Yesaya 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesaya avugishwa ivy’ Umwami azovuka, ari we Mukiza 1 Ariko ntibuzosubira kwiriranira ukundi ku wahoze ari mu mubabaro. Mu gihe ca kera yateye agakēngērwe igihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali, ariko mu gihe co hanyuma yagiteye icubahiro, ku nzira ikikiye ikiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya h’abanyamahanga. 2 Abantu bāgendera mu mwiza babonye umuco mwinshi, abāba mu gihugu c’igitūtu c’urupfu ni bo bākiwe n’umuco. 3 Wagwije ihanga, wabongeye umunezero, banezererwa imbere yawe, nk’umunezero wo mw iyimbura, nk’uw’ abantu banezerwa bagabanganye iminyago. 4 Kukw igiti c’ingōgo bāmuremēka, n’ubuhiri bāmukubita mu butikorwa, n’inkoni y’uwamuhahaza, wabivunaguye nko kuri wa musi w’Abamidiyani. 5 Kukw ivyākīngira abafise ibirwanishwa mu ntambara, n’impuzu zivumbagajwe mu maraso, bizoba ivyo gucanwa, bibe inkwi z’umuriro. 6 Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro. 7 Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo. Imana ihana abantu bayo, barushiriza kutayumvira 8 Umwami Imana yarungitse ijambo kuri Yakobo, rishika kuri Isirayeli. 9 Abantu bose bazobimenya, ni bo Befurayimu n’ababa i Samariya, bavuga bīhayagiza, buzuye ubgibone mu mitima yabo, 10 bat’ Amatafari yarasenyutse, ariko tuzokwubakisha amabuye abāje; ibiti vy’imisukomora vyaraciwe, ariko tuzosubizah’ ivy’ amasederi. 11 Ico ni co kizotuma Uhoraho abahagurukiriza abansi ba Rezini kubatera, kand’ akabagomorera ababisha babo; 12 Abasiriya bazomuturuka imbere, Abafilisitiya na bo bamuturuke inyuma: bazokwasamira Isirayeli bamutsontsomere. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye. 13 Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo. 14 Ni co kizotuma Uhoraho azoca Abisirayeli umutwe n’umurizo, ishami ry’ikigazi n’umubere, ku musi umwe. 15 Umugabo mukuru w’icubahiro ni we mutwe, kandi kamenyi yigisha ibinyoma ni we murizo. 16 Kukw abarōngōra ubu bgoko babuzimiza, kand’ abarōngōwe na bo barahona. 17 Ni co gitumye Umwami Imana atazonezererwa imisore yo muri bo, kand’ atazoterwa akagongwe n’impfuvyi zo muri bo n’abapfakazi: kukw abantu bose ar’ abatubaha Imana, bakaba inkozi z’ibibi, kandi n’akanwa kose kakavuga ubupfu. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye. 18 Kukw ibigabitanyo biturira nk’umuriro, utongora imikere n’amahwa, ukadomeka n’ibisaka vyo mw ishamba, bigacika umwotsi wipfundikanya utwaje intunda hejuru. 19 Uburake bg’Uhoraho Nyen’ ingabo ni bgo butumye igihugu gitongoka: abantu na bo bakamera nk’inkwi z’umuriro; nta wugirira akagongwe mugenzi we. 20 Umuntu azosahurira i buryo bgiwe, ariko yame ashonje; azorya n’ivy’ i bumoso, na ho nyene ntahāge: umuntu wese azorya mugenzi we kw inyama. 21 Manase azorya Efurayimu, Efurayimu arye Manase; kandi bompi bazokwifatanya gutera Yuda. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi