Yobu 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Zofari abgira Yobu kw azoronka amahoro yihannye 1 Maze Zofari w’i Nayama arishura, 2 ati Mbeg’ isinzi ry’amajambo ntirikwiye kwishurwa? Ugira ng’umuntu yotsindanishirizwa n’ukw ar’ imvuzi? 3 Canke kwihayagiza kwawe gukwiye guhoza abantu? Iy’ utukana nta wuriho yotuma ugira n’udusoni? 4 Kuk’ uvuga, ng’ Uk’ uri kwose uragororotse, Kandi ngo Nawe uratunganye mu nyonga zayo. 5 Arikw icompa Imana ikavuga, Igateranura akanwa ikakwishura: 6 Ikakwereka amabanga y’ ubgenge, Uko bumeze kw ar’ igitangaza: Ni ho womenya yukw Imana itakugiriye ibihwanye n’ ibigabitanyo vyawe. 7 Mbega woshobora kugenzura ibidashikīrwa vy’Imana? Woshobora kumenya Īshobora vyose ukanonosora? 8 Biri hejuru nk’ijuru; wogira ute? Bir’ i bgina kuruta i kuzimu; womenya iki? 9 Urugero rwavyo rusumba isi uburebure, Rusumba ikiyaga ubgaguke. 10 Iyo yiyiziye, igata abantu mu ngoyi, Igakoranya abo kuja mu rubanza, ni nde yoyibuza? 11 Kukw itayobewe abantu b’ imburakimazi, Ibona n’ibigabitanyo itarinze kuvyitegereza. 12 Arik’ umuntu we, ubgenge bgiwe n’ubujuju: Mber’ avuka nk’inyana y’ indogoba y’inyeshamba. 13 Ariko weho, ni watunganya umutima wawe, Ukaya amaboko imbere yayo; 14 Namba har’ ukugabitanya mu kuboko kwawe ugute kure, Kandi ntukundire ibitagororotse ko biba mu mahema yawe: 15 N’ukuri ni ho uzokwunamura amaso yawe ata gasembga ufise; Mber’ uzokomera, ntuzotinya. 16 Kuk’ uzokwibagira umubabaro wawe, Uzowibuka nk’amazi yatemvye; 17 Kand’ ubugingo bgawe buzokwaka kurusha umurango w’amashōka; Naho hoba umwiza, hazomera nk’umuco wo mu gatondo‐tondo. 18 Kand’ uzoba amahoro, kuko harih’ ivyizigiro; Mber’ uzokenguza, wiruhukire ata nkomanzi. 19 Kand’ uzokwiryamira, ntihagire ūgutera ubgoba; Mbere benshi bazogusaba ng’ ubatonere. 20 Arikw amaso y’abanyakibi azokoboka, Ntibazobona aho guhungira; Kand’ ivyifuzo vyabo n’ugupfa. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi