Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yobu 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yobu yishura Biludadi, ahakana kw atar’ indyarya

1 Maze Yobu arishura,

2 ati N’ivy’ ukuri nzi kw ari ko biri: Arik’ umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana?

3 Igomvye kumubūranya Ntiyobona iryo kuyishura, haba na rimwe mu gihumbi.

4 N’inyabgenge mu mutima, n’inyabushobozi mu nkomezi: Ni nde yayikomantajek’ umutima, akaroranirwa?

5 Yimura ibisozi ntibibimenye, Ikavyubikana uburake bgayo.

6 Itigitisha isi, igatirimuka ahantu hayo, Inkingi zayo zikanyiganyiga.

7 Ibuza izuba ntirirase, N’inyenyeri ikazitwikira.

8 Igaranzura amajuru iri yonyene, Ikagendera ku mikuba y’ ikiyaga.

9 Irema inyenyeri zitwa Arukuturo na Oriyoni na Kilimiya, N’ibirēre vy’i bumanuko.

10 Ni yo ikora ibihambaye bidaserangurika, Mbere n’ibitangaza bitoharūrika.

11 Rāba inca i ruhande sindayibone, Ikīrēngānira sindayimenye.

12 Isūmira ico iteye: ni nde yoyikimiranya? Ni nde yoyibaza, at’ Ivyo ugira n’ibiki?

13 Imana ntizokūrah’ uburake bgayo: Ingabo za Bgibone zubama musi yayo.

14 None jewe noshobora nte kuyishura, No kuronka amajambo yo kuyibūranya?

15 Naho noba mfise urubanza sinoyishura, Noyisaba imbabazi, kukw ari yo Mucamanza wanje.

16 Naho notakamba, ikitaba, Sinokwizigira ko yokwumviriza ivyanje.

17 Kukw imvunaguza igihuhuta, Ikanyongeranyakw ibikomere impōye ubusa.

18 Ntinkundira guhumeka, Arikw inyuzuza umubabaro.

19 Namba tuvuga inkomezi z’ umunyenkomezi, rāba na yo ni yo! Namba tuvuga ivyo kubūrana, ni nde yoyihamagaza?

20 Naho noba mfise urubanza, akanwa kanje nyene ni ko kontsindisha: Naho noba ntunganye, konyagiriza ubugorame.

21 Na none ndatunganye! Sincibabaye; Ngaye ukubaho kwanje.

22 Vyose ni co kimwe: ni co gituma mvuga, Nt’ Irandurana ūtunganye n’ umunyakibi.

23 Icago ni caduka kikica abantu, Ipfa kwitwengera ivyago vy’ abatācumuye.

24 Isi itanzwe mu maboko y’ inkozi z’ibibi; Ikinga mu maso h’abacamanza b’isi; Namb’ atari yo, none yoba nde se?

25 Imisi yo kubaho kwanje irihuta kurusha impayamaguru: Irahunga, ariko nta ciza ibona.

26 Iridunya nk’ibitebo vy’inkorogoto bisoza, Nk’inkukuma yirasa gufata ico ihīga.

27 Iyo mvuze, nti Hinge nirengagize amaganya yanje, Nēyūre mu maso hanje, hace:

28 Na ho nyene nca ntinya imibabaro yanje yose, Nkamenya yuk’ utazoncira urw’ abatācumuye.

29 Nzotsindwa: None rero n’iki gituma ntamishwa n’ubusa?

30 Naho nokwiyuhagiza shelegi, Ngakaraba isabuni;

31 Na ho nyene womvumbagaza mu muvo, Impuzu zanje zikanzinukwa.

32 Ereg’ Imana s’umuntu nkanje, ngo ndayishure, Ngo tujane tuje kubūrana.

33 Nta muhūza ariho hagati yacu Wo kudushirakw amaboko twempi ngo twuzure.

34 Noneho n’inkūrekw inkoni yayo, Igitinyiro cayo coye kuntera ubgoba.

35 Ni ho novuga ndayishize ubgoba; Kuko mu mutima wanje uko ndi atari ko mboneka.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan