Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu ahāza abantu ibihumbi bitanu

1 Hanyuma y’ivyo Yesu avayo, yīgira hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya citwa Tiberiya.

2 Ishengero ryinshi riramukurikira kuko ribonye ibimenyetso akora ku barwaye.

3 Yesu adūga umusozi, yicaranayo n’abigishwa biwe.

4 Kandi Pasika, imisi mikuru y’Abayuda, yari hafi.

5 Yesu yunamuye amaso, abona ishengero ryinshi riza kuri we, abaza Filipo, ati Tugurira hehe imitsima, ngo barye bose?

6 Icatumye avuga artyo kwār’ ukumugeza, kuk’ ubgiwe yar’ azi ico agira akore.

7 Filipo aramwishura, at’ Imitsima y’idenariyo amajana abiri ntiyobakwira, nah’ umuntu wese yohabga gatoya.

8 Umwe mu bigishwa biwe, ni Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, aramubgira,

9 ati Hano har’ umuhungu ari n’udutsima dutanu twa sayiri, n’udufi tubiri, ariko tumaze iki mu bantu bangaho?

10 Yesu aravuga, ati Ni mwicarike abantu. Kand’ aho hantu hār’ ivyatsi vyinshi: nukw abantu baricara, igitigiri cabo cari nk’ibihumbi bitanu.

11 Maze Yesu yābīra ya mitsima, arayihezagira, ayigaburira abicaye, n’ifi na zo nk’uko bagomba.

12 Bamaze guhāga, abgira abigishwa biwe, ati Ni mutororokanye utumanyagu tw’ imisigazwa, hoye kugira igipfa ubusa.

13 Baradutororokanya, buzuza ibisimbo cumi na bibiri vy’utumanyagu twa ya mitsima itanu ya sayiri, utw’ abāriye bashigaje.

14 Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’ akwiye kuza mw isi.

15 Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa.


Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga

16 Buhwibiriye, abigishwa biwe bamanuka ku kiyaga,

17 batambukira mu bgato, bajabuka baja hakurya y’ikiyaga i Kaperinawumu. Bgateranye Yesu atarabashikīra;

18 ikiyaga gitangura kuzungazunga, kuk’ umuyaga mwinshi uhuhuta.

19 Bamaze gusōza nka stadiyo mirongwibiri na zitanu canke mirongwitatu, babona Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, arikw arēgēra ubgato, na bo baratinya.

20 Maz’ arababgira, ati Ni jewe, nta co mutinya.

21 Bumva bakunze kumushira mu bgato, buno nyene buca bushika i musozi aho bāja.


Umutsima w’ubugingo

22 Bukeye bg’aho, rya shengero ryari rihagaze hakurya y’ikiyaga, rimenye kw ata bundi bgato bgāriho atari bumwe, kandi yuko na Yesu atājanye n’abigishwa biwe mu bgato, arikw abigishwa biwe ni bo bāri bījanye:

23 (mugabo hār’ amato ajabuka ava i Tiberiya, afata hafi ya ha hantu bārīriye imitsima ihezagiwe n’Umwami Yesu).

24 Nukw iryo shengero ribonye ko Yesu atari ho ari, n’abigishwa biwe na bo ar’ uko, rija mur’ ano mato na ryo, rijabuka i Kaperinawumu rirondera Yesu.

25 Bamubonye hakurya y’ikiyaga baramubaza, bati Mwigisha, waje ino ryari?

26 Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko n’uko mwariye kuri ya mitsima, mugahāga.

27 Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.

28 Baramubaza, bati Tugire dute ngo dukore ibikorwa vy’Imana?

29 Yesu na we arabishura, at’ Igikorwa c’Imana ngiki: n’uko mwizera uwo yatumye.

30 Nuko baramubaza, bati Non’ ukora ikimenyetso ki, ngo tukirābe tukwizere? Ukora ikimeze gite?

31 Ba sogokuruza bacu bārīra manu mu bugaragwa, nk’uko vyanditswe ngo Yabahaye umutsima wo kurya uvuye mw ijuru.

32 Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Si Mose yabahaye umutsima uvuye mw ijuru; Data ni we abaha umutsima w’ukuri uvuye mw ijuru.

33 Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo.

34 Baramubgira, bati Mugenzi, na ntaryo uz’ uhore uduha uwo mutsima.

35 Yesu arababgira, ati Ni jewe mutsima w’ubugingo: ūza kuri jewe ntazosonza na mba, kand’ ūnyizera nta ho azogira inyota na mba.

36 Ariko narababgiye yuko mwāmbonye, muraheza ntimwizera.

37 Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.

38 Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.

39 Kand’ ic’ uwantumye agomba ngiki: agomba yuko mu vyo yampaye vyose hatagira na kimwe kinzimirana, ariko ngo nze nkizure ku musi w’iherezo.

40 Kukw iki ari co Data agomba: agomba yuk’ ūbona Umwana wese akamwizera, agira ubugingo budashira, nanje nkazomuzura ku musi w’iherezo.

41 Bun’ Abayuda baramwidodombera, kuko yavuze, ati Ni jewe mutsima wamanutse uva mw ijuru.

42 Bat’ Uyu si we Yesu mwene Yosefu? Na se na nyina turabazi: non’ avuga ate ngo Namanutse mva mw ijuru?

43 Yesu arabishura, ati Nta co mugira imyidodombo muri mwebge.

44 Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye; nanje nzomuzura ku musi w’iherezo.

45 Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe.

46 S’ukugira ngo har’ uwabonye Data, atar’ uwavuye ku Mana: uwo ni we yabonye Data.

47 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwizera afise ubugingo budashira.

48 Ni jewe mutsima w’ubugingo.

49 Ba sogokuruza banyu bārīra manu mu bugaragwa, barapfa:

50 uyu ni wo mutsima umanuka uva mw ijuru, ng’ umuntu awuryako ntapfe.

51 Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.

52 Abayuda batanakw ibirake, bat’ Uyu ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye?

53 Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bugingo mwogira muri mwebge.

54 Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubugingo budashira, nanje nzomuzura ku musi w’iherezo.

55 Kuk’ umubiri wanje ar’ ico kurya c’ukuri, n’amaraso yanje ar’ ico kunywa c’ukuri.

56 Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, aguma muri jewe, nanje nkaguma muri we.

57 Nk’uko Data w’ubugingo yantumye, nanje ndiho kubga Data, ni k’ūndya na we azobaho kubganje.

58 Uwo ni wo mutsima wamanutse uvuye mw ijuru, si nk’uwo ba sogokuruza banyu bāriye, ariko bagapfa; ūrya uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira.

59 Ivyo yabivugiye mw isinagogi yigisha i Kaperinawumu.


Benshi batangura kugaburura

60 Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’ Iryo jambo riragoye: har’ uworyumva akarishobora?

61 Yesu amenye mu mutima kw abigishwa biwe bidodomba ivyo, arababaza, ati Mbeg’ ivyo birabatsitaje?

62 None bizomera bite ni mwabona Umwana w’umuntu adūga aja iyo yahora ubga mbere?

63 Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo.

64 Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubga mbere azi abatizera ab’ ari bo, n’ūzomugura uw’ ari we.

65 Kand’ aravuga, ati Ni co catumye mbabgira kw ata wushobora kuza kuri jewe atabihawe na Data.


Gushinga intahe kwa Petero

66 Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we.

67 Yesu abaza bamwe cumi na babiri, ati Mbega namwe muragomba kwīgīra?

68 Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira,

69 natwe twarizeye, tumenya yuko wewe ur’ Uwera w’Imana.

70 Yesu aramwishura, ati Mbega si jewe nabatoranije uko mur’ icumi na babiri? Arik’ umwe muri mwebge n’umurwanizi.

71 Yavuga Yuda Isikaryota, mwene Simoni, kukw ari we yagira az’ amugure, yar’ uwo muri bamwe cumi na babiri.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan