Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngo ntimuze mutsitazwe.

2 Bazobaca mu masinagogi, kand’ igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi.

3 Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.

4 Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngw igihe cavyo ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabgiye. Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe.

5 None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebge arushe ambaza at’ Uja hehe?

6 Ariko kuko mbabariye ivyo, umubabaro waciye wuzura mu mitima yanyu.


Igikorwa c’Umwitsa

7 Ariko jewe ndababgira ukuri: Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira.

8 Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka;

9 ivy’ icaha, kuko batānyizeye,

10 ivy’ ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona,

11 ivy’ amateka, kuk’ umwami w’iyi si yaciriwekw iteka.

12 Nari ngifise vyinshi vyo kubabgira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.

13 Arik’ uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarōngōra abashitse ku kuri kwose, kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw ivy’ azokwumva vyose ni vyo azovuga, kand’ azobamenyesha ibigira bize.

14 Uwo azoshimagiza jewe, kukw azokwābīra ku vyanje, akabibamenyesha.

15 Ivyo Data afise vyose n’ivyanje, ni co gitumye mvuga, nti Yābīra ku vyanje, akabibamenyesha.


Umubabaro ukenyuka uzocika umunezero udashira

16 Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona.

17 Bamwe mu bigishwa biwe barabazanya, bati Mbeg’ ivyo atubgiye n’ibiki ngo Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, ngo Maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona, kandi ngo Kuko nja kwa Data?

18 Kandi bat’ Ivyo atubgiye n’ibiki, ngw Igihe gito? Ntitumenye ico avuze ic’ ari co.

19 Yesu amenya ko bagomba kumubaza, arababaza, ati Mbega mubazanya ic’ ari co, ko mbabariye nti Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, nti Maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona?

20 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Mweho muzorira muboroge, arikw ab’ isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, arik’ umubabaro wanyu uzocika umunezero.

21 Umugore iy’ aramutswe, aja mu mubabaro, kukw igihe ciwe kigeze, arikw iy’ umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kukw anezerejwe n’uk’ umuntu avutse mw isi.

22 Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kand’ imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n’umwe azowubanyaga.

23 Kur’ uwo musi nta na kimwe muzombaza. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje.

24 Kugeza ubu nta co mwasavye mw izina ryanje; musabe muzohabga, ng’umunezero wanyu wuzuzwe.

25 Ivyo mbibabgiriye mu migani, arikw igihe kizoza sinzoba ngisubira kuvuganira namwe mu migani, mugabo nzobabgira ivya Data mbifoboye.

26 Kur’ uwo musi muzosaba mw izina ryanje, kandi simbabgira ngo nzobasabira Data.

27 Kuko Data na we ubgiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana.

28 Navuye kwa Data, nza mw isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data.

29 Abigishwa biwe baravuga, bat’ Ubuho urabifoboye, nta mugani uduciriye.

30 Ubuho tumenye k’uzi vyose, kandi ko kubgawe utarinda ko hogira ūkubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana.

31 Yesu arabishura, ati Mbega noneho murizeye?

32 Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.

33 Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan