Yobu 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Umutima wanje urambiwe n’ukubaho; Ngira nziburure amajojwa yanje, Mvugishwe n’akabonge ko mu mutima wanje. 2 Mbgire Imana, nti Ntuntsindishe: N’ummenyeshe igituma umbūranya. 3 Mbeg’ ubona ari vyiza wewe guhahaza, Ugakēngēra igikorwa c’amaboko yawe, Ukākishiriza umuco imigabo y’abanyakibi? 4 Mbeg’ ufise amaso y’umubiri? Canke se urāba nk’ukw abantu barāba? 5 Ah’ imisi yawe ingana n’iy’ umuntu? Canke se imyaka yawe ihwanye n’imisi y’umuntu? 6 Bituma ubaririkiriza ibigabitanyo vyanje, Ugasesangura icaha canje, 7 Kand’ uzi ko ntarikw igicumuro, Kw ata woshobora kundokora ngw ankūre mu kuboko kwawe? 8 Intoke zawe ni zo zambumvye, Ziranteranya uko ndi wese: yamara non’ uranyishe. 9 Ibuka, ndakwinginze, yuko wambumvye nk’ibumba: None se ugira unsubize mu mukungugu? 10 Mbega ntiwansutse nk’amata, Ukamvuza nk’urubu? 11 Wanyambitse urukoba n’ inyama, Undandikanisha amagufa n’ imitsi. 12 Wampaye ubugingo, ungirira imbabazi; Kungendera kwawe ni kwo kwanzigamiye umutima. 13 Yamara rero wamye uhishije ibindi mu mutima wawe, Kand’ ivyo wagabiye nzi kw ar’ ibi: 14 Iyo nkoze icaha unshinga ijisho, Kandi ntuzomparira ivyo nagabitanije. 15 Namba narakoze ibibi, mbonye ibara; Kandi namba nd’ umugororotsi, na ho nyene sinkivyutsa umutwe: Nuzuyemw’ ibitētērwa, nkitegereza umubabaro wanje. 16 Kandi n’iyo novyutsa umutwe, woca umpīga nk’intambge; Maz’ ukongera kunyiyereka ur’ akūmiza. 17 Usubira kuzana ivyabona vyawe kunyagiriza ukundi gusha; Ukangwizak’ ubushangashirwe bgawe; Ibintera binyungikanako. 18 None se n’iki catumye unkūra mu nda ya mama? Mba naracikanye, ntihagire ūnkubita ijisho. 19 Mba narabaye nk’ūtigeze kubaho, Bakanterurira mu mva nkiva mu nda ya mama. 20 Mbeg’ imisi yanje si mike? Ntabara undeke, Umpumekere, kugira ngo nduhuke gatoya, 21 Ntaraja aho ntazogaruka ukundi, Mu gihugu c’umwiza n’ic’ igitūtu c’urupfu, 22 Igihugu c’umwiza w’umuzitanya, nk’uk’ umuzimagiza nyene umeze, Ic’ igitūtu c’urupfu, ahatagira umutekano, Ah’ umuco umeze nk’umwiza. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi