Yohana 19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Pilato acira Yesu urubanza 1 Maze Pilato afata Yesu, aramukubitisha. 2 Abasoda na bo batsiba igitsibo c’amahwa bakimwambika mu mutwe, baraheza bamwambika impuzu y’inyambarabami. 3 Baramwēgēra, bati Ndagize bgakeye, Mwami w’Abayuda. Maze baramubīngūra. 4 Maze Pilato asubira gusohoka, arababgira, at’ Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye kw ata gicumuro mbonye kuri we. 5 Nuko Yesu asohoka yambaye ico gitsibo c’amahwa na ya mpuzu y’inyambarabami. Pilato arababgira, at’ Ehe rāba uwo muntu! 6 Maz’ abaherezi bakuru n’abagendanyi bamubonye, barasemerera, bati Mubambe, mubambe. Pilato arababgira, ati Ni mube ari mwebge mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we. 7 Abayuda baramwishura, bati Twebge dufise icagezwe, kandi kubg’ ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w’Imana. 8 Nuko Pilato yumvise iryo jambo, arushiriza gutinya; 9 asubira kwinjira mw iboma, abaza Yesu, at’ Ur’ uwa hehe? Ariko Yesu ntiyamwishura na rimwe. 10 Nuko Pilato aramubaza, ati Nta co umbarira? Ntuzi yuko mfise ububasha bgo kukurekura, kandi mfise ububasha bgo kukubamba? 11 Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje. 12 Uhereye aho Pilato arondera uburyo bg’uko yomurekura, arikw Abayuda barasemerera, bati Ni warekura uyo, ntuzoba ucuzura na Kayisari, kuk’ uwīgira umwami wese aba agararije Kayisari. 13 Nuko Pilato yumvise ayo magambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, yar’ ahantu hitwa Musezero w’amabuye, mu Giheburayo hitwa Gabata. 14 War’ umusi wo kwitegurira Pasika, hari nk’isaha zitandatu. Abgira Abayuda, at’ Ehe rāba umwami wanyu. 15 Na bo barasemerera, bati Mukūreho, mukūreho, umubambe. Pilato arababaza, ati Mbambe umwami wanyu? Abaherezi bakuru bati Nta mwami dufise, atari Kayisari. 16 Araheza aramubahereza, ngw abambge. Nuko basūmira Yesu. Babamba Yesu 17 Avayo, yiyikorereye umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyagihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota; 18 bamubambaho, hamwe n’abandi babiri, umwe hirya, uwundi hino, Yesu yari hagati. 19 Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W’ABAYUDA. 20 Benshi mu Bayuda bāsoma ico candiko, kukw aho hantu Yesu yabambge hari hafi y’igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma no mu Kigiriki. 21 Nukw Abaherezi bakuru b’Abayuda babgira Pilato, bati Nta co wandika ng’ Umwami w’Abayuda, arik’ uti Yivuze ngo Ni jewe Mwami w’Abayuda. 22 Pilato arabishura, at’ Ico nanditse, nacanditse. 23 Nukw abasoda, bamaze kubamba Yesu, bābīra impuzu ziwe, bazigaburamw’ imigabane ine, umusoda wese umugabane wiwe; hasigara umwinjiro. Kand’ uwo mwinjiro ntiwar’ ufise umubarīro, war’ ujishwe kumwe, uhereye hejuru kugeza hasi. 24 Nuko baravugana, bati Twoye kuwutabura, tuwupfindire, ugire ūwegukiye. Kwar’ ukugira ngw ivyanditswe bishike, ngo Bagabuye impuzu zanje, Bapfindira umwambaro wanje. Ivyo ni kw abasoda babikoze. 25 Arikw i ruhande y’umusaraba wa Yesu hāri hahagaze nyina na nyinabo na Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalene. 26 Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina, ati Nyina wanje, nguyo umwana wawe. 27 Maz’ abarira wa mwigishwa, ati Nguyo nyoko. Uhereye ako kanya uwo mwigishwa amujana i we. Urupfu rwa Yesu 28 Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngw icanditswe gishike, aravuga, ati Mfise inyota. 29 Aho hantu hari hateretse inkono yuzuye inkarisha, nuko bashira sipongo yuzuyemw’ inkarisha kw irenga, bayirungika ku munwa wiwe. 30 Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca. 31 Uwo musi war’ uwo kwitegurira Pasika; nuko kugira ngw abābambge ntibagume ku misaraba kw isabato, kuk’ uwo musi w’isabato wari mukuru, Abayuda basaba Pilato ngw amaguru yabo avunwe, kandi ngo babambūrwe. 32 Maz’ abasoda baraza, bavuna amaguru y’uwa mbere n’ay’ uwundi yabambanywe na we. 33 Ariko bashitse kuri Yesu, babonye amaze gupfa, ntibāba bakimuvuna amaguru, 34 arik’ umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu; ako kanya hava amaraso n’amazi. 35 Uwabibonye ni we yabishingiye intahe kand’ intahe yiwe n’iy’ ukuri, kand’ arazi kw avuga ukuri, kugira ngo namwe mwizere. 36 Kukw ivyo vyabayeho kugira ngw icanditswe gishike, ngo Nta n’igufa ryiwe rizovunwa. 37 Kandi har’ ikindi canditswe, kivuga ngo Bazobona uwo bācumise. Yosefu aja guhamba Yesu 38 Hanyuma y’ivyo Yosefu Umunyarimataya, yar’ umwigishwa wa Yesu, ariko mu mpisho, kubgo gutinya Abayuda, yaka Pilato ikiziga ca Yesu ngw akijane: Pilato aremera; nukw araza ajana ikiziga ciwe. 39 Kandi haza na Nikodemo, umwe yaza kuri Yesu mw ijoro ubga mbere, azana ikivange c’isenga n’imbazi nk’ibilo mirongwitanu. 40 Nuko bābīra ikiziga ca Yesu, bakizingira mu mpuzu zera derere, hamwe n’ivyo bimota neza, nk’uk’ umugenzo w’Abayuda wo guhamba war’ uri. 41 Kand’ aho hantu yabambge hār’ itongo; kandi mur’ iryo tongo hār’ imva nsha itarahambgamw’ umuntu; 42 aho ni ho bāhamvye Yesu, kuko war’ umusi wo kwitegura kw’ Abayuda, kand’ iyo mva ikaba hafi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi