Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yesaya 49 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umushumba w’Uhoraho, ni we muco w’amahanga

1 Ni munyumve, yemwe ababa ku kiyaga; namwe mahanga ya kure, tega amatwi. Uhoraho yampamagaye ntaravuka; nkiri mu nda ya mama yamvuze izina:

2 akanwa kanje yakagize nk’inkota ikarishe, ampisha mu gitūtu c’ukuboko kwiwe; kandi yampinduye umwampi usennye, mu mutana wiwe ni ho anzigamira rwose.

3 Kandi yarambariye, ati Ni wewe musavyi wanje, Isirayeli, uwo nzoherwamw’ icubahiro.

4 Ariko ndavuga, nti Naruhijwe n’ubusa, inkomezi zanje zapfuye ubusa, nazikoresheje ibitagira ikimazi: yamara rer’ urubanza rwanje ruseguwe n’Uhoraho, kand’ Imana yanje ni yo izompēra.

5 None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we yambumvye nkiri mu nda ngo mbe umusavyi wiwe, ngo ndamugarukanire Yakobo, Abisirayeli bakoranirizwe kuri we; kuko nd’ umwubahwa mu nyonga z’Uhoraho, kand’ Imana yanje yambereye inkomezi;

6 aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.

7 Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wa Isirayeli, Uwera wiwe, abgira umwe abantu bakēngēra, uwo ihanga ryanka urunuka, umushumba w’ abaganza, at’ Abami bazobirāba bahaguruke; bo n’abaganwa, bakome amashi; kubg’ Uhoraho umwizigirwa, ni we Wera wa Isirayeli yagutoranije.

8 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Mu gihe co kwemererwamwo ndakwishuye, no ku musi wo gukirizwako ndagutabaye; kandi nzogukiza, ngushireho ube isezerano ry’abantu, kugira ng’ usibure igihugu, utume basubizwa mw ishamvu yabo yabaye imisaka.

9 Kand’ ubgire imbohe, uti Ni musohoke; n’ abari mu mwiza, uti Ni museruke ahabona. Bazogenda barisha umwagambo ku mayira, kand’ ahār’ uruharabuga hejuru ku misozi hazobabera ivyanya.

10 Ntibazokwicwa n’inzara canke n’inyota, kand’ indugumba ntizobahundagaza cank’ izuba: kuk’ uwabagiriye ikigongwe azobaja imbere, akabashikana no ku masōko y’amazi.

11 Imisozi yanje yose nzoyihindura inzira, n’amarango yanje nzoyashira hejuru.

12 Ehe bamwe bazova kure: eh’ abandi bazova i burārūko n’i burengerazuba, kand’ abandi bazova mu gihugu c’i Sinimu.

13 Ririmba, mwa majuru; nezerwa wa si we; turika muririmbe, mwa misozi miremire, kuk’ Uhoraho amaze umubabaro abantu biwe, kand’ atewe akagongwe n’abāhahajwe biwe.

14 Ariko Siyoni ho haravuga, hat’ Uhoraho yarampevye, Umwami Imana yaranyibagiye.

15 Mbeg’ umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bgiwe? Ni koko, abo boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira.

16 Ehe ngushushanije mu biganza vyanje; inzitiro zawe ndazihozakw amaso.

17 Abana bawe baza bihuta; abāguhoneje n’abāguhinduye amatongo bazokuvamwo bagende.

18 Unamura amaso urābe impande zose: ba bandi bose barakoranye, bariko baraza kuri wewe. Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho agize, uzobīsakara nk’uwambaye utugenegene, uzobakenyera use n’umugeni.

19 Kukw amatongo yawe n’ imisaka yawe n’igihugu cawe cāgeshejwe, n’ukuri noneho hazokwagira abazohaba, kand’ abāri baragutsontsomeye bazoba kure.

20 Abana wari wānyazwe bazovugira mu matwi yawe, bat’ Aha hantu haratwagiye: segenya turonke aho tuba.

21 Maz’ uzokwibaza mu mutima, uti Mbeg’ aba nabavyariwe na nde? Ko nari naranyazwe abana banje, nkaba nd’ imbura n’igicibga n’inyererezi! Ko nari nsigaye nd’ inyakamwe, aba bo bamye hehe?

22 Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzorāmvurira amahanga ukuboko kwanje, nshingire amoko ibendera yanje; nuko bazozana abahungu bawe babakikiye mu gikiriza, n’abakobga bawe babateruye ku bitugu.

23 Kand’ abami bazokubera ba se babakurerera, n’abamikazi babo bazokubera ba nyina babakwonkereza; bazokwikubita imbere bubamye hasi, barigate umukungugu wo ku birenge vyawe; nawe uzomenya ko nd’ Uhoraho, kand’ abanyiteze ntibazomāramāra.

24 Mbeg’ abahizi bonyagwa iminyago, cank’ abagororotsi bajanywekw inyagano borokorwa?

25 Arik’ uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abāfashwe mpiri n’abahizi, na bo bazobanyagwa, kand’ iminyago y’abantu b’agaterabgoba izorokorwa: kukw ari jewe nzokurwanira, nkarwanya ūkurwanya, kandi nzokiza abana bawe.

26 Kand’ abaguhahaza nzobagaburira inyama zabo ubgabo, bazoborerwa ayabo maraso nk’ūborewe vino novu; kand’ abantu bose bazomenya ko jewe Uhoraho nd’ Umukiza wawe, n’Umucunguzi wawe, Inyenkomezi ya Yakobo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan