Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu yoza ibirenge vy’abigishwa

1 Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.

2 Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni,

3 Yesu yar’ azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi kw agira asubire ku Mana,

4 ava hasi mw irīro, akūra umutamana, yābīra icambazo, arakenyera;

5 araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa, no kubihanaguza icambazo akenyeje.

6 Nukw ashika kuri Simoni Petero, na we aramubaza, ati Mugenzi, ni wewe unyoza ibirenge?

7 Yesu aramwishura, at’ Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu: arik’ uzokimenya hanyuma.

8 Petero aramubgira, ati Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose. Yesu aramwishura, ati Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhūriye.

9 Simoni Petero aramubgira, ati Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, arik’ ushikane ku maboko no ku mutwe.

10 Yesu aramubgira, at’ Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atar’ ukwoga ibirenge, kukw aba akeye umubiri wose: namwe murakeye, ariko si mwese.

11 Kuko yar’ azi ūzomugura uw’ ari we; ni co catumye avuga, ati Ntimukeye mwese.

12 Nukw ahejeje kubōza ibirenge, yābīra umutamana wiwe, yongera kwicara; arababaza, ati Mbega muramenye ico mbagiriye?

13 Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kukw ari ko ndi.

14 Nuko rero, ko jewe mbogeje ibirenge, ndi Shobuja n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge.

15 Kuko mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira.

16 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umushumba ntaruta shebuja, kandi n’intumwa ntiruta uwayitumye.

17 Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.

18 Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.

19 Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngw aho bizobera, muze mwizere ko ndi we.

20 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwākīra uwo nzotuma azoba anyakiriye, kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye.


Yuda yisobanura mu bandi

21 Yesu avuze ivyo, ahagarika umutima, abivuga avyataguye, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umwe muri mwebge agira angure.

22 Abigishwa bararābana, bazazaniwe uwo avuze uw’ ari we.

23 Hārih’ umwe mu bigishwa biwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko bararya, umwe Yesu yakunda.

24 Simoni Petero amuvunira akagohe, ati Tubgire uwo avuze uw’ ari we.

25 Uyo rero ahengamira inyuma, uko yari hano nyene mu gikiriza ca Yesu, aramubaza, ati Ni nde ga Mugenzi?

26 Yesu aramwishura, at’ Uwo nkorezamw’ intore, nkayimuha, azoba ari we. Akojejemw’ intore, arayikūramwo, ayihereza Yuda, mwene Simoni Isikaryota.

27 Hanyuma y’iyo ntore, Satani aca yinjira muri we. Nuko Yesu aramubarira, at’ Ico ukora, gikore n’ingoga.

28 Ariko mur’ abo bicaranye nta n’umwe yamenye ico abimubgiriye.

29 Ariko kuko Yuda ari we yar’ afise umupfuko, bamwe bāgize ngo Yesu yamubgiye, ngo Gura ibizodukwira ku musi mukuru, canke ngw agire ico aha aboro.

30 Na we amaze kwābīra intore, aca asohoka ako kanya: kandi hāri mw ijoro.


Icagezwe gisha

31 Nukw amaze gusohoka, Yesu aravuga, ati Noneh’ Umwana w’umuntu arashimagijwe, kand’ Imana ishimagirijwe muri we.

32 Kand’ Imana, kw ishimagirijwe muri we, na yo izomushimagiriza muri yo, kand’ izomushimagiza vuba.

33 Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk’uko nabgiye Abayuda, nt’ Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababgira namwe.

34 Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.

35 Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’ abigishwa banje.


Yesu avuga ko Petero ahava amwihakana gatatu

36 Simoni Petero aramubaza, ati Mugenzi, uja hehe? Yesu aramwishura, at’ Aho nja ntushobora kunkurikira ubu, arik’ uzonkurikira hanyuma.

37 Petero aramubaza, ati Mugenzi, n’iki kimbuza kugukurikira n’ubu? Erega nzonakwigura.

38 Yesu aramwishura, at’ Ugize ng’ uzonyigura? N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan