Yohana 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uko Jambo yihinduye umuntu, ni Yesu Kristo 1 Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’ uwo Jambo yar’ Imana. 2 Uwo yahoranye n’Imana ubga mbere na mbere; 3 vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we. 4 Muri we hārimw’ ubugingo, kand’ ubgo bugingo bgar’ umuco w’abantu. 5 Uwo muco wākira mu mwiza, arik’ umwiza ntiwawākiriye. 6 Haje umuntu yatumwe n’Imana, izina ryiwe ni Yohana; 7 uwo yazanywe no kuba igishingantahe, ngw ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubgiwe. 8 Uwo si we wa muco, ariko kwar’ ugushingira intahe umuco. 9 Umuco w’ukuri, wākira umuntu wese, warik’ uraza mur’ iyi si. 10 Yari mw isi, kand’ isi yaremwe na we, arikw isi ntiyamumenya; 11 yaje mu vyiwe, arikw abiwe ntibāmwākiriye. 12 Arikw abāmwākiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe, 13 ni bo batāvyawe n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’ umubiri, canke n’ukwifuza kw’ umugabo, ariko bāvyawe n’Imana. 14 Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri. 15 Yohana amushingira intahe, arasemerera, at’ Uwo ni we navuze, nt’ Ūza inyuma yanje ni we yar’ uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho. 16 Kukw ibibōgabōga muri we ari vyo twahaweko twese, n’ubuntu bugerekeranye n’ubundi. 17 Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo. 18 Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije. Abayuda babaza Yohana Umubatizi uw’ ari we 19 Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde? 20 Na we aravyatura, ntiyahisha ukuri, aravyatura, ati Si jewe Kristo. 21 Baramubaza, bati None se bimeze bite? Uri Eliya? Ati Sindi we. Bat’ Uri wa muntu avugishwa n’Imana? At’ Oya. 22 Baramubaza, bati Non’ uri nde, ngo tuje kwishura abādutumye? Kuri wewe wivuga ute? 23 Ati Nd’ ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa, ati Ni mugorore inzira y’Uhoraho, nk’uk’ uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze. 24 Kand’ abo bātumwe bār’ Abafarisayo; 25 baramubaza, bati Non’ ubatiriza iki, k’utari Kristo, ntube Eliya canke wa muntu avugishwa n’Imana? 26 Yohana arabishura, ati Jeho mbatiza mu mazi; hagati muri mwebge hahagaze uwo mutazi, 27 ni we aza inyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye gupfundurura akagozi k’inkweto yiwe. 28 Ivyo vyabereye i Betaniya, hakurya ya Yorodani aho Yohana yabatiriza. Yohana yita Yesu Umwagazi w’intama w’Imana 29 Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi. 30 Uyo ni we navuze, nt’ Inyuma yanje hazoza umuntu yar’ uw’ imbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho. 31 Nanje sinaribgamumenye, ariko kugira ngo yerekwe Abisirayeli, ni co catumye nanje nza mbatiza mu mazi. 32 Kandi Yohana ashinga intahe, ati Nabonye Mpwemu amanuka ava mw ijuru asa n’inuma, aguma kuri we; 33 kandi jewe sinaribgamumenye, arik’ Uwantumye kubatiza mu mazi, ni we yambariye, at’ Uwo uzobona Mpwemu amanuka aja kuri we, akamugumako, ni we abatiza muri Mpwemu Yera. 34 Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuk’ uyo ar’ Umwana w’Imana. Andereya na Simoni bakurikira Yesu 35 Bukeye bg’aho, Yohana yongeye guhagararana na babiri mu bigishwa biwe, 36 yitegereza Yesu agendagenda, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana. 37 Abo bigishwa babiri bumvise ukw avuga, bakurikira Yesu. 38 Yesu akebutse, abona bamukurikiye, arababaza, ati Murondera iki? Baramubgira, bati Rabi (risobanurwa ngo Mwigisha), usembereye hehe? 39 Arababgira, ati Ni muze muharābe. Nuko baragenda, babona ah’ asembereye, basībira ah’ ari uno musi, hāri nk’isaha cumi. 40 Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, yar’ umwe mur’ abo babiri bumvise Yohana, bagakurikira Yesu. 41 Uyo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubgira, ati Twabonye Mesiya (risobanurwa ngo Kristo). 42 Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubgira, at’ Uri Simoni mwene Yohana; uzokwitwa Kefa (risobanurwa ngo Petero). Filipo na Natanayeli bakurikira Yesu 43 Bukeye bg’aho Yesu agomba kuvayo ngw aje i Galilaya, abona Filipo, aramubarira, ati Nkurikira. 44 Kandi Filipo uyo, i wabo n’i Betsayida, igisagara c’i wabo wa Andereya na Petero. 45 Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu. 46 Natanayeli aramubaza, ati Mbeg’ i Nazareti hova iciza? Filipo aramubgira, ati N’uze urābe. 47 Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako, at’ Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ ubugunge. 48 Natanayeli aramubaza, ati Wammenyeye hehe? Yesu aramwishura, ati Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y’umusukoni, nakubonye. 49 Natanayeli na we aramwishura, ati Mwigisha, ur’ Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli. 50 Yesu aramwishura, ati Wijejwe n’uko nkubgiye yuko nakubonye uri musi y’umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo. 51 Arongera aramubgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgira yuko muzobona ijuru rikingurutse, kand’ abamarayika b’Imana badūga bamanuka ku Mwana w’umuntu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi