Yohana 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uwar’ arwariye ku kidengeri citwa Betesida 1 Hanyuma y’ivyo haba imisi mikuru y’Abayuda; Yesu adūga i Yerusalemu. 2 Kand’ i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, hār’ ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, carikw amabaraza atanu. 3 Muri yo hari haryamye abantu benshi barwaye, n’impumyi, n’abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bāri barorereye kw amazi azīkuruka. 4 Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.] 5 Hārih’ umuntu yar’ afise indwara ayimaranye imyaka mirongwitatu n’umunani. 6 Yesu amubonye aryamyeho, kand’ amenye kw amaze igihe kirekire, aramubaza, ati Wumva ugomba gukira? 7 Uno arwaye aramwishura, ati Mugenzi, nta muntu mfise wo kunyinikīra mu kidengeri iy’amazi azīkurutse: kuko ngira ngo ndaza uwundi akantanga gushungurukiramwo. 8 Yesu aramubgira, ati Va hasi, ikorere ikirago cawe, ugende. 9 Buno nyene uwo muntu arakira, yikorera ikirago ciwe, aragenda. Arik’ uwo musi hari kw isabato. 10 Nukw Abayuda babgira uwakijijwe, bat’ Erega ni kw isabato: ntivyemerwa ko wikorera ikirago cawe. 11 Na we arabishura, at’ Uwankijije ni we yambariye at’ Ikorere ikirago cawe, ugende. 12 Baramubaza, bat’ Uyo muntu ni nde yakubariye ngw Ikorere ugende? 13 Arik’ uwakijijwe ntiyar’ azi uw’ ari we, kuko Yesu yaciye yīgīra, kukw aho hantu hār’ abantu benshi. 14 Hanyuma y’ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubgira, ati Rāba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuz’ ubone ibiruta ivya mbere. 15 Uno muntu aragenda, abgira Abayuda kw ari Yesu yamukijije. 16 Ni co catumye Abayuda bahama Yesu, kuko yakoze ivyo kw isabato. 17 Yesu arababgira, ati Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora. 18 Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kukw atākēngereye isabato gusa, arikw agatakw akīta Imana kw ari Se bgite, akīringaniza n’Imana. Ububasha bga Yesu aho buva 19 Nuko Yesu asubira kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kukw ivyo Se akora vyose n’Umwana aca abikora kuno. 20 Kuko Se akunda Umwana, akamwereka ivy’ akora vyose ubgiwe, kand’ azomwereka ibikorwa biruta ivyo, kugira ngo mwebge mutangare. 21 Nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo abo agomba. 22 Kuko Se ata n’umwe acira urubanza, arikw imanza zose yazishikirije Umwana, 23 ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se; ūtubaha Umwana ntaba yubaha Se yamutumye. 24 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja, arikw aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo. 25 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’ abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’ abazoryumva bazoba bazima. 26 Nk’uko Se ari n’ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubugingo muri we na we. 27 Yamuhaye ububasha bgo guca imanza, kukw ar’ Umwana w’umuntu. 28 Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’ abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, 29 bakazivamwo; abākoze ivyiza bakazukira ubugingo, abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka. 30 Nta co nshobora gukora nigeneye; uko numvise ni ko nca urubanza, kand’ urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba. Igishingira intahe Yesu 31 Asangwa nishingira intahe, intahe yanje ntizoba ar’ iy’ ukuri; 32 ariko har’ Uwundi anshingira intahe, nanje nzi yukw intahe yiwe anshingira ar’ iy’ ukuri. 33 Mwebge mwatumye kuri Yohana, ashingira ukuri intahe, 34 mugabo jewe sindinda gushingirwa intahe n’umuntu; arikw ico mvugiye ivyo n’ukugira ngo mukizwe. 35 Uwo yar’ itara ryaka rikabonesha, kandi namwe mwamaze igihe muhimbawe n’ukwaka kwiwe. 36 Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye. 37 Kandi Data yantumye ni we anshingira intahe. Nta ho murumva ijwi ryiwe, kandi ntimurabona ishusho yiwe, 38 bitayeko ntimufise ijambo ryiwe riguma muri mwebge, kuk’ uwo yatumye mutamwizeye. 39 Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe, 40 ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo. 41 Singomba gushimwa n’abantu, 42 ariko mwebge ndabazi yuko mutagira urukundo rw’Imana mu mitima yanyu. 43 Jewe naje mw izina rya Data, ntimwanyakīra: ni hagira uwundi aza mw izina ryiwe ubgiwe, we muzomwākīra. 44 Mwoshobora kwizera mute, ari mwebge mwubahana, arikw icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera? 45 Ntimugire ngo nzobarega kuri Data: harih’ ūbarega, ni Mose uwo mwishimiye. 46 Iyo mwizera Mose, nanje muba munyizeye, kukw ar’ ivyanje yanditse. 47 Ariko ni mutizera ivy’ uwo yanditse, amajambo yanje muzoyizera mute? |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi