Yesaya 53 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Ni nde yemeye inkuru zacu? Kand’ ukuboko kw’Uhoraho kwahishuriwe nde? 2 Kuko yakuriye imbere yiwe nk’ikironge, kandi nk’agashami kava mw ivu rigadutse. Ntiyar’ afise ishusho nziza cank’ igikundiro, kand’ aho twamubona ntiyar’ afise ubgiza bgotumye tumwifuza. 3 Yarakēngērwa, agahurwa n’abantu; yar’ umunyamibabaro, yar’ azi intimba ic’ ari co; yakēngērwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe nta co twamwibajijeko. 4 N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye; ariko tweho twamwiyumviriye nk’ uwakubiswe, nk’uwacumiswe n’ Imana, akicurikirizwa n’akabonge. 5 Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’ imishishagu yiwe ni yo idukiza. 6 Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese. 7 Yaracuranguzwa, yamar’ akarendeka, ntiyakūrak’ umunwa; nk’ umwagazi w’intama ujanwa mw ibāgiro, canke nk’ukw intama itekerereza imbere y’abayikemura, ni kw atākūyek’ umunwa. 8 Yakūweho no kugirirwa nabi no gutsindishwa; mu bo mu runganwe rwiwe ni nde yabishizek’ umutima ko yakūwe mw isi y’abakiriho? Ibicumuro vy’abantu banje ni vyo yakubitiwe. 9 Bāgeze kw ahambga hamwe n’abanyavyaha, asangira imva n’umutunzi mu gupfa kwiwe; nah’ ata kibi yakoze, kand’ ata guhemana kwari mu kanwa kiwe. 10 Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe. 11 Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhāza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo. 12 Ni co gituma nzomugabanganya umugabane n’ abahambaye, kand’ azogabura iminyago n’abanyenkomezi; kuko yasutse ubugingo bgiwe, akageza ku gupfa, agaharūranwa n’abanyabicumuro: yamar’ ubgiwe yishizekw icaha ca benshi, kand’ asabira abanyabicumuro. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi