Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu avugana n’Umusamariyakazi

1 Umwami Yesu amenye kw Abafarisayo bumvise yukw aronka abigishwa benshi, kand’ abatiza benshi, arusha Yohana,

2 (ariko Yesu ubgiwe si we yabatiza, bār’ abigishwa biwe),

3 ava i Yudaya, asubira i Galilaya.

4 Yumva akwiye guca i Samariya.

5 Nukw ashika ku gisagara c’i Samariya citwa Sukara, hafi y’umusozi Yakobo yahaye Yosefu, umuhungu wiwe,

6 kand’ aho hār’ iriba rya Yakobo. Yesu ananijwe n’urugendo apfa kwicara kw iriba, hāri nk’isaha zitandatu.

7 Haza umugore w’Umusamariyakazi kuvoma: Yesu aramubgira, at’ Umpe utwo kunywa.

8 Kukw abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura indya.

9 Uno Musamariyakazi aramubaza, ati Wewe ur’ Umuyuda, non’ unsaba amazi ute, jewe nd’ Umusamariyakazi? (Ni kukw Abayuda n’Abasamariya bānēnana.)

10 Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.

11 Wa mugore aramwishura, ati Mugenzi, kw ata co kuvomesha ufise, kand’ iriba rikaba ari rirerire, non’ ayo mazi y’ubugingo uyakūra hehe?

12 Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubgiwe n’abana biwe, n’amasho yiwe?

13 Yesu aramwishura, at’ Ūnywa kur’ ayo mazi wese azosubira kugira inyota;

14 arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.

15 Uwo mugore aramubgira, ati Mugenzi, mpa se ayo mazi, sinze ngire inyota, kandi sinze ngaruke kuvoma ino hose.

16 Yesu aramubgira, ati Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino.

17 Uwo mugore aramwishura, ati Nta mugabo mfise. Yesu aramubgira, at’ Uvuze ko, k’ugize ngo nta mugabo ufise,

18 kuko war’ ufise abagabo batanu, arik’ uwo ufise ubu s’umugabo wawe; ivyo ubivuze ukuri.

19 Uno mugore aramubgira, ati Mugenzi, ndabona k’ur’ umuntu avugishwa n’Imana.

20 Ba sogokuruza bacu bāsengera kur’ uyu musozi, ariko mweho mugira ngw i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa.

21 Yesu aramubgira, ati Nyizera nyina wanje; igihe kija kuza, si kur’ uyu musozi cank’ i Yerusalemu muzosengera Data.

22 Mwebge musenga ico mutazi; tweho dusenga ico tuzi, kukw agakiza gaturuka mu Bayuda.

23 Arikw igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo.

24 Imana ni Mpwemu, kand’ abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.

25 Nya mugore aramubgira, ati Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo; uwo ah’ azozira ni we azoduserurira vyose.

26 Yesu aramubgira, ati Ni jewe nyene turiko turavugana.

27 Bun’ abigishwa biwe barashika, batangazwa n’ukw avugana n’umugore: ariko nta wavuze, at’ Urondera iki? Canke ngo Muvuganira na we iki?

28 Maz’ uno mugore asiga umubindi wiwe hano, asubira mu gisagara, abgira abantu,

29 ati Ni muze murābe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose: namb’ ari we Kristo?

30 Bava mu gisagara ngo bamusange iy’ ari.

31 Batarashika, abigishwa baramwinginga, bati Mwigisha, enda fungura.

32 Arabishura, ati Jewe mfise ivyo kurya mwebge mutazi.

33 Abigishwa barabazanya, bati Mbega har’ uwamuzaniye ivyo kurya?

34 Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.

35 Mbega mwebge ntimuvuga ngo hasigaye amezi ane iyimbura rikagera? Ehe ndababgire: Ni mwunamure amaso yanyu murābe imirima, irēze igeze kwimbura.

36 Umwimbuzi aragererwa, yegeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira; kugira ng’ ūbiba n’uwimbura banezeranwe.

37 Kuko mur’ ivyo ari ho iri jambo rimenyekanira kw ar’ iry’ ukuri, ngo Habiba umwe, hakimbura uwundi.

38 Nabatumye kwimbura ibitābatamije; abandi bāratamye, namwe mwashikiye mu vy’ubutame bgabo.

39 Benshi mu Basamariya bo mur’ ico gisagara bamwizera kubg’ amajambo ya wa mugore, yavuze ashinga intahe, at’ Ambariye ivyo nakoze vyose.

40 Maz’ Abasamariya baje ah’ ari, baramwinginga ngw agume i wabo; asībirayo kabiri.

41 Hizera abandi benshi baruta aba mbere, kuko bīyumviye ijambo ryiwe;

42 maze babgira uwo mugore, bat’ Ubu ho ntitwizeye kubg’ amajambo yawe gusa, kuko natwe twīyumviye kandi tumenye k’uyu ar’ Umukiza w’isi vy’ukuri.

43 Iyo misi ibiri ishize, avayo aja i Galilaya.

44 Kandi Yesu ubgiwe yashinze intahe yuk’ umuntu avugishwa n’Imana atagira icubahiro mu ntāra y’i wabo.

45 Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya baramwākīra, kuko babonye ivyo yakoreye i Yerusalemu vyose muri ya misi mikuru, kuko na bo bari bagiyeyo mu misi mikuru.


Yesu akiza umuhungu w’umutware

46 Maz’ asubira kuja i Kana i Galilaya, hamwe yahindurira amazi agacika vino. Hār’ umutware atwarira umwami, umwana wiwe w’umuhungu yar’ arwariye i Kaperinawumu;

47 uyo yumvise ko Yesu avuye i Yudaya ashitse i Galilaya, aza kuri we, aramwinginga ngw amanuke gukiza umwana wiwe, kuko yari ku mpfiro.

48 Yesu aramubgira, at’ Iyo mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza nta ho mwizera na mba.

49 Uwo mutware ati Mugenzi, ngwino se umanuke umwana wanje atarapfa.

50 Yesu aramubarira, ati Ni wīgīre, umwana wawe ni muzima. Uwo muntu yizera ijambo Yesu amubgiye, aragenda.

51 Arikw aramanuka abantu biwe baramusanganira, bat’ Umwana wawe ni muzima.

52 Abasiguza cane igihe yatanguye kworoherwa. Baramubgira, bat’ Ejo, kw isaha ndwi, ni ho umururumbo wamuvuyeko.

53 Maze se aca amenya ko hāri muri nya saha nyene Yesu yamubgiriyemwo, at’ Umwana wawe ni muzima. Arizera ubgiwe n’abo mu rugo rwiwe bose.

54 Ico ni co kimenyetso ca kabiri Yesu yakoze, avuye i Yudaya ashitse i Galilaya.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan