Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yobu 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Satani yongera guhāririza Imana ku vy’ukugororoka kwa Yobu

1 Uwundi musi abana b’Imana baje bashengereye Uhoraho, na Satani azanana na bo gushengerera Uhoraho.

2 Uhoraho abaza Satani, at’ Uvuye hehe? Satani yishura Uhoraho, ati Mvuye gukwiragira mw isi no kuyigendagendamwo.

3 Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi? Erega yakomeje ukugororoka kwiwe gushitsa n’ubu, naho wanteye kumugeseza ata co ndamuhōye.

4 Maze Satani yishura Uhoraho, at’ Amagara akābga ayandi! Mber’ ivy’ umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.

5 Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, utere amagufa yiwe n’umubiri wiwe, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.

6 Uhoraho yishura Satani, at’ Eh’ ari mu kuboko kwawe; kimwe gusa, uzigurize ubugingo bgiwe.


Satani agerageza Yobu ku mutumba wiwe

7 Nuko Satani aca arasohoka, ava imbere y’Uhoraho, atēza Yobu ibihute bikomeye uhēreye mu bgōro bg’ikirenge ugashitsa mu gitwariro.

8 Nuko yābīra urujo rwo kwiyagarisha; araheza yicara ku gikuburiro c’umunyota.

9 Maz’ umugore wiwe aramubaza, ati Mbega n’ubu uracakomeje kwa kugororoka kwawe? Tuka Imana, upfe uveho.

10 Arikw aramwishura, at’ Uvuze nk’umwe wo mu bagore b’ibipfapfa. Mbega none twohabga ivyiza bisa mu biganza vy’Imana, tukanka kwākīra n’ibibi na vyo? Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoresheje icaha akanwa kiwe.


Abakunzi ba Yobu batatu baza kumugarukirako

11 Nukw abakunzi ba Yobu batatu bumvise ivyo vyago vyose vyamuteye, baraza, umuntu wese muri bo ava i we: Elifazi w’i Temani, na Biludadi w’i Shuhi, na Zofari w’i Nayama; baragana indagano kuja kumugarukirako no kumugandaza.

12 Bunamuye amaso bakiri kure ntibaruha bamumenya, baca baraturika bararira; umuntu wese muri bo yitantamurirak’ umutamana wiwe, basūrira umukungugu hejuru y’ imitwe yabo.

13 Maze bicarana na we hasi, bamara imisi ndwi ku murango no mw ijoro; ntihāgira ūmubgira ijambo, kubgo kubona umubabaro wiwe kw ari mwinshi cane.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan