Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Kuzuka kwa Yesu

1 Ku wa mbere w’imisi ndwi mu gahuru, hatarabona, Mariya Magadalene aja ku mva, abona ikibuye gikūwe ku mva;

2 agenda ariruka ashikīra Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababgira, ati Bākūye Umwami Yesu mu mva, kandi ntituzi aho bāmushize.

3 Nuko Petero arasohoka, na wa mwigishwa wundi, baja ku mva.

4 Bompi birukira icarimwe, kandi wa mwigishwa wundi asiga Petero, amutanga ku mva.

5 Yunamye, arungurutseyo, abona za mpuzu zera derere zirambitseho, ariko ntiyinjira.

6 Maze Simoni Petero arashika amukurikiye, yinjira mu mva, abona za mpuzu zirambitseho,

7 n’igitambara cari mu mutwe wiwe, kitarambitse hamwe na za mpuzu, ariko kizinze kir’ ahaco ukwa conyene.

8 Ni ho hinjiye wa mwigishwa wundi na we, umwe yabanje gushika ku mva, abibonye arizera.

9 Kuko bataribgamenye ivyanditswe yukw akwiye kuzozuka mu bapfuye.

10 Maz’ abo bigishwa bavayo basubira i wabo.


Yesu yiyereka Mariya Magadalene

11 Mariya yar’ ahagaze ku mva arira. Akirikw ararira, arunama, arunguruka mu mva,

12 abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye umwe ku mutwe, uwundi mu mirambizo y’ah’ ikiziga ca Yesu cari kiryamye.

13 Baramubaza, bati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Na we ati N’uko bakūyeh’ Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize.

14 Avuze ivyo, arakebuka, abona Yesu ahagaze, ariko ntiyamenya kw ari Yesu.

15 Yesu aramubaza, ati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Urondera nde? Na we yiyumvira kw ar’ umurimyi waho, aramubgira, ati Mugenzi, namb’ ari wewe wamukūye hano, ndangira aho wamushize, ndamukūreyo.

16 Yesu aramuhamagara, ati Mariya. Na we arahindukira, amwitaba mu Giheburayo, ati Rabuni (risobanurwa ngo Mwigisha).

17 Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.

18 Mariya Magadalene aragenda, abarira abigishwa inkuru, ati Nabonye Umwami; abadondera ivyo yamubariye.


Yesu yiyereka abigishwa cumi

19 Nuko kur’ uwo musi buhwibiriye, ni wo musi wa mbere w’imisi ndwi, inzugi zāri zugaye ah’ abigishwa bari, kubgo gutinya Abayuda, Yesu araza abahagarara hagati, arababgira, at’ Amahoro abe muri mwebge.

20 Amaze kuvuga artyo, abereka ibiganza vyiwe no mu rubavu. Maz’ abigishwa baranezerwa, babonye Umwami.

21 Yesu yongera kubabgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. Nk’uko Data yantumye ni ko nanje mbatumye.

22 Avuze ivyo, abahumekerako, ati Ni mwākīre Mpwemu Yera.

23 Kand’ abo muzoharira ivyaha bose, bazoba babihariwe; arikw abo mutazobiharira bose, ntibazoba babihariwe.

24 Ariko Toma ari we Hasa, umwe wo muri bamwe cumi na babiri, ntiyari kumwe na bo aho Yesu yaza.

25 Abandi bigishwa baramubgira, bati Twabonye Umwami. Na we arabishura, ati Ni ntabona inkovu z’imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z’imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera.


Yesu yongera kwiyereka abigishwa ukw ar’icumi n’umwe

26 Maz’ imisi munani ishize abigishwa bāri mu nzu ukundi gusha, na Toma bāri kumwe. Yesu araza, inzugi zari zugaye, abahagarara hagati, at’ Amahoro abe muri mwebge.

27 Maz’ abgira Toma, ati Zana hano urutoke rwawe, urābe ibiganza vyanje; zana n’urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba ūtizera, arik’ ube uwizeye.

28 Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.

29 Yesu aramubgira, ati Wijejwe n’uk’ umbonye. Hahirwa abatarinze kubona, yamara bakizera.

30 Hariho n’ibindi bimenyetso vyinshi Yesu yakoreye imbere y’abigishwa, bitanditswe mur’ iki gitabo.

31 Arikw ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w’Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw izina ryiwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan