Yohana 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Nikodemo 1 Hār’ umuntu mu Bafarisayo, yitwa Nikodemo, yar’ umukuru wo mu Bayuda; 2 uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we. 3 Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana. 4 Nikodemo aramubaza, at’ Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka? 5 Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana. 6 Ikivyawe n’umubiri na co n’umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co n’impwemu. 7 Ntutangazwe n’uko nkubgiye, nti Murakwiye kuvyarwa ubga kabiri. 8 Umuyaga uhuhuta ah’ ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye ah’ uva, n’ah’ uja; uko ni kw amera, ūvyawe na Mpwemu wese. 9 Nikodemo aramubaza, at’ Ivyo bishoboka bite? 10 Yesu aramwishura, ati Ni wewe mwigisha w’Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo? 11 N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Twebge tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu. 12 Ko nababgiye ivy’ isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababgira ivy’ ijuru? 13 Nta wadūze mw ijuru, atar’ uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru. 14 Kand’ uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni k’Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa, 15 ng’ ūmwizera wese ahabge ubugingo budashira. 16 Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. 17 Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we. 18 Ūmwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’ ūtamwizeye aramaze gutsindwa, kukw atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege. 19 Uku ni kwo gutsindwa, kuk’ umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi. 20 Kuk’ ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe. 21 Arik’ ūkora ivy’ ukuri aza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana. Yohana yongera gushingira intahe Yesu 22 Hanyuma y’ivyo Yesu ajana n’abigishwa biwe mu gihugu c’i Yudaya, atebanayo na bo, abatiza. 23 Kandi Yohana na we yabatiriza ahitwa Ayinoni, hafi y’i Salimu, kukw aho har’ amazi menshi, abantu bāraza bakabatizwa, 24 kuko Yohana atāribgashirwe mw ibohero. 25 Havyuka ibihāri ku bigishwa ba Yohana n’Umuyuda ku vyo kwihumanura. 26 Baza aho Yohana ari, baramubgira, bati Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we arikw arabatiza, kandi bose baza kuri we. 27 Yohana arabishura, ati Nta co umuntu ashobora kuronka ubgiwe, atagihawe kivuye mw ijuru. 28 Ni mwebge ubganyu munshingira intahe yuko navuze, nti Si jewe Kristo, ariko natumwe kumwītangira imbere. 29 Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse. 30 Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto. 31 Uwavuye hejuru ni we asumba bose, uwo mw isi aba ar’ uwo mw isi nyene, avuga ivy’ isi; uwavuye mw ijuru ni we asumba bose. 32 Ico yabonye, kandi yumvise, ni co ashingira intahe, arik’ ugushinga intahe kwiwe nta wukwemera. 33 Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngw Imana n’iy’ ukuri. 34 Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero. 35 Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe. 36 Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’ ūtumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’ uburake bg’Imana buguma kuri we. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi