Yobu 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Enda takamba: mbega har’ ūzokwishura? Ni nde wo mu bera wotabaza? 2 Ereg’ igipfu ni co cicwa n’ umwikomo, N’imburabgenge ni yo yicwa n’ishari. 3 Ubganje nabonye igipfu kiriko kirashōra imizi, Ubgo nyene mvuma ahantu kiba. 4 Abana biwe bari kure y’ ubuhungiro; Bahonyorerwa mw irembo, Ata wo kubakiza. 5 Ivyimburwa vyabo bimarwa n’abashonje, Mbere bajana n’ibimera mu mahwa, Kand’ abafise inyota bifuza ibintu vyabo. 6 Kukw amarushwa atava mu mukungugu, Kandi n’ivyago bitamera biva mw ivu. 7 Arik’ umuntu avukira amagorwa, Nk’ukw amasase atabura gutarukira mu kirēre. 8 Arikw iyaba jewe, mba narambambiye Imana, Iryo mfise mba naryitwaye ku Mana; 9 Ni yo ikora ibihambaye bidaserangurwa, N’ibitangaza bidaharūrika; 10 Ni yo irekurira imvura kw isi, Igakwiza amazi mu ndimiro; 11 Ni yo ishira hejuru abaciye bugufi, N’abari mu mubabaro ibashira mu mahoro. 12 Yica imigabo y’ingunge, Kugira ngw amaboko yazo ntāgire ingene yoyishitsa. 13 Itegesha abanyabgenge ubugunge bgabo ubgabo, Kand’ inama z’ibidadi irazisāvya. 14 Bahūra n’umwiza ari ku murango, Bakabakaba no mu mashōka nko mw ijoro. 15 Arikw ikiza umugorwa inkota yo mu kanwa kabo, Mber’ imukiza ukuboko kw’ umunyenkomezi. 16 Uko ni k’umworo agira ivyizigiro, Abagabitanya bakazibga akanwa. 17 Hahirwa umuntu Imana ihana: Nuko rero ntukagaye igikangiro c’Ūshobora vyose. 18 Kukw ari yo ikomeretsa, kand’ ikaba ari yo isomōra; Irakubita, kand’ amaboko yayo akaba ari yo atīmbūra. 19 Izokurokora mu vyago bitandatu, Mbere no mu vyago ndwi nta kibi kizogukorako. 20 Muri kigoyi izogukiza urupfu, No mu ntambara igukize ubushobozi bg’inkota. 21 Uzohishwa intega y’ururimi; Kandi ntuzotinya ubugesera buje. 22 Ubugesera n’amapfa uzobitwenga; Kandi ntuzotinya ibikōko vyo mw isi. 23 Kuk’ uzosezerana isezerano n’ amabuye yo mu gasozi; Kand’ ibikōko vyo mu gasozi bizokwuzura nawe. 24 Kand’ uzomenya yukw ihema ryawe rir’ amahoro: Uzogendura urugo rw’imikuku yawe, usange ata kibuze. 25 Kand’ uzomenya yuk’ uruvyaro rwawe ruzogwira, N’abagukomokako bakaba nk’ ivyatsi vyo ku misozi. 26 Uzoja mu mva wīsāziye neza, Nk’ikinyankinda bazana igihe kigeze. 27 Rāba, ivyo ni vyo twagenzuye, dusanga ari ko biri: Nawe n’uvyumve, wīkūriremw’ ivyokugirira ikimazi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi