Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yobu 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yobu yishura Zofari kw ar’ abantu buntu

1 Maze Yobu arishura,

2 ati N’ukuri umenga ni mwebge bantu muriho mwenyene, Kandi yuk’ umenga ubgenge buzojana namwe!

3 Erega nanje nzi ubgenge, si mwebge gusa, ntimubundusha; Mbega ben’ ivyo har’ ūtabizi?

4 Mpindutse nk’agatwengo kuri bagenzi banje: Nahora ntabaza Imana, ikantabara, Nd’ umugororotsi, nd’ umuntu atunganye, none mpindutse agatwengo.

5 Mu mutima w’uwihiririwe habamwo gukēngēra abagowe; Ūnyereye wese aratwengwa.

6 Ingo z’abambuzi zigira amahirwe, N’abavyogoroza Imana baba amahoro; Inkomezi zabo ni zo bagize imana yabo.

7 Enda baza ibikōko, bizokwigisha; N’inyoni zo mu kirēre, zizokubarira:

8 Cank’ uvugane n’isi, izokwigisha; N’amafi yo mu kiyaga azobikudondera.

9 N’ikihe mur’ ivyo vyose kitomenya yuk’ ukuboko kw’ Uhoraho ari kwo kwabikoze?

10 Ni we afise mu kuboko kwiwe ubugingo bg’ikintu cose kizima, N’impwemu z’ababaho bose.

11 Mbeg’ ugutwi si kwo gutondanuza amajambo, Nk’ukw akanwa kumviriza ivyo kurya?

12 Ubgenge bufiswe n’abatāma, Kand’ ukumenya gufiswe n’ abamaze igihe kirekire.

13 Arikw iyo yo ni yo ifise ubgenge n’inkomezi; Ni yo ifise inama no kumenya.

14 Rāba, irasambura, ntihasubire kwubakika; Yugarana umuntu, ntihashobore kwuguruka.

15 Rāba, yimana amazi, agakama; Vyongeye yayarekura, akūbika isi.

16 Ni yo ifise inkomezi n’ubgenge bushitse; Ūgunga n’ūgungwa n’abayo.

17 Ishorera abajanama ar’ inyagano, N’abacamanza ibahindura ibipfu.

18 Ikenyurura inkindi z’abami, Ikabakenyeza imigozi.

19 Ishorera abaherezi ar’ inyagano, Icurikiranya abakomeye.

20 Abār’ imvuzi ibahindura ibiragi, Kand’ abashingantahe ibāka ubgenge bgabo.

21 Isuka agakēngērwe ku bahambaye, Ikadohora umukanda w’abahizi.

22 Iserura ibitamenyekana vyo mu mwiza, Kand’ igitūtu c’urupfu igishira ahabona.

23 Igwiza amahanga, kand’ ikayarandura; Ishwiragiza amahanga, kand’ ikayagarukana.

24 Abatware b’amoko yo mw isi ibāka ubgenge, Ibayerereza mu bugaragwa ahatagira inzira.

25 Bakabakabira mu mwiza ahatagira umuco, Kand’ ibadandabagiranya nk’ imborerwa.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan