Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yobu 22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Elifazi arundanya ivyaha kuri Yobu, amubgira ngo yihane

1 Maze Elifazi w’i Temani arishura,

2 ati Mbeg’ umuntu yoshobora kugirira Imana ikimazi? Ushime n’umunyabgenge nta wundi yokigirira shiti kucīgirira ubgiwe.

3 Mbeg’ ukugororoka kwawe kurahimbara Īshobora vyose? Canke se gutunganya ingeso zawe har’ ico biyungura?

4 Mbeg’ ukuyubaha kwawe ugira ngo ni kwo kwatumye iguhana, Ikagushira mu rubanza?

5 S’ukw ivyaha vyawe bikomeye? Mber’ ibigabitanyo vyawe ntibigira akagero.

6 Kuko wanyaze bene wanyu ingwati z’ubusa, Ugakoba impuzu z’abatagira ico bambara.

7 Umuntu arushe ntiwamuhaye amazi yo kunywa, Kand’ umushonji wamwimye ivyo kurya.

8 Ūhambaye ni we yiganziye igihugu, Ūtinywa mu kigohe akacībēramwo.

9 Wirukanye abapfakazi bagenda imvumure, N’amaboko y’impfuvyi aravunagurwa.

10 Ni co gituma imitego igukikije, Ubgoba bga giturumbuka buguhagaritse umutima,

11 N’umwiza na wo ukagukikiza, ukakubuza kubona, Kand’ amazi menshi akakurengera.

12 Mbeg’ Imana ntiri hejuru mw ijuru? Kandi rāba inyenyeri ziri hejuru iyo bigwa, ingene zir’ ahītereye kure!

13 Nawe ukavuga, ngw Imana izi iki? Kand’ uti Yoshobora ite guca imanza iri mu mwiza w’ umuzitanya?

14 Ut’ Ibicu bitwaye intunda birayitwikiriye, biyibuza kubona; Yigendagendera ahihese hejuru kw ijuru.

15 Mbeg’ ugomba gukomeza inzira ya kera, Iy’ abanyakibi bājanye?

16 Bācakiwe igihe cabo kitaragera; Itanguriro ryabo ryatemvye nk’umugezi.

17 Bakabgira Imana, bati Tuve i ruhande; Bat’ Īshobora vyose yotumarira iki?

18 Yamara yujuje inzu zabo ivyiza: Inama z’abanyakibi zikaba kure yayo.

19 Abagororotsi barabibona bakanezerwa, Abatarikw igicumuro barabatwengera mw ijigo,

20 Bati N’ukuri abāri badukūriye hasi bararanduwe, N’amasigarira yo muri bo atongowe n’umuriro.

21 Enda rero ni wiyuzuze na yo, ubone kuba amahoro: Uko ni k’uzobona amahirwe.

22 Ndakwinginze, wemere kwigishwa n’ibiva mu kanwa kayo, Amajambo yayo uyabīke mu mutima wawe.

23 Ni wagaruka kw Īshobora vyose, Ugashira ukugabitanya kure y’urugo rwawe, uzokomezwa.

24 Rekurira itunga ryawe mu mukungugu, N’izahabu yavuye muri Ofiru uyirekurire mu mabuye yo mu migezi;

25 Maz’ Īshobora vyose izokubera itunga, N’ifeza y’igiciro kinini.

26 Ni ho uzonezererwa Īshobora vyose, Ukunamurira amaso yawe ku Mana.

27 Uzoyisaba, na yo izokwumva; Kand’ uzoshitsa amasezerano yawe.

28 Iy’ ugize ico ugabira, kizokubera uko wagomba, Kand’ umuco uzomurika mu nzira zawe.

29 Ni bagutsinda hasi uzovuga, uti Har’ ikimvyutsa; Kand’ uwicisha bugufi Imana izomukiza.

30 Mber’ izorokora n’ūrikw igicumuro: N’ukuri uzorokorwa no gutungana kw’amaboko yawe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan