Yohana 15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Umuzabibu w’ukuri n’amashami yawo 1 Jewe nd’umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni nyene wo. 2 Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’ iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama. 3 N’ubu mwebge mumaze kwezwa kubg’ ijambo nababgiye. 4 Ni mugume muri jewe, nanje ngume muri mwebge. Nk’ukw ishami ritabasha kwama ubgaryo, ritagumye mu muzabibu, ni ko namwe mutabibasha, mutagumye muri jewe. 5 Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami: ūguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ata co mubasha gukora mutamfise. 6 Umuntu n’ataguma muri jewe atabga nk’ukw’ ishami ritererwa inyuma y’uruzabibu, akuma; maze bakayatororokanya, bakayaterera mu muriro, agasha. 7 Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno. 8 Mur’ ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje. Icagezwe c’urukundo 9 Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze: ni mugume mu rukundo rwanje. 10 Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe. 11 Ivyo mbibabgiye, kugira ng’umunezero wanje ube muri mwebge, kandi n’umunezero wanyu wuzuzwe. 12 Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk’uko nabakunze. 13 Nta wogira urukundo ruruta urw’ uk’ umuntu yigura abakunzi biwe. 14 Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera. 15 Sinkibita abashumba, kuk’ umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje. 16 Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe. 17 Ivyo ndabibageze kugira ngo mukundane. Ingen’ isi yanka Yesu n’abiwe 18 Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka. 19 Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka. 20 Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’ Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera. 21 Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye. 22 Iyo ntaba naraje ngo ngire ico mbabarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n’ico bireguza icaha cabo. 23 Ūnyanka aba yanka na Data. 24 Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka. 25 Ariko vyabaye birtyo kugira ngw ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Bānyankiye ubusa. 26 Arik’ Umwitsa ah’ azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe, 27 kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mbere na mbere. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi