Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu azura Lazaro

1 Hārih’ uwar’ arwaye, ni Lazaro w’i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita bābako.

2 Uwo Mariya ni we yasīze Umwami Yesu amavuta atāmirana ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uyo Lazaro yar’ arwaye ni we musaza we.

3 Bashiki biwe batuma kuri Yesu, bati Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.

4 Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.

5 Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro.

6 Nuko yumvise kw arwaye, asībira aho hantu yar’ ari imisi ibiri.

7 Hanyuma y’ivyo abgira abigishwa biwe, ati Dusubire i Yudaya.

8 Abigishwa baramubgira, bati Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, non’ usubireyo?

9 Yesu arabishura, ati Non’ isaha z’umurango s’icumi na zibiri? Ūgenda ku murango ntatsitara, kukw abona umuco w’iyi si.

10 Arik’ ūgenda mw ijoro aratsitara, kuk’ umuco utari muri we.

11 Amaze kuvuga ivyo, arababgira, ati Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.

12 Nukw abigishwa baramubgira, bati Mugenzi, asangw’ asinziriye, azokira.

13 Yamara Yesu yavuga urupfu rwiwe, ariko bo bagira ngw avuga kuruhuka kwo gusinzira.

14 Buno Yesu avuga abifoboye, ati Lazaro yahwereye;

15 ariko kubganyu ndanezerewe ko ntāriyo, kugira ngo muze mwizere; noneho ni muze tuje iy’ ari.

16 Toma ari we Hasa abgira abigishwa bagenzi biwe, ati Ngo tugende, dupfane na Yesu.

17 Nuko Yesu ashitse asanga amaze imisi ine mu mva.

18 I Betaniya hāri hafi y’i Yerusalemu nka stadiyo cumi na zitanu.

19 Nukw Abayuda benshi bāri baje kwa Marita na Mariya kubirura kubga musaza wabo.

20 Nuko Marita yumvise ko Yesu aje, aragenda aramusanganira; ariko Mariya asigara yicaye mu nzu.

21 Marita abgira Yesu, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.

22 Kandi n’ubu ndazi kw ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha.

23 Yesu aramubgira, ati Musazawe azozuka.

24 Marita aramwishura, ati Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo.

25 Yesu aramubgira, ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho;

26 kand’ ūriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo?

27 Na we at’ Ego me Mugenzi, nizeye k’uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe wo kuza mw isi.

28 Avuze ivyo, asubira inyuma, yonjorora Mariya, mwene nyina, at’ Umwigisha ari hano, araguhamagaje.

29 Na we avyumvise, ava hasi n’ingoga, aja ah’ ari.

30 Yesu ntiyaribgashike mur’ iyo mihana, ariko yar’ akiri ha handi aho Marita yamusanganiriye.

31 Bun’ Abayuda bāri kumwe na Mariya mu nzu bamwirura, babonye avuye hasi n’ingoga, asohotse, baramukurikira, bagira ngw agiye kuririra ku mva.

32 Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.

33 Yesu abonye kw arira, n’Abayuda bāri kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, arawuhagarika,

34 arababaza, ati Mwamutaye hehe? Bati Mugenzi, ngwino urābe.

35 Yesu ararira.

36 Abayuda baravuga, bat’ Eh’ ingene yamukunda.

37 Ariko bamwe muri bo baravuga, bati Mbeg’ uyo yahumūye amaso y’impumyi, ntiyoshoboye kubuza uyo ngo ntapfe?

38 Yesu yongera kugira ikigumbagumba mu mutima, ashika ku mva; kandi yar’ isenga yugajwe ikibuye.

39 Yesu aravuga, ati Ni mukūreh’ iryo buye. Marita mushiki w’uwapfuye, aramubgira, ati Mugenzi, ereg’ ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine.

40 Yesu aramubgira, ati Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana?

41 Nuko bakūrah’ ikibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije.

42 Jewe nari nsanzwe nzi k’unyumviriza ubudasība, ariko mbivugishijwe n’ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere kw ari wewe wantumye.

43 Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka.

44 Uwari yāpfuye arasohoka, azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababgira, ati Ni mumuhamburure, mumureke, agende.


Abayuda baja inama yo kwica Yesu

45 Nuko benshi mur’ abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera,

46 ariko bamwe muri bo baja ku Bafarisayo, bababgira ivyo Yesu akoze.

47 Nukw abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranya abanyekombe, barababaza, bati Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi.

48 Ni twamurekeraho durtyo, bose bazohava bamwizera, kand’ Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n’ubgoko bgacu.

49 Arik’ umwe muri bo, ni Kayafa, yar’ umuherezi mukuru mur’ uwo mwaka, arababgira, ati Mwebge nta co muzi na mba,

50 kandi nta co mwiyumvira yukw ar’ ibibereye kubganyu k’umuntu umwe apfira abantu, hak’ ubgoko bgose buhona.

51 Ivyo ntiyabivuze avyigeneye, ariko, kuko yar’ umuherezi mukuru mur’ uwo mwaka, yavugishijwe ko Yesu agira apfire ubgo bgoko;

52 kandi s’ubgo bgoko bgonyene, ariko ngw abana b’Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe.

53 Nuko bahēra uwo musi baja inama yo kumwica.

54 Maze Yesu ntiyaba akigenda yibonekeza mu Bayuda, arikw avayo, aja mu gihugu kiri hafi y’ubugaragwa mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa.

55 Maze Pasika y’Abayuda yarikw irashika, benshi bava mu misozi, badūga i Yerusalemu, Pasika itarashika, ngo bihumanure.

56 Maze barondera Yesu, babazanya bahagaze mu rusengero, bati Mbega, mugira ngw iki? Ubgo ntazoza mur’ iyi misi mikuru?

57 Kand’ abaherezi bakuru n’Abafarisayo bāri bashinze ng’ uwomenya ah’ ari aharange, ngo bamufate.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan