Yohana 18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Bafata Yesu 1 Yesu avuze ivyo, avanayo n’abigishwa biwe afata hakurya y’umugezi witwa Kidironi; aho hār’ itongo: ashikaho, bo n’abigishwa biwe. 2 Kandi na Yuda amugura yar’ azi aho hantu, kuko Yesu yahora ajanayo n’abigishwa biwe kenshi. 3 Nuko Yuda amaze guhabga n’abaherezi bakuru n’Abafarisayo ingabo z’abasoda, bo n’abagendanyi, ajayo, bari n’amatara n’ibimuri n’ibirwanishwa. 4 Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza, ati Murondera nde? 5 Na bo baramwishura, bati Yesu Umunyanazareti. Arababgira, ati Ni jewe. Kandi Yuda, amugura, yar’ ahagararanye na bo. 6 Amaze kubabarira, ati Ni jewe, bagenza imigongo, bagwa hasi. 7 Na we asubira kubabaza, ati Murondera nde? Na bo bati Yesu Umunyanazareti. 8 Yesu arabishura, ati Mbabgiye kw ari jewe: asangw’ ari jewe murondera, mureke aba, bīgīre. 9 Ukwo kwar’ ukugira ngo rya jambo yavuze rishike, ngo Mu bo wampaye nta n’umwe najimije. 10 Simoni Petero yari n’inkota, arayisokōra, aca ugutwi kw’i buryo kw’umuntu w’umuherezi mukuru: uwo muntu yitwa Malikusi. 11 Maze Yesu abarira Petero, ati Subiza inkota mu rwubati: mbeg’ igikombe Data yampaye ndeke kukinywa? Yesu aregerwa imbere ya Kayafa; Petero amwihakana gatatu 12 Nukw abasoda n’umukuru w’abagabisha babo n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu, baramuboha, 13 babanza kumujana kwa Anasi, kuko yari sebukwe wa Kayafa umuherezi mukuru wo mur’ uwo mwaka. 14 Kandi Kayafa ni we yari yagīriye inama Abayuda, yukw ar’ ibibereye k’umuntu umwe apfira ubgo bgoko. 15 Simoni Petero akurikira Yesu, bo n’uwundi mwigishwa. Uwo mwigishwa yar’ azinanyi n’umuherezi mukuru, ashikana na Yesu mu rugo rw’uwo muherezi mukuru, 16 ariko Petero asigara ahagaze kw irembo. Wa wundi mwigishwa yar’ azinanyi n’umuherezi mukuru, ashika kw irembo, avugana n’umukumirizi, araheza ashikana Petero imbere. 17 Maz’ iyo ncoreke ikumīra ibaza Petero, iti Mbega nawe uri mu bigishwa b’uyo muntu? Petero at’ Oya, sindimwo. 18 Abashumba n’abagendanyi bāri bahagaze bacanye umuriro w’amakara, kuko hār’ imbeho, bariko barōta; kandi Petero na we yari kumwe na bo, ahagaze yōta. 19 Nuk’ umuherezi mukuru asiguza Yesu ivy’ abigishwa biwe n’inyigisho ziwe. 20 Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho. 21 Umbarije iki? Baza abāhora bavyumva ico nababariye: erega ni bo bazi ivyo navuze. 22 Avuze artyo, umwe mu bagendanyi ahagazeho akubita Yesu urushi, at’ Uko ni ko wishura umuherezi mukuru? 23 Yesu aramubaza, ati Namba mvuze nabi, nyagiriza ico kibi; ariko namb’ ari neza, unkubitiye iki? 24 Nuko Anasi amurungika aboshwe kwa Kayafa umuherezi mukuru. 25 Simoni Petero yar’ ahagaze yōta; nuko baramubaza, bati Mbega nawe uri mu bigishwa biwe? Na we arahakana, at’ Oya, sindimwo. 26 Umwe mu bashumba b’umuherezi mukuru, yar’ incuti y’umwe Petero yaciye ugutwi, aramubaza, ati Sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo? 27 Maze Petero yongera kubihakana, ako kanya inkoko ica irabika. Yesu ashikirizwa Pilato 28 Bakūra Yesu kwa Kayafa, bamujana mw iboma: hāri mu mutwenzi. Arik’ ubgabo ntibinjira mw iboma, ngo boye kwihumanya, kugira ngo babone ingene barya Pasika. 29 Kubg’ ivyo Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza, at’ Ikirego mufise kur’ uyu muntu n’igiki? 30 Baramwishura, bat’ Ugira ng’ uyu, iyaba atākoze ibibi tuba tumukuzaniye? 31 Nuko Pilato arababgira, ati Ni mumujane mwebge, mumucire urubanza nk’ukw ivyagezwe vyanyu bivuga. Abayuda baramwishura, bat’ Erega twebge ntitwemererwa kwica umuntu. 32 Ngw ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urw’ ari rwo. 33 Nuko Pilato asubira mw iboma, ahamagaza Yesu, aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda? 34 Yesu ati Mbeg’ ivyo ubibajije kubgawe, canke n’abandi bakubariye ivyanje? 35 Pilato ati Mbega nanje nd’ Umuyuda? Ab’ ubgoko bganyu n’abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki? 36 Yesu aramwishura, at’ Ubgami bganje s’ubgo mur’ iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ ubgo mur’ iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ ubgami bganje s’ubg’ ino. 37 Nuko Pilato aramubaza, at’ Ubgo wewe ur’ umwami? Yesu ati Ni wewe uvyivugiye ko nd’ umwami. Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ ukuri wese yumva ijwi ryanje. 38 Pilato aramubaza, ati Mbeg’ ukuri n’iki? Amaze kuvuga ivyo, asubira gusohoka, aja ah’ Abayuda bari, arababgira, ati Jewe nta gicumuro mbonye kuri we. 39 Ariko musanganywe umugenzo ko mbarekurira umwe mu misi ya Pasika: none muragomba ko mbarekurira umwami w’Abayuda? 40 Nuko basubira gusemerera, bati S’uyo, ariko turekurire Baraba. Yamara Baraba yar’ umwambuzi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi