwe, mwese muratangara. 22 Mose yabahaye ugukebga — mugabo ntikwavuye kuri Mose, ni kuri ba sogokuruza banyu — kandi murakeba umuntu kw isabato. 23 None se, k’umuntu akebga kw isabato, kugira ngw icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpōra iki ko kw isabato nakijije umuntu yiramvuriye? 24 Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z’ukuri. Abafarisayo bahigira Yesu 25 Bamwe mu b’i Yerusalemu baravuga, bati Mbeg’ uwo si we bashaka kwica? 26 Ehe avuga akararamango, nta co baruha bamubgira. Mbega harya abakuru bemeye vy’ ukuri k’uyo ari we Kristo? 27 Uyo ko tuzi aho yaturutse, ariko Kristo ah’azozira, nta wuzi ah’ azoturuka. 28 Nuko Yesu arasemerera yigisha mu rusengero, ati Jewe muranzi, n’aho naturutse murahazi, kandi sinaje nitumye, arik’ uwantumye n’uw’ ukuri, mwebge ntimumuzi; 29 jeho ndamuzi, kuko navuye kuri we, kand’ ari we yantumye. 30 Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere. 31 Benshi mw ishengero baramwizera baravuga, bati Kristo ni yaza, mugira ngw azokora ibimenyetso vyinshi birengeye ivyo uyu akora? 32 Abafarisayo bumvise kw ishengero rimuvugana ivyo mu twongoshwe, abaherezi bakuru n’Abafarisayo batuma abagendanyi kumufata. 33 Maze Yesu aravuga, ati Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, nkaja ku wantumye. 34 Muzondondera, ariko ntimuzombona, kand’ iyo nzoba ndi ntimuzoshobora gushikayo. 35 Maz’ Abayuda baravugana, bati Mbeg’ uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiriye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki? 36 Mbeg’ iryo jambo atubgiye n’iriki, ngo Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi ngw Iyo nzoba ndi mwebge ntimuzoshobora gushikayo? Inzūzi z’ubugingo 37 Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe. 38 Ūnyizera, inzūzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe, nk’ukw ivyanditswe bivuga. 39 Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bāgira bahabge; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe. 40 Bamwe mw ishengero bumvise ayo majambo, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana. 41 Abandi bat’ Uyu ni we Kristo. Abandi bat’ Oya, mbega Kristo yova i Galilaya? 42 Mbeg’ icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako? 43 Ishengero riramupfa, 44 bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko ntihāgira n’umwe amukozako n’intoke. Nikodemo akīmbūkira Yesu 45 Nuko ba bagendanyi basubira ku baherezi bakuru n’Abafarisayo, na bo barababaza, bati Ko mutamuzanye? 46 Abagendanyi barabishura, bat’ Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we. 47 Abafarisayo barababaza, bati Mbega namwe mwajimijwe? 48 Har’ umukuru n’umwe yamwizeye, cank’ Umufarisayo? 49 Arikw abo bantu batazi ivyagezwe n’ibivume. 50 Nikodemo, umwe yaza kuri we mbere, yar’ umwe muri bo, arababaza, 51 ati Mbeg’ ivyagezwe vyacu biratsindisha umuntu batabanje kumwumva no kumenya ico yakoze? 52 Baramwishura, bati Mbega nawe ur’ uw’ i Galilaya? Sesa urābe yuko har’ ūvugishwa n’Imana yova i Galilaya. [ 53 Bose baca baritahira. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi