Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu n’inzira n’ukuri n’ubugingo

1 Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.

2 I muhira kwa Data har’ amazu menshi, iy’ aba atariho, mba ndabibabgiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu.

3 Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba.

4 Kand’ iyo nja murazi inzira ijayo.

5 Toma aramubgira, ati Mugenzi, ntituzi iy’ uja, dushobora dute kumenya inzira?

6 Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.

7 Iyo muba mwarammenye, na Data muba mumuzi. Uhereye ubu muramuzi, kandi mwamubonye.

8 Filipo aramubgira, ati Mugenzi, twereke So, bizoba bihaye.

9 Yesu aramubaza, ati Mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ūbonye jewe aba abonye Data: non’ uvuga ute ngo Twereke So?

10 Ntiwizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe? Amajambo mbabgira s’ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe.

11 Ni munyizere ko ndi muri Data, na Data ari muri jewe, bibuze, mupfe kwizera kubg’ ibikorwa ubgavyo.

12 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.

13 Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana.

14 Ni mwagira ico musaba mw izina ryanje, nzogikora.


Yesu asezeranya kurungika Mpwemu

15 Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje,

16 nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira,

17 ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’ isi badashobora kwākīra, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kukw abana namwe kand’ azoba muri mwebge.

18 Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebge.

19 Hasigaye igihe gito, ab’ isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.

20 Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge.

21 Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ ūnkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira.

22 Yuda (atari Isikaryota), aramubaza, ati Mugenzi, bibaye bite, k’ugira wihishurire twebge, ntiwihishurire ab’ isi?

23 Yesu aramwishura, ati Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we.

24 Ūtankunda ntiyitondera amajambo yanje, kand’ ijambo mwumva s’iryanje, ariko n’irya Data yantumye.


Yesu asezera abigishwa

25 Ivyo ndabibabariye nkiri kumwe namwe,

26 arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose.

27 Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.

28 Mwumvise ko nababgiye, nti Ndagiye, ariko nzobagarukako. Iyo muba munkunda, muba munezerejwe n’uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta.

29 Nuko none ndabibabgiye bitaraba, ngw aho bizobera muze mwizere.

30 Sinkivugana namwe vyinshi, kuk’ umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise;

31 ariko n’ukugira ngw ab’ isi bamenye ko nkunda Data, kand’ uko Data yangeze kw ari ko nkora. Ve hasi, tuve hano tugende.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan