Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu asīgirwa amavuta i Betaniya

1 Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho Lazaro yaba, umwe Yesu yazuye mu bapfuye.

2 Barahamuzimanira; Marita yarahereza, kandi na Lazaro yar’ umwe wo mu bicaranye na we basangira.

3 Maze Mariya yābīra ingero y’amavuta atāmirana y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada, ayasīga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kand’ inzu yose itāmiranamw’ ayo mavuta.

4 Ariko Yuda Isikaryota, umwe mu bigishwa biwe, uwagira az’ amugure, aravuga,

5 ati N’iki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabge aboro?

6 Arikw ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, n’uko yar’ umwivyi, agendana umupfuko, agasotōra ku bibītswemwo.

7 Yesu aramubgira, ati N’umureke, kukw ivyo yabibīkiye umusi wo guhambga kwanje.

8 Aboro murāmana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.

9 Ishengero ryinshi ry’Abayuda rimenye kw ari ho ari, baraza, mugabo ntihāri kubga Yesu gusa, ariko kwār’ ukugira ngo barābe na Lazaro yazuye mu bapfuye.

10 Arikw abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we,

11 kuko kubgiwe Abayuda benshi bābavako bakizera Yesu.


Yesu ashika i Yerusalemu ari ku nyana y’indogoba

12 Bukeye bg’aho, ishengero ryinshi ryari ryaje i Yerusalemu mur’ iyo misi mikuru, bumvise ko Yesu azayo,

13 bābīra amashami y’ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera, bati Hoziyana: hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, ni we Mwami w’Abisirayeli.

14 Kandi Yesu abonye inyana y’indogoba, ayicarako, nk’uko handitswe,

15 ngo Nta co utinya, mukobga w’i Siyoni, rāba, Umwami wawe araje, ari ku nyana y’indogoba.

16 Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubga mbere, ariko Yesu amaze guhabga ubgiza bgiwe, ni ho bibutse kw ivyo yavyandikiwe, kandi kw ari vyo bāmugiriye.

17 Nuko rya shengero rimushingira intahe, rimwe ryari kumwe na we hamwe yahamagara Lazaro ngw ave mu mva, akamuzura mu bapfuye.

18 Kandi ni co catumye ishengero rimusanganira, kuko bumvise ko yakoze ico kimenyetso.

19 Arikw Abafarisayo bavugana muri bo, bati Murabona kw ata co mumaze: rāba isi yose yamukondoreye inyuma.


Abagiriki bagomba kurāba Yesu

20 Hār’ Abagiriki bamwe, mu bādūze gusenga mu misi mikuru,

21 bashikīra Filipo w’i Betsayida i Galilaya, baramwinginga, bati Mugenzi, turagomba kurāba Yesu.

22 Filipo araza abibarira Andereya; Andereya na Filipo baraza babibarira Yesu.

23 Yesu arabishura, at’ Igihe kirageze c’uk’ Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe.

24 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Iy’ agatete k’ingano kataguye mw ivu ngo gapfe, kaguma uko kari konyene; arikw iyo gapfuye, gahunda impeke nyinshi.

25 Ūkunda ubugingo bgiwe azobubura, arik’ uwanka ubugingo bgiwe mur’ iyi si azobuzigama gushitsa ku bugingo budashira.

26 Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.

27 Umushaha wanje urahagaze: none mvuge iki? Ngire nti Data, n’unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike mur’ iki gihe.

28 Data, shimagiza izina ryawe. Maz’ ijwi riva mw ijuru, riti Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.

29 Ishengero rihagazeho rivyumvise, riti N’umuturagaro. Abandi bati N’umumarayika avuganye na we.

30 Yesu arabishura, at’ Iryo jwi ntirije kubganje, ariko rije kubganyu.

31 Non’ ubu iyi si iciriwekw iteka, non’ ubu umutware w’iyi si agira ahindirwe hanze.

32 Nanje ni namanikwa hejuru y’isi, nzokwikwegerako bose.

33 Avuga ivyo ar’ukubamenyesha urupfu agira apfe.

34 Ishengero riramwishura, riti Twebge twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohorah’ ibihe bidashira. Non’ uvuze ute ng’ Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa? Mbeg’ uwo Mwana w’umuntu ni nde?

35 Yesu arababgira, ati Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebge: ni mugende mugifise umuco, umwiza woye kubīriranirako. Ūgenda mu mwiza ntamenya iy’ aja.

36 Mugifise umuco, mwizere umuco, ngo mube abana b’umuco. Yesu amaze kuvuga ivyo, arīgīra, arabīhisha.


Abatizeye Yesu

37 Ariko naho yakoreye ibimenyetso bingaho imbere yabo, ntibārushe bamwizera,

38 ngw ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike, ngo, Mwami, ni nde yizeye ico twumvise? Kand’ ukuboko kw’Uhoraho kwahishuriwe nde?

39 Ni co catumye badashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye kuvuga,

40 ati Yabahumye amaso, yabakomantaje imitima, Kugira ngo boye kubonesha amaso, no gutahurisha imitima, No guhindukira, Ngo mbakize.

41 Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubgiza bgiwe, kandi ni we yavuzeko.

42 Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi,

43 kuko bākunda icubahiro c’abantu kukirutisha icubahiro c’Imana.


Icazanye Yesu mw isi

44 Yesu arasemerera, at’ Ūnyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye:

45 ūmbonye aba abonye uwantumye.

46 Naje mw isi nd’ umuco, kugira ng’ ūnyizera wese ntaz’ agume mu mwiza.

47 Ariko ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucirakw iteka; kuko ntāzanywe no gucirakw iteka isi, ariko nazanywe no gukiza isi.

48 Arik’ ūngaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n’ikizomutsindisha: ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w’umuhero.

49 Kukw ivyo ntabivuze mvyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n’ivyo nkwiye gusigura.

50 Kandi ndazi yukw ivyo yageze ar’ ubugingo budashira. Nukw ivyo mvuga, mbivuga nk’uko Data yambariye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan