Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yesaya 51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ukw Abisirayeli bazosubizwa mu gihugu cabo

1 Ni munyumve, yemwe abakurikirana ukugororoka, yemwe abarondera Uhoraho: mwitegereze igitandara mwasatuweko, n’inganzo mwimbgemwo.

2 Mwitegereze Aburahamu sogokuruza, na Sara yabavyaye; kuko hamwe Aburahamu yar’ akir’ umwe rudende namuhamagaye, nkamuha umugisha, nkamugwiza.

3 Kuko jewe Uhoraho namaze Siyoni umubabaro; namaze umubabaro imisaka yaho yose, kand’ ubugaragwa bgaho nabugize nka Edeni, n’ubgeranyange bgaho nabugize nk’itongo ryanje, jewe Uhoraho; hazobonekamw’ umunezero n’uguhimbarwa, bo n’ishimwe n’ijwi ry’inanga.

4 Bantu banje, ni munyumvirize; hanga ryanje, muntege ugutwi; kukw icagezwe kizova kuri jewe, kandi nzoshinga amateka yanje ngw abe umuco w’amahanga.

5 Ubugororotsi bganje buri hafi, agakiza kanje karaserutse, amaboko yanje azocira amahanga amateka; ababa ku kiyaga bazonyitega, kand’ ukuboko kwanje ni kwo bazokwizigira.

6 Ni mwunamurire amaso yanyu mw ijuru, mwitegereze no kw isi hasi: kukw ijuru rizokamangana nk’umwotsi, n’isi izosāza nk’umwambaro, n’abayibako bazopfa nk’isazi: arikw agakiza kanje kazokwamah’ ibihe bidashira, kand’ ukugororoka kwanje ntikuzogira iherezo.

7 Yemwe abazi ivy’ ukugororoka, ihanga rifise ivyagezwe vyanje mu mitima yanyu, ni munyumve: ntimugatinye ibitutsi vy’abantu, canke ngo murandurwe imitima n’ ugucokora kwabo.

8 Kukw inyenzi zizobarya nk’umwambaro, n’ ifukunyi izobarya nk’ubgoya bg’ intama: arik’ ukugororoka kwanje kuzokwamah’ ibihe bidashira, n’ agakiza kanje uk’ urunganwe ruzogenda rukurikirana.

9 Ikangure, ikangure, wambare inkomezi, ewe wa kuboko kw’ Uhoraho; ikangure nko mu misi ya kera, nko ku runganwe rw’ibihe vyashize, uko rwagenda rukurikirana. Mbega si wewe wahimbaguye Rahabu, ugasogota ca gisato c’amahēro?

10 Si wewe wakamije ikiyaga, amazi maremare yo mw idamba; ugahindura i bgina bgo mu kiyaga kuba inzira ngw abācunguwe bayicemwo?

11 Nukw abācunguwe n’Uhoraho bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero utazoshira uzohora ku mitwe yabo; bazoronka umunezero n’uguhimbarwa, kand’ umubabaro no gusuhuza umutima bizohunga vyambuke.

12 Ni jewe, ni jewe nyene mbahūmuriza; uri nde utinya umuntu, kand’ azopfa; n’umwana w’ umuntu, kand’ azohinduka nk’ivyatsi?

13 ukibagira Uhoraho Umuremyi wawe, ari we yagaranzuye amajuru, agashirah’ amatanguriro y’isi; maz’ ukīriza umusi utinya uburake bg’ūhahaza, iyo yiteguye guhonnya: non’ uburake bg’ūhahaza buri hehe?

14 Abāfashwe mpiri bakambukanwa bazorekurwa vuba; ntibazopfa ngo baje muri rwa rwobo, kand’ ivyo kurya vyabo ntibizobura.

15 Kuko jewe nd’ Uhoraho Imana yawe, ntera ikiyaga gusuriranya, imipfunda yaco ikabomborana: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje.

16 Kandi nshize amajambo yanje mu kanwa kawe, ngutwikirije igitūtu c’ukuboko kwanje, kugira ngo ngaranzure ijuru risha, nshireh’ amatanguriro y’isi nsha, mbarire ab’i Siyoni, nti Mur’ abantu banje.

17 Ikangure, ikangure, vyuka uve hasi, ewe Yerusalemu, uwo Uhoraho yasomesheje ku gikombe c’uburake bgiwe; wanyoye ku gakarabo ari ko gikombe c’ukudandabagiranya, uracīrāngūza.

18 Mu bana wavyaye bose ntiharih’ uwo kukurōngōra; kandi mu bo wareze bose nta wo kugufata ukuboko.

19 Ibi vyompi ko bigushitseko, ni nde azokuririra? Ko haje ibitongozi n’ugusangangurwa, bo n’inzara n’inkota, nokuremesha nte?

20 Abana bawe bararavye, bahindikiranye ku mayirabiri hose, nk’impongo iguye mu mutego; bamazwe n’uburake bg’Uhoraho, ni kwo guhana kw’ Imana yawe.

21 None rero ni wumve ibi, wa mpahazwa we, uborewe utanyoye vino:

22 uku ni k’Umwami wawe Uhoraho agize, ari we Mana yawe ibūranira abantu bayo, at’ Ehe nkūye ca gikombe c’ukudandabagiranya mu kuboko kwawe, ni ko ka gakarabo, ari ko gikombe c’uburake bganje; ntuzosubira kukinywak’ ukundi:

23 ngiteretse mu kiganza c’abaguhahaza, c’abākubarira, bat’ Ubika inda, tuguceko; nawe ugatega mu mugongo hawe nko hasi, canke nk’inzira, ngo bahahite.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan