Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yobu 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbeg’ umuntu akiri mw isi ntaba ari mu ntambara? N’imisi yiwe si nk’iy’ umucangero?

2 Nk’uk’ umugurano yifuza igitūtu, N’umucangero akarereka ingero yiwe,

3 Ni ko nahawe umugabane w’ amezi y’umwunamo, Kandi nashingiwe amajoro y’umuruho.

4 Iyo ndyamye, ndavuga, Nti Buca ryari ngo mvyuke? Ndāra ndagaragurika bukarinda buca.

5 Umubiri wanje utwikiriwe n’inyo, utaramyekw ivyomeke vy’umukungugu; Urukoba rwanje ruratarurira, rugasaduka.

6 Imisi yanje irihuta kuruta ico umujishi w’impuzu ajishisha, Ishira ata vyizigiro.

7 Ibuka se k’ubugingo bganje ar’ umuyaga gusa: Ijisho ryanje ntirigisubira kubona ivyiza ukundi.

8 Ijisho ry’uwambona ntirigisubira kundāba; Amaso yawe uzoyanshirako, ariko nzoba ntakiriho.

9 Nk’ukw igicu cēyūka kigakamangana, Ni ko n’ūmanuka aja mu kuzimu atazosubira kudūga ukundi.

10 Ntazogaruka mu nzu yiwe ukundi, Kand’ aho yaba ntihazoba hakimwibuka ukundi.

11 Ni co gitumye ntiyumanganya; Ngira mvuge kubg’ umubabaro w’umutima wanje; Ndiganyira kubg’ akabonge ko mu mushaha wanje.

12 Mbega nd’ ikiyaga? Canke se nd’ igikōko co mu kiyaga, K’unshinze abarinzi?

13 Iyo mvuze, nt’ Uburiri bganje buzommara umubabaro, Ikirago canje kizonyorohereza amaganya;

14 Na ho nyene unkangisha inzozi, Ukanca ivutu mu vyo neretswe;

15 Bigatuma umutima wanje uhitamwo gupfuma nnigwa, Mpisemw’ urupfu kuruta kugumana aya magufa yanje.

16 Kubaho kwanje ndakuzinutswe; singomba kuramba: Enda se n’umpumekere, kukw imisi yanje ata co imaze.

17 Umuntu n’iki, ah’ umukuza, Ukamushirak’ umutima,

18 Ukamugendera uko bukeye, Ukāma umugerageza na ntaryo?

19 Uzogeza ryari kutankūrakw ijisho, Ng’ umpumekere, mmire amate?

20 Namba narakoze icaha, wewe nagutwaye iki ga Ngenzuzi y’abantu? N’iki gituma unshinga nk’ uruti rw’icumu utīmba, Bigatuma nirambirwa?

21 Kandi n’iki gituma utamparira igicumuro canje, ng’ unkūrek’ ukugabitanya kwanje? Kuko vuba ngiye kuryama mu mukungugu, Nawe uzondonderana umwete, ariko nzoba ntakiriho.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan