Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yobu 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yobu abarira Elifazi yuko kumwirura kwabo kwabaye kumucurīra gusa

1 Maze Yobu arishura,

2 ati Numvise vyinshi ben’ ivyo: Mwese mur’ abagandazi bagorana.

3 Mbeg’ amagambo atwarwa n’umuyaga ntazogira iherezo? Ikigutera kwishura n’iki?

4 Erega nanje noshoboye kuvuga nkamwe, Iyaba ari mwebge mwari mumeze nkanje, Nanje noshoboye gukoranya amagambo yo kubanegura, Nkabazunguriza umutwe.

5 Nanje nobaremeshesha akanwa kanje, Kwirura kwo gupfa kubomboranya iminwa yanje kwoborohereza.

6 Yamara n’iyo ngize ico mvuga, umubabaro wanje ntiworoherwa; Canke niyumanganije, ntugabanuka.

7 Ariko noneh’ irambutamitse, Yagesheje abanje bose.

8 Yaransūmiye, bihinduka ibinyagiriza: Kunanuka kwanje kwankūriye hasi, kuranyagiriza imbonankubone.

9 Yantabaguranye uburake bgayo impōye ubusa; Yandyanirije insya z’amenyo; Īndwanya intungiriye igitsure.

10 Baranyasamiye n’akanwa kabo, Bankoze kw itama bantuka; Bankoraniyeko.

11 Imana yangabuye mu batayubaha; Intereye mu maboko y’inkozi z’ibibi.

12 Nari nibereye mu mahoro, maz’ iramvunagura; Mbere yansūmiye kw izosi, irankenyagura: Kand’ inshinga nk’uruti rw’ icumu.

13 Abarashi bayo bantanze irya n’ino, Intobekeranije mu mafyigo ata kagongwe; Ishēshe amara yanje hasi.

14 Yiyongeranya kunca ibihengeri, Insūmiye imeze nk’ikigatanya.

15 Nibaririyekw amagunira ku mubiri wanje; Ihembe ryanje narishiburiye mu mukungugu.

16 Amaso yanje akobowe no kurira, Kand’ igitūtu c’urupfu cubikije ku bigohe vyanje;

17 Nah’ ata muryano wari mu maboko yanje, Kand’ ugusenga kwanje kukaba kwari gutunganye.

18 Wa si we, ntutwikire amaraso yanje, Gutakamba kwanje ntikugire aho guhengeshanya.

19 Rāba n’ubu Icabona canje kiri mw ijuru, Ūnyineze ar’ iyo hejuru.

20 Abakunzi banje barankēngēra, Arikw ijisho ryanje risuka amosozi imbere y’Imana,

21 Kugira ngo habeh’ uwitsa ivy’ umuntu ku Mana, Nk’uk’ umuntu avugira mugenzi we!

22 Kukw imyaka mike ni yashira, Nzojana inzira ntazogarukamw’ ukundi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan