Yesaya 43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uhoraho wenyene ni we Mucunguzi 1 Ariko none, uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye, yewe Yakobo, kand’ akakubumba, yewe Isirayeli, ati Ntutinye, kuko nagucunguye, naguhamagaye izina, ur’ uwanje. 2 Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura. 3 Kuko jewe nd’ Uhoraho Imana yawe, Uwera wa Isirayeli, Umukiza wawe. Nagutangiriye Egiputa kw incungu, Etiyopiya na Seba nahahevye kubgawe. 4 Kuko wabaye uw’ igiciro kinini mu nyonga zanje, n’umwubahwa, nanje nkagukunda, ni co gitumye nzoheba abantu kubgawe, n’amahanga kubg’ ubugingo bgawe. 5 Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; nzozana uruvyaro rwawe ndarukūye i burasirazuba, nzogukoraniriza hamwe ndagukūye i burengerazuba; 6 nzobgira i burārūko, nti Barekure, n’i bumanuko, nti Ntubīmane; zana abahungu banje ubakūye kure, n’abakobga banje ubakūye ku mpera y’isi; 7 n’umuntu wese yitirirwa izina ryanje, uwo naremeye icubahiro canje: naramubumvye, mbere naramuremye. 8 Sohora impumyi zifise amaso, n’ibipfamatwi bifise amatwi. 9 Amahanga yose n’akoranywe, amoko yose n’ahūrire hamwe: ni nde muri bo yoshobora kubimenyekanisha, akatwereka ivyabayeh’ ubga mbere? Ni bazane ivyabona vyabo batsindishirizwe; canke ni bumve bemere, bati N’ivy’ ukuri. 10 Ni mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize, n’abasavyi banje natoranije, kugira ngo mummenye kandi munyizere, kandi mutahure ko nd’ uwo ndi we: nta mana yigeze kubumbga hirya yanje, kandi nta yizonza mu nyuma. 11 Jewe, jewe nyene nd’ Uhoraho; kandi nta wundi Mukiza atari jewe. 12 Ni jewe nabitāngāje, ni jewe nakijije, ni jewe nabimenyekanishije, kandi nta yindi mana yariho muri mwebge: ni co gituma ari mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize, kandi ni jewe Mana. 13 Eka ndi yo, uhereye no ku musi w’itanguriro; kandi nta woshobora kugira ico arokora ngw agikūre mu kuboko kwanje. Jewe ico nkora, ni nde yokibuza? 14 Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wanyu, Uwera w’ Abisirayeli, ati Natumye i Babuloni kubganyu, nzomanura abaho bose ar’ impunzi, ni bo Bakaludaya, mu māto bishimira. 15 Ni jewe Uhoraho, Uwera wanyu, Umuremyi wa Isirayeli, Umwami wanyu. 16 Uku ni k’Uhoraho agize, ni we aca inzira mu kiyaga, n’indari mu mazi asuriranya, 17 agashikimura imikogote n’amafarasi, ingabo n’abahizi; birambaraye hamwe, ntibizovyuka ukundi; biradegeye, birazimye nk’ urutambi: 18 ati Mwoye kwibuka ivya mbere, kandi ntimwiyumvire ku vya kera. 19 Ehe ngira nkore ikintu gisha: ko kigira giseruke ubu, mbega ntimuzokimenya? Nzoca inzira no mu bugaragwa, ntembeshe inzūzi ahagadutse. 20 Ibikōko vyo mw ishamba bizonyubaha, bo n’imbgebge n’ibisīga vyitwa imbuni, kuko ntanze amazi mu bugaragwa, ngatembesha inzūzi ahagadutse, kugira ngo nnyweshe abantu banje, bamwe natoranije, 21 abantu niremeye kugira ngo bamenyekanishe ishimwe ryanje. 22 Ariko rero, Yakobo we, ntiwanyambaje; Isirayeli we, waramparurutse. 23 Ntiwanzaniye imyagazi y’ibimazi vyawe vyo kwosa, kandi ntiwanyubahishije ibimazi vyawe. Sinakugoje kunshikanira amashikanwa, sinakuruhishije imibavu. 24 Nta vyitwa kanehe imota neza wanguriye amahera, kandi ntiwampāgije ibinure vy’ibimazi vyawe; ariko ni wewe wangoje ivyaha vyawe, mbere wanduhishije ibigabitanyo vyawe. 25 Jewe, ni jewe nyene nsibanganya ibicumuro vyawe kubganje nyene, kand’ ivyaha vyawe sinzovyibuka ukundi. 26 Nyibutsa, tubūrane; shinga urubanza rwawe, kugira ng’utsindishirizwe. 27 Sogokuruza wa mbere yakoze icaha, n’abashikirwa bawe bancumuyeko. 28 Ni co kizotuma ntētereza abakuru b’ahēra, kandi Yakobo nzomuhindura ikivume, na Isirayeli igitutsi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi