Yesaya 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesaya abūrira Damasiko na Samariya ko hazogesezwa 1 Maz’ Uhoraho arambarira, ati Wābīre igisate kinini, ucandikeko mu nyuguti zisomeka, uti Bīhutira iminyago, bītera mw isahu. 2 Nanje nzokwitorera ivyabona vyo kwizigirwa vyo kubishingira intahe, umuherezi yitwa Uriya, na Zekariya mwene Yeberekiya. 3 Nuko ndārira umugore w’ūvugishwa, asama inda, avyara umuhungu. Maz’ Uhoraho aca arambarira, ati Mwite Maheri‐shalali‐hashi‐bazi. 4 Kuk’ uwo mwana ataramenya ubgenge bgo guhamagara, ati Data, canke Mama, ubutunzi bg’i Damasiko n’ iminyago y’i Samariya bizojanwa kw inyagano n’umwami w’i Ashuri. 5 Uhoraho yongera kumbarira, 6 at’ Ubu bgoko ko bganse amazi ya Shilowa atemba buhoro, bakanezerezwa na Rezini na mwene Remaliya, 7 nuko rero jewe Umwami Imana ngira mbatēze amazi ya rwa ruzi rundi, amazi menshi y’inkomezi, ni yo mwami w’i Ashuri n’icubahiro ciwe cose: azosēsa ku nkombe ziwe zose, adēngēre amasēsero yiwe yose; 8 kand’ azosēndēra ashike i Buyuda: azosendanisha ahahitane, ashike no mw izosi ry’umuntu; kandi gusanza amababa kwiwe kuzokwira igihugu cawe cose, yewe Imanuweli. 9 Ni mukorane, mwa mahanga mwe: ariko muzovunagurika; tega amatwi, mwebge mwese bo mu bihugu vya kure: mukenyere, ariko muzovunagurika! Mukenyere, ariko muzovunagurika! 10 Ni muje inama, ariko zizopfa ubusa; ni muje ingingo, ariko ntizoshika, kukw Imana iri kumwe natwe. 11 Kuk’ Uhoraho ambariye artya, anshizek’ ukuboko kw’inkomezi, anyihanikiriza ngo singendere mu nzira y’ubu bgoko, 12 ati Ntimwite imihigo vya bindi vyose ubgo bgoko bgita imihigo; ntimukagire ubgoba nk’ubgabo, kandi ntimukaranduke imitima. 13 Uhoraho Nyen’ ingabo abe ari we mwemera ko yera, abe ari we ababera agahambaye, abe ari we ababera igiteye ubgoba. 14 Nukw azobabera ahēra; arikw azobera inzu zompi z’Abisirayeli ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha, abere n’ababa i Yerusalemu ururiba n’ umutego. 15 Benshi bazoritsitarako, batembe bavunagurike, bazotegwa bafatwe. 16 Andika ivyo washingiye intahe, ubimatanishe ishashara, ubihe abigishwa banje babishirek’ umutima. 17 Kandi nzokwitega Uhoraho, ari we ahisha ab’ inzu ya Yakobo mu nyonga hiwe, nzokwama ndamwizigira. 18 Ehe twe n’abana Uhoraho yampaye tur’ abo kubera Abisirayeli ibimenyamenya n’ibitangaza biva k’Uhoraho Nyen’ ingabo aba ku musozi Siyoni. 19 Kandi ni bababgira, ngo Ni mubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira bongorera: mbeg’ ikibereye abantu ntibāri bakwiye kubaza Imana yabo? Mbeg’ ivy’ abariho vyobazwa abapfuye? 20 Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce. 21 Bazoca mu gihugu bamerewe nabi cane bashonje: maze ni bafatwa n’inzara bazoshangashirwa, bavume umwami wabo n’ Imana yabo; bazorarama barābe hejuru: 22 bazokwitegereza no kw isi, basange har’ ivyago n’umwiza n’umubabaro ubīriraniyeko: maze bazohindirwa mu mwiza w’umuzitanya. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi