Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu yiyerekanira ku kiyaga c’i Tiberiya

1 Hanyuma y’ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c’i Tiberiya, kand’ uburyo yiyerekanye n’ubu:

2 Simoni Petero na Toma ari we Hasa bāri kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri.

3 Simoni Petero arababgira, ati Ndagiye kuroba. Na bo bati Natwe turajana nawe. Barīkora, batambukira mu bgato. Mur’ iryo joro ntibāgira ico bafata.

4 Umutwenzi ugitambika, Yesu ahagarara ku musenyi, arikw abigishwa ntibāmenya kw ari Yesu.

5 Nuko Yesu arababaza, ati Bana, har’ ico kurya mufise? Bat’ Oya.

6 Arababgira, ati Ni muterere urusenga i buryo bg’ubgato, muraronka. Nuko baraterera, ntibāba bakibasha kurukwega, kukw ifi zar’ isinzi.

7 Wa mwigishwa Yesu yakunda abgira Petero, ati N’Umwami Yesu. Simoni Petero yumvise kw ar’ Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga.

8 Arikw abandi bigishwa baza mu bgato, kuko bari hafi y’umusenyi, hāri nk’intambuko ijana, bakwega urusenga rurimw’ ifi.

9 Bafashe i musozi, babonah’ umuriro w’amakara n’ifi zigeretseko, n’umutsima.

10 Yesu arababgira, ati Ni muzane ifi ku zo muhejeje kuroba.

11 Simoni Petero aja mu bgato, akwegera urusenga i musozi rwuzuye ifi nini‐nini ijana na mirongwitanu na zitatu: kandi naho zari zingaho zirtyo, urusenga ntirwacitse.

12 Yesu arababarira, ati Ni muze murye. Ariko mu bigishwa ntihāgira ūtinyuka kumubaza, at’ Uri nde? Kuko bāri bamenye kw’ ar’ Umwami Yesu.

13 Yesu araza, yābīra umutsima, arawubaha, n’ifi n’uko.

14 Ubgo bgar’ ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye.


Yesu abaza Petero kw amukunda

15 Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda kurusha aba? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, at’ Ahura imyagazi y’intama zanje.

16 Yongera kumubaza ubugira kabiri, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, ati Ragira intama zanje.

17 Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.

18 N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Ukir’ umusore, warikenyeza, ukaja ah’ ugomba; arikw ah’ uzosāzira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’ utagomba.

19 Icatumye avuga artyo, kwar’ ukwerekana urupfu azopfa, ashimagirisha Imana. Amaze kuvuga artyo, aramubarira, ati Nkurikira.

20 Petero arakebuka, abona wa mwigishwa Yesu yakunda abakurikiye, umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu hamwe bāsangira, akamubaza, ati Mugenzi, ni nde azokugura?

21 Nuko Petero amubonye, abaza Yesu, ati Mugenzi, uyu we bizoba bite?

22 Yesu aramwishura, ati Namba ngomba kw azogumaho kugeza aho nzozira, upfa iki? Wewe nkurikira.

23 Ni co catumye iri jambo rikwira muri bene Data, ng’ uwo mwigishwa ntazopfa. Ariko Yesu ntiyamubgiye kw atazopfa, ariko yavuze, ati Namba ngomba kw agumaho kugeza aho nzozira, upfa iki?

24 Uwo ni wa mwigishwa yashingiye intahe ivyo, kandi ni we yavyanditse, kandi natwe tuzi yukw intahe yiwe ar’ iy’ ukuri.

25 Ariko hariho n’ibindi vyinshi Yesu yakoze, vyokwandikwa bidondowe kimwe‐kimwe, ngira ngo n’isi na yo ntiyokwirwamw’ ibitabo vyokwanditswe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan