Yobu 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Elifazi abgira Yobu kw Imana idahana abatācumuye 1 Maze Elifazi w’i Temani aramubarira, 2 ati Mbeg’ uwogerageza kugira ico akubarira, vyokubabaza? Ariko se har’ uwokwama afumbije? 3 Rāba ingene wahora wigisha benshi, Wakomeza amaboko areganutse. 4 Amajambo yawe yaramira uwarikw aratemba, Kandi wagumisha amavi aregarega. 5 Ariko none ni wewe bishitseko, kand’ urihebuye; Biraguteye, uhagarika umutima. 6 Mbeg’ ivyizigiro vyawe s’uko wubaha Imana? Kand’ inzira zawe zigororotse si zo wishimira? 7 Ibuka ndakwinginze, ni nde yigeze kugesera atācumuye? Canke har’ ah’ abagororotsi bigeze kurandurwa? 8 Nk’uko ngenda mbibona, abarima ibigabitanyo, Bakabiba amagorwa, ni vyo bazokwimbura. 9 Bagesezwa n’impwemu z’ Imana, Bakamarwa n’igihuhuta c’ uburake bgayo. 10 Kwivuga kw’intambge, n’ijwi ry’intambge y’inkazi birahezwa, N’imikāka y’imigunza y’intambge iravunagurwa. 11 Intambge nah’ ikomeye yicwa no kubura ico ifata, Kand’ ibibgana vy’intambge birasābagira. 12 Nuko, har’ ijambo ryanshitseko mu mpisho, Maz’ ugutwi kwanje kwumva utwongoshwa twaryo. 13 Nciyumvira ivyiyumviro bivuye mw iravūta ryo mw ijoro, Igihe itiro ryinshi ritwaye abantu, 14 Mfatwa n’ubgoba n’agatengo, Bituma amagufa yanje yose atetemera. 15 Maz’ impwemu zihita imbere yanje, Ubgoya bgo ku mubiri wanje buramerereza. 16 Haca haboneka ikintu gihagaze, ariko sinashobora kwihweza uko casa; Hār’ ishusho imbere y’amaso yanje: Habah’ agacerere, maze numva ijwi rivuga, 17 Ngo Mbeg’ umuntu buntu yorusha Imana kugororoka? Mbeg’ umuntu yorusha Umuremyi wiwe gutungana? 18 Rāba kw itizigira abasavyi bayo, N’abamarayika bayo kw ibabonakw amafuti, 19 None ntivyorushiriza ku baba mu nzu z’ibumba, Amatanguriro yazo akaba mu mukungugu, Bahonyoreka nk’inyenzi? 20 Hagati y’igihe c’igitondo n’ umugoroba baravunagurwa: Bapfa akagīrīre, ntihagire ūbishirak’ umutima. 21 Mbeg’ umugozi w’ihema ryabo ntiwabakūwemwo? Bapfa, kand’ ata bgenge. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi