Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yesaya 57 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umugororotsi arikw araherengetera, kandi nta wubishirak’ umutima; abubaha Imana bariko barakūrwaho, kandi nta wubibabaye. Umugororotsi akūwe mu vyago,

2 ashitse mu mahoro; umuntu wese muri bo yagendera mu nzira igororotse ashitse mu buruhukiro bgiwe.

3 Ni mwīgire hino, mwa bana b’umurozikazi, mwa ruvyaro rw’ umusambanyi n’umusambanyikazi.

4 Uwo mutwenga akāmuhinya ni nde? Uwo muha ibinoko ni nde, mukamucira inyeri? Mbega ntimur’ abana b’ibicumuro, uruvyaro rw’ibinyoma,

5 abītera gushuha muri mu biti vy’ imyeloni no musi y’igiti cose gitotahaye, mukicira abana mu myonga, no mu bihoro vyo mu bitandara?

6 Mu nguru ziba mu mwonga ni ho har’ umugabane wawe; izo nyene ni zo mugabane wawe; izo ni zo wūhiye ishikanwa ry’ibiturire, ukaziterekēra. Mbeg’ ivyo novyiyumanganya?

7 Ku musozi muremure ni ho wubatse uburiri bgawe; kandi ni ho wadūga, ukaja gutanga ibimazi.

8 Kandi washize icibutso cawe inyuma y’inzugi n’ibishimaryango; kuko wampemukiye, ukiyambikira abandi ubusa; wūrira ku buriri bgawe, urabgagura, wemeranya na bo impēra; wanezererewe kuryamana na bo, ubona ubgambure bgabo.

9 Washengereye umwami ujanye amavuta atāmirana n’imbazi wagwijije; utuma intumwa zawe kure, urīmanura, urinda ushika i kuzimu.

10 Wagenze urugendo runini rurakunaniza, yamara ntiwisubiramwo, uti Nta kimazi; urahava uriyungunganya, ni co catumye utihebura.

11 Mbeg’ uwo watinya ukamugirira ubgoba ni nde, bigatuma ubesha, ntunyibuke, ng’ ubishirek’ umutima? Mbega simmaze igihe kinini ncereje, si co catumye utanyubaha?

12 Nzoserura ukugororoka kwawe n’ibikorwa vyawe; ariko ntibizogira ico bigufasha.

13 Ni watakamba, vya bigirwamana warundanije birakurokora! Yamara rer’ umuyaga uzobitwara, impwemu zihumetswe gusa zibikūreho vyose: arik’ ūnyizigira ni we azoganza igihugu, kandi ni we azoragwa umusozi wanje wera.

14 Kand’ azovuga, ati Ni muharure, ni muharure, mutunganye inzira, mukūre ibitsitaza mu nzira y’abantu banje.


Imana ibana n’ūfise umutima umenetse

15 Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.

16 Kuko ntotongana ibihe vyose, kandi sinokwama ndatse: kukw imitima n’ubugingo naremye vyodendebukirirwa imbere yanje.

17 Icaha ciwe c’igono ni co candakije ndamukubita, ndihisha, ndaraka: yamar’ ashishikara gukikamira mu nzira ikundwa n’umutima wiwe.

18 Inzira ziwe narazibonye, kandi nzomukiza; nzomurōngōra, nzoheruka kumwirurana n’abāmuborogera.

19 Ni jewe ndema ishimwe riva mu minwa. Amahoro, amahoro abe k’ūri kure no k’ūri hafi, nanje nzomukiza, ni k’Uhoraho agize.

20 Arikw abanyakibi bameze nk’ikiyaga gisuriranya; kuko kidashobora guhwekera, kand’ amazi yaco azīkurura isūri n’imyanda.

21 Nta mahoro ku banyakibi, ni kw Imana yanje igize.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan